L’an deux mille vingt et un, le trentième jour du mois de juin, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 49ème séance plénière de la sixième légistature pour procéder à la clôture de la session ordinaire du mois d’avril 2021.
Les travaux de cette séance qui étaient dirigés par Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Emmanuel SINZOHAGERA, ont vu la participation de 28 sénateurs et ont également bénéficié de la présence de certains membres du Gouvernement, des ambassadeurs, des représentants du Corps diplomatique et consulaire accrédités à Bujumbura et de certains cadres de la province de Gitega. La séance a débuté comme d’habitude par une prière à 10 heures 30 minutes pour se clôturer à 10 heures 52 minutes.
Voici en intégralité le discours prononcé à l’occasion de ces cérémonies :
- Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
- Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;
- Ba Nyakwubahwa muri mu bagize Reta y’Uburundi ;
- Nyakwubahwa urongoye Sentare Nkuru ya Gitega;
- Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Repuburika mu Ntara ya Gitega;
- Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare y’akazi mu Ntara ya Gitega;
- Nyakwubahwa Buramatari w’Intara ya Gitega;
- Nyakwubahwa Musitanteri wa komine Gitega;
- Ba Nyakwubahwa mujejwe inzego z’Umutekano n’ukwivuna abansi;
- Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;
- Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi;
- Banyakwubahwa bamenyeshamakuru;
- Banyakubahwa batumire Bahire;
Tugire amahoro, ubumwe, iterambere n’ubutungane kuri bose;
- Imbere ya vyose, munkundire dukengurukire Imana Mushobora vyose yadushoboje kuvyuka turi bazima, tukaba dukoraniye ngaha kuri uyu musi. Mumfashe tuyikurire ubwatsi mu kuyikomera amashi.
- Munkundire kandi ndabahe ikaze mwese batumire bahire muri bino bikorwa vy’uyu musi aho Inama Nkenguzamateka iramutse isozera ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ndamukiza 2021.
Tubamenyeshe ko iki kiringo dusozereye, cari ica nyuma c’umwaka muri bitatu bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi, mu ngingo yaryo y’190.
Banyakwubahwa mwese;
- Mw’isasa risanzwe rya Ndamukiza 2021, Inama Nkenguzamateka yararanguye ibikorwa bitari bike bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi mu ngingo zaryo z’192, 193 n’196.
Mu bijanye no kwiga integuro z’amabwirizwa, muri rino sasa, Inama Nkenguzamateka yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa 15. Izo nteguro z’amabwirizwa zose hamwe zikaba ari izi zikurikira:
- Integuro y’ibwirizwa ritunganya gushasha urwego ruhurikiyemwo ibisata bijejwe gutororokanya ibiharuro bifatirwako mu Burundi;
- Integuro y’Ibwirizwa rishinga amafaranga yose Reta itegekanya gukoresha mu mwaka 2021 ushira uw’2022 ;
- Integuro y’Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro riha izindi sentare ububasha bwahorana Sentare irwanya igiturire na Paraki nkuru iyikukira, rigasubiramwo itunganywa ry’Igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire ;
- Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje amasezerano yerekeye ukworohereza n’ugukingira mu buryo magiriranire abashinga imitahe mu Burundi bo muri Repuburika ya Guinée Equatoriale;
- Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo amategeko agenga ishingwa ry’imitahe mu Burundi;
- Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano y’ubudandaji hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
- Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano y’ugufashanya mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu mu mazi no ku bivuko, hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
- Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje amasezerano y’ukudasaba uruhusha rw’ukwinjira mu gihugu ku buryo magiriranire ku bafise ibitabu vy’inzira vy’abanyacubahiro n’ivy’akazi, hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
- Integuro y’Ibwirizwa rihindura Ibwirizwa inomero 1/06 ryo ku wa 10 Ntwarante 2020 rishinga ikidari, rikongera rikagena Umukuru w’Igihugu NKURUNZIZA Petero kuba Imboneza nkuru mu kuzirikana, mu gukunda no gukundisha igihugu;
- Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo Igitabu c’amategeko agenga ibidukikije mu Burundi.
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa ry’Amasezerano y’ugufashanya mu vyerekeye amafaranga hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Turukiya;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano ajanye n’ingabire, inomero D7900-BI na TF0B5105-BI, hagati y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze iterambere (IDA), yerekeye igice cayo ca kabiri c’imfashanyo yiyongera ku yo ryari ryatanze mu mugambi w’Ugushigikira igisata c’amagara y’abantu mu Burundi, « KIRA », yashiriweko umukono i Bujumbura ku wa 3 Rusama 2021;
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano ashinga akarere ibidandazwa bihanahanwamwo ata nzitizi;
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye imfashanyo mu mugambi werekeye Iterambere rirama mu bijanye n’imigambi y’inani zunganirana mu kugwiza umwