L’an deux mille vingt-deux, le vingt sixième jour du mois d’août, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 101ème séance plénière de la sixième législature en rapport au message d’information de Son Excellence Monsieur le Président de la République du Burundi adressée au parlement du Burundi pour l’informer sur le déploiement d’un contingent de la force de Défense nationale du Burundi en République Démocratique du Congo
Les travaux de la séance ont été dirigés par le Président du Sénat, Très Honorable Emmanuel SINZOHAGERA. Cette séance qui a vu la participation de 31 sénateurs, a débuté, comme d’habitude, par une prière à 10 heures 32 minutes.
Voici en intégralité le déroulement de la séance :
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
La séance est ouverte.
Mwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Mwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
bubahwa bakenguzamateka ;
namwe bubahwa musanzwe murangurira imirimo yanyu mu Nama Nkenguzamateka ;
namwe bamenyeshamakuru mwatugendeye ;
turashima Imana ko isubiye kuduha kino gitondo ciza, tukaba tukiri bazima, hari benshi bitakunze, tubakengurukira ko ku munsi w’ejo twabararitse kugira ngo muze kubera ko hariho ibikorwa vyihuta bisabwa, mukaba rero mwitavye kano kamo.
Ariko kandi vyabaye ngombwa yuko tubanza guhinyanyura programme des activités, integuro y’ibikorwa mwemeje ku ndwi iheze, kugira ngo dushiremwo ibindi bikorwa bishasha. Sinzi ko bamaze kubarungikira kugira ngo twemeze le programme imbere yuko tuja ku gikorwa nyezina.
Mu kurindira turahaye ikaze abubahwa bahora hanze, Nyakwubahwa icegera ca kabiri yari yagiye muri mission, urugendo rwa kure cane muri Corée du Sud ni yo yari yagiye, tugashima Imana ko yamugaruye amahoro. Honorable Carine yari gucungera amatora i Naïrobi muri Kenya, yamazeyo igihe kitari gito, nawe turashima ko vyagenze neza. Honorable Jean Bosco nawe yategerezwa kugenda muri Angola ariko ntivyakunze, nawe nyene yari kugenda gucungera amatora, harabaye akagorane mu buhinga. Rero kuri abo bose bashoboye kuja muri ubwo butumwa bakaba bagarutse amahoro, tubishimira Imana kuko kugenda ni kimwe, kugaruka ni ikindi.
Rero nizera ko vyamaze gushika. Ubutumwa bwamaze gushika bwa programme ? Kuri programme yemejwe ku ndwi iheze hariho itegeko rya statut des fonctionnaires. Mu bisanzwe bari kuba baryize muri Assemblée Nationale ku wa gatatu, mugabo hariho ivyo basanze bitarimwo ku buryo vyabaye ngombwa ko baryigiza inyuma. Twebwe twari twateguye yuko tworyiga le 31 août 2022.
Kubera ivyo vyabaye, vyabaye ngombwa ko twoyikurako. Kuko muri Assemblée Nationale naho ntibararyiga bivanye n’ako kabazo kabaye. Par contre, twiyumviye yuko le premier et le deux twoca tuhashira question orale. Murazi twese tuba hagati mu benegihugu murazi ibibazo bihari muravyumva. Au niveau du Bureau na Bureau élargi twiyumviriye yuko twipfuza abashikiranganji babiri twoshira kuri programme, le premier tugatumako Umushikiranganji w’ubworozi, akaba ariwe aza kugira ngo tuvugane ku bibazo nka bitatu principales.
Ikibazo ca mbere kiri en rapport n’isukari kuko burya SOSUMO itwarirwa muri Ministère de l’agriculture.Ikibazo ca kabiri ni ikijanye n’ifumbire hanyuma ikigira gatatu kijanye n’ibitungwa bitariko biragurishwa kandi abavyeyi bageze gutwara abana mw’ishure. Nta soko y’ibitungwa ihari kandi ubuzima buca buba très compliquée. Kuko aho duciye turi mu ma descentes, abenegihugu barafise ingorane y’ingene bazotwara abana babo kw’ishure. Hanyuma nk’uko mubizi twavyumvikanye, nta bindi bibazo twobaza gusa kuri ivyo bibazo kugira ngo tubiheze bitorerwe inyishu. Il faut nyene nimba ari une question orale, twinjira en profondeur y’ikibazo hanyuma duheze kugira ngo ntituze turavanga, ugasanga hariho vyinshi turiko turabaza duhejeje ugasanga ntaco dutahanye kiri au concret.
Hanyuma le deux, twoca dutumako le Ministre wa Commerce. Le Ministre du Commerce kubera ko hariho ibibazo bijanye n’ibiciro que ça soit au transport aho vy’ukuri tubona yuko abantu bimonogoje. Hariho ikibazo c’isima mu benegihugu, hariho ikibazo kijanye n’amakaye, ibiciro vyaduze ku rugero abenegihugu bibaza bati que ce passe-t-il ? Umengo ni ivyo twosaba ko umuco abo bashikiranganji. Hanyuma na produits BRARUDI, aho naciye muri izi deux semaines mu ma descentes maze iminsi ngira bambarira ngo nta na kayeri k’umuti tukibona. Finalement abantu bagire bapfe kubera ko babuze umuti w’ikiyeri ! Nababajije nti abaganga basigaye bandika umuti w’ikiyeri ? Nti sinari nzi yuko hasigaye hariho umuti w’ikiyeri ! Nti mugabo ko mubivuze tuzosaba uyo muti uboneke ntimuhave mupfa ! Rero murumva yuko ce n’est pas facile.
Nk’abajejwe kuvugira abenegihugu ni ngombwa Umushikiranganji aze atubwire, uwo muti uboneke, abantu ntibahave badupfirako ! Hanyuma tubure ingene duteza imbere igihugu kubera yuko abantu bapfuye kubera babuze umuti w’ikiyeri, akayeri k’umuti! Ivyo biri mu bibazo twibaza twobaza vy’ukuri Nyakwubahwa Umushikiranganji atubwire aho ingorane ziri. Rero iyo ni yo question orale twiyumvira twogira kuri programme mbonye banzaniye. Nibaza yuko le 31 mwokurako ku bindi bintu banditse ngo réunion du bureau mwoyikurako kuko hazoba hari ama travaux en commissions. Ibi nabonye mwanditse le 31 muravye le 31 août banditse ngo réunion du bureau bobikurako, ni travaux en commissions.
Uno munsi le 26 ni ho twaciye tugira réunion du bureau élargi kugira ngo duce twemeza ino programme hanyuma hariho une communication de Son Excellence Monsieur le Président de la République du Burundi aux honorables sénateurs duca tubabwira kuko vyabaye ngombwa yuko muyironka dans l’urgence. Une communication duca tubabwira.
Rero turavye ino programme yacu, ni ukuvuga yuko à part ivy’uno munsi harimwo ino communication. Tuzoca dusubira gukorana le 1er na le 02 septembre 2022, jeudi tuganire n’Umushikiranganji wa environnement, agriculture et élevage aho muca mwumva yuko la commission, d’ailleurs umenga bino bibazo twobiha 2 commissions. Mwumvise ivyo twipfuza tugaca turungika ivyo bibazo nyene. Ikaba vraiment débat hapana yuko duca tuzanamwo ibindi, oya! Kumwe mwabisaba, nimba tumurungikira ibibazo bitatu bibe ivyo nyene. Wumvise utanyuzwe ubandanye ubaza gushika unyuzwe imbere yuko tugenda ku kibazo kigira kabiri. Comme ça twopfuma tubaza ibibazo bike mugabo vraiment tukabinonosora. Hako tubaza ibibazo mirongo itandatu, umuntu agataha ata na kimwe atahanye. Ubundi amategeko araturekurira yuko chaque semaine twipfuza gutumako umushikiranganji, nta mvo nimwe twotegura question orale y’ibibazo mirongo itandatu dushobora gutegura bitatu canke bine, hanyuma tumukeneye ibindi akazoza ku yindi ndwi. Ni uburenganzira duhabwa n’amategeko.
Rero twoca turaba ama commissions yogenda kudutegurira bino bibazo. Ni ibibazo twese tubamwo, si ibintu urinda kwiyumvira cane. Duce tubirungika ku munsi wa mbere canke ku munsi wa kabiri vyatevye. Hanyuma ku munsi wa kane canke ku munsi wa gatanu bace baza. Oui, Honorable Victor na Pascal mbona bakirije urutoke.
Umukenguzamateka GASUNZU Pascal
Murakoze kumpa aka akanya. Jewe nagire nsabe ku kibazo ca agriculture ko ariwe anajejwe ibidukikije dushiremwo ikibazo kijanye na environnement. Ni ikibazo kijanye no mu Kibira kuri irya barrage ya Rwegura. Irya barrage amazi yaragabanutse cane rwose. Jewe naragiye ndabaza umuyobozi ajejwe ivya environnement aca ambwira ko ico kibazo bakibona ngo mugabo ngo haza imbere la sécurité alimentaire. Jewe mbona gushira imbere la sécurité alimentaire wibagiye environnement naho nyene nibaza ko ata co vyomara. Mu bisanzwe impande y’irya barrage bashizeho ibikorwa vya ISABU bongera bashiraho ibikorwa vya DPAE yo mu Kayanza. Amazi rero yaragabanutse cane ku buryo kidatorewe inyishu ari ingorane.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ico kibazo twogishiramwo kuko ni inkoramutima.
Umukenguzamateka GIRUKWISHAKA Victor
Jewe nari mfise iyindi préoccupation twovugana canke tukayivuganako ng’aha. Murabona bagize iminsi bavuga ibijanye n’indwano ya Ukraine n’Uburusiya bakavuga ko Africa igiye gusinzikara kubera les céréales tutazosubira kuronka, ko tugiye gupfa. Aha iwacu novuga nk’ingano n’ibigori. Twebwe ko iyi si yacu imera ingano, Umushikiranganji abijejwe ariko akora iki face à cette catastrophe qui s’annonce?
None twebwe ntitwopanga ingene twozirima tugahimiriza abarundi kugira bazirime ku bwinshi ntitugume tuzera inze. Isi y’Uburundi igice kitari gito kirarimwa ingano n’ibigori kandi bikamera. Ukumva ngo kubera Ukraine n’Uburusiya Afrika igiye guhwera ! Mwarumvise ko n’Umukuru w’Igihugu ca Sénégal yagiye mu Burusiya ngo turagiye guhwera. Jewe ndaba ivy’Uburundi ! None tugume tureze amaboko abenegihugu duserukira none ko boba bagiye gutikira, none ntitwohimiriza bakarima ingano kubera mu mezi atatu canke ane ziba zeze, hanyuma bagaca bazirima ku buhinga butuma bimbura umwimbu mwinshi, kugira ivyo vyuko twama tuzikura mu Burusiya tubihebe, twibeko. None Umushikiranganji ariko akora iki ? Ko wumva bishoboka, ingano n’ibigori biraba neza ng’aha mu Burundi. Si igitoro dushobora kuvuga tuti nta kiriho. Reka rero turime ingano nyinshi kugira abenegihugu duserukira ntibapfe n’inzara. Murakoze.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Oui Honorable Jean Bosco.
Umukenguzamateka NTUNZWENIMANA Jean Bosco
Murakoze Nyeniteka kuntiza kano kanya. Jewe nagomba kubasaba ko mu gihe Umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yoza ng’aha, ko twomubaza ikibazo kimaze iminsi gishikirizwa n’abenegihugu cerekeye abakozi bahoze bakora muri SOGESTAL.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ok. Reka twongereko ivyo bibazo uko ari bitatu (3). Bica biba ibibazo bitandatu (6) kandi nibaza ko bikwiye. Dutanguye isaha zitatu z’igitondo (09h00) gushika isaha indwi z’umuhingamo (13h00) azoba yahejeje kuvyishura. Les SOGESTAL, les moniteurs agricoles, SENAC murima w’isangi, INTERCAFE birya vyose birajana Kubera ko Reta yasubije igisata c’ikawa mu minwe yayo. Nivyo harabaye des conséquences ku bakozi bahora bakora muri ico gisata. Rero ico kibazo twocongerako. Oui Honorable Jean Bosco.
Umukenguzamateka BARUTWANAYO Jean Bosco
Murakoze Nyeniteka kuntiza kano kanya. Jewe nari mfise ikibazo kijanye n’ibintu tumaze iminsi twumva à propos de la mesure de non-respect de la stabulation permanente. Hariho ahantu abenegihugu batanguye gusubiranamwo n’abatubahirije irya ngingo yo kwororera mu ruhongore. Hakaba hatanguye kuba des confrontations hagati y’aborozi n’abarimyi. Dernièrement hoho twarumvise mu binyamakuru ko hariho intara zimwe zimwe zitavyubahirije, ugahura baciye bashiramwo akandi kantu kataryoshe kavuga ngo hariho abifise batagomba gushira mu ngiro iyo ngingo jewe aho mbaye muri iriya région ya hariya kuri iyo mesure ntabwo bariko barabona ko ari mesure y’igihugu ku buryo yoja mu ngiro muri région ya Mugamba yoyo baragira ukuri kwamye ijoro n’umurango mw’ibarabara.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Uko ni ukutubaha amategeko mu bisanzwe, ico ntitwokibaza Ministre wa agriculture mu bisanzwe jewe aho hose nca muri Kirundo ils ont respecté, mu za Rutana eka hose bararyubahiriza.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyeniteka nagomba ntange umuco ku kibazo ca Honorable Jean Bosco yabajije, yavuze ati iki kibazo co muma SOGESTAL ko twokibaza Ministre wa agriculture, ndakivuga nk’uwukizi igihe caba nari Directeur Général wa SODECO, iki kibazo ntitukibaza Ministre wa agriculture kuko ni ikibazo de gestion financière, Ministre wa agriculture twomubaza politique yo gufata mu ntoke igiterwa c’ikawa. Mugabo les sociétés Reta yari ifisemwo imitahe iyo zugaye canke zihomvye ce sont les actionnaires bagira gestion, uwu représentant actionnaire Etat c’est le Ministère des Finances. Kandi twaravuze neza nkiri murivyo yuko les actionnaires bategerezwa kuja hamwe kugira batunganirize abakozi babo muma SOGESTAL uretse SOGESTAL Kayanza, Reta niyo yari actionnaire principale au-delà de 65 %, ni ukuvuga abakozi bishuza Reta comme actionnaire mukoresha bakorera aba actionnaires, ubu rero aba actionnaires ni bo bategerezwa kuja hamwe kugira batunganirize abakozi babo Ministre wa agriculture muri gestion des actionnaires ntiyajamwo.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Oui Honorable Jean Bosco.
Umukenguzamateka Jean Bosco NTUNZWENIMANA
Murakoze Très Honorable, ivyo ari vyo vyose turakeneye ko abenegihugu batunganirizwa kuko hari ho ikibazo uriko uragenda mu mitumba uriko uragira iki na kiriya. Igihe kimwe Très Honorable hariho umuntu yamubajije ikibazo arakorora amosozi kubera ikibazo afise kuri fermeture yama SOGESTAL, non seulement, il faut que turaba de toutes les façons ko uwamubajije ikibazo ni uwo mu Kirundo ariko n’aha i Gitega hari ho ibibazo SENAC Murima w’isangi hariho ibibazo. Hose hariho ibibazo de toutes les façons harakenewe yuko abo benegihugu dutegerezwa kubatorera inyishu kuko ni co tujejwe. Nayo Ministre wa Finances dushoboye kumutumako spécifiquement kuri ico kibazo tworaba uko tumutumako dans l’urgence kuko ingorane ni nyinshi mu bantu batariko barabaha INSS, batabona kazoza kabo de toutes les façons tukaraba uko twobatumako ari Ministre wa Finances tukaraba uko twobatorera inyishu. Murakoze.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Pour moi kuri izo nyishu umwubahwa atanze ni ivyo muriko muravuga de toutes les façons nta co bitwaye naho twobibaza Umushikiranganji wa agriculture il va nous référer kuri le Ministre des Finances turabizi, c’est le Ministère des Finances iyigira mugabo comme ari bo bategerezwa n’ukwegeranya n’ayo ma données. D’abord igisata c’ikawa kiri iwabo ! Ok, ndabivuze kuko twaravuganye n’uwurongoye kirya kigo BUDECA arambarira yuko hariho ama travaux y’ukuraba kuma comptes kugira babishikirize Reta. N’aho botanga iyo nyishu vyoba biduhaye inzira yo kuzoca dutumako Ministre wa finances kugira ngo nawe tumubaze effectivement, kuko abenegihugu bakoreye muri kirya gisata bamerewe nabi franchement wumvirije, yabivuze mu Kirundo hariho umugabo yarize ! Donc, ukabona ati quand même urumva bamaze amezi cumi n’atanu badahembwa, 26 mois badahembwa, 24 mois badahembwa ugaca ubirukana ata na kimwe ubahaye donc, urumva vy’ukuri abenegihugu bararushe. Rero nta co, twobishirako.
Mugabo nk’uko umwubahwa yabivuze, uwuserukira les actions du Gouvernement, c’est le Ministère des Finances. Ni ho nibaza twoca turaba iyindi séance tuzotumako Umushikiranganji ata kindi vy’ukuri tuje kumubaza atari ukugira ngo aduhe umuco kuri ico kibazo. Wanashaka hariho n’ibindi twomubaza, hariho ama patrimoines ya Reta usanga amazu ariko arasambagurika, kandi hariho direction ijejwe patrimoines de l’Etat. Ivyo nibaza ko twobimubaza. Rero reka tugumizeho birya bibazo bitandatu nta co. Bien sûr, Ministre wa agriculture ashobora kutazoduha inyishu twipfuza, mugabo, au moins agire ico abivuzeko. On adopte le programme.
Kuri programme y’uno munsi rero nk’uko twari twababwiye, hariho une communication twarungikiwe na Son Excellence le Président de la République du Burundi yaturungikiye ku munsi wa hirya y’ejo le 24 kugira ngo tuyibwire les honorables sénateurs. Ndaza kuyisoma kuko n’iy’iwanyu si iy’iwanje. Naje ndimwo mugabo urumva ahanini ni iya twese. Le message iri basé kuri article 255 et 256 de la Constitution, ni ho iyo message i tournant ko. Ari na co gituma vyabaye ngombwa ko tubatumako d’urgence kugira ngo iyi message muyumve ibe rwanyu namwe muyimenye. Reka rero ndayisome.
Au Très Honorable Président du Sénat à Gitega.
Objet : Message d’information au Parlement
Très Honorable Président.
Nous avons l’honneur de vous écrire pour porter à la connaissance du Parlement de la décision de déployer la force de défense nationale du Burundi dans la Province du Sud Kivu de la République Démocratique du Congo.
En effet, l’Est de la République Démocratique du Congo connait depuis quelques années une présence sur son sol des groupes terroristes qui ne cessent de commettre des forfaits innomés et innombrables, non seulement dans son pays, mais également dans les pays voisins. Le Président sortant de la Communauté Est Africaine Son Excellence Monsieur UHURU Kenyatta, a pris l’initiative d’aider le Gouvernement Congolais à ramener la paix et la sécurité à l’Est du pays.
Tous les pays de la région vivent dans la paix et la tranquillité en vue de planifier les travaux de développement de leurs peuples respectif. Ainsi, il a organisé plusieurs conclaves des chefs d’Etats de la Communauté Est Africaine pour essayer de trouver une solution durable au problème sécuritaire à l’Est de la RDC. Plusieures décisions ont été successivement prises au cours de ces conclaves surtout celui du 20 juin 2022.
La décision la plus déterminante est celle du déploiement d’une force militaire régionale de la Communauté Est Africaine dans cette partie de la RDC. Il a été convenu que cette force soit déployée sous les astuces de la Communauté Est Africaine pour une période de six mois renouvelable avec un mandat de combattre et éradiquer les groupes terroristes négatifs dans l’Est de la RDC en appuie aux forces armées congolaise opérant dans cette zone et en étroites collaboration avec la MONUSCO.
Les Chefs d’Etats de la Communauté Est Africaine ont également déterminé le secteur de responsabilité de chaque pays tout en recommandant des contacts bilatéraux avec le Gouvernement de la RDC dans la mise en œuvre de la force armée à déployer par chaque pays. C’est dans cette optique que le Gouvernement du Burundi en collaboration bilatéral avec le Gouvernement de la RDC et en vertu de l’article 255 de la constitution qui précise que dans les limites déterminées la constitution et les lois, seul le Président de la République peut autoriser l’usage de la force armée dans l’accomplissement des obligations et engagement internationaux, a pris la décision de déployer un contingent dans le sud Kivu après consultation officielle du Conseil Nationale de Sécurité en date du 22 août 2022 tel que le prescrive l’article 256 de la Constitution et l’article 4 de la loi organique numéro 01/26 du 06 décembre 2021 portant modification 01/23 du 31 août 2008 portant mission composition, organisation et fonctionnement du conseil national de sécurité, nous voudrions vous informer que le Burundi vient de déployer un contingent constitué d’un bataillon d’infanterie dans la province Sud Kivu pour une période de 3 mois renouvelable, vous en souhaitant bonne réception, nous vous prions d’agréer, Très Honorable Président, les assurances de notre haute considération.
Evariste NDAYISHIMIYE, Président de la République.
C’est le message baduhaye kugira ngo tubabwire ni mwasoma les 2 articles, article 255 et 256.
Ndazibasomere. Article 255 : dans les limites déterminées par la Constitution et les lois, celle le Président de la République peut autoriser l’usage de la force armée :
Article 256 : lorsque la Force de Défense Nationale est dans l’un des cas cités au paragraphe ci-dessus, le Président consulte officiellement les instances compétentes habilités et informe le Parlement promptement et de façon détaillée sur :
C’est le contenu du message les raisons, l’endroit où la force est déployée mwahumvise et la période, rero twagira tubakengurukire kuri uno mwanya dukoranye kandi murabona biradufashije kubera ko duciye dutora na programme tuzokorerako la semaine prochaine, rero tubipfurije kugira umunsi mwiza kubaguma muri capitale politique benshi ndazi muza kuguma ng’aha kubera ibikorwa mufise vy’ejo.
Rero tubipfurije kuroranirwa, mugire akayaga keza muri capitale politique, mwumvise ivyo tubacura iminsi yose, hararyoshe vraiment. Nibaza ikindi gihe nitwatumako Ministre des infrastructures tuzosaba ama parcelles kugira ngo namwe mwubake ng’aha mwumve ingene haryoshe. Murakoze, Imana ibahezagire.
Après avoir terminé la lecture de cette lettre, la séance qui s’est déroulée dans un climat d’entente parfaite a été clôturée à 11 heures 7 minutes par une prière.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.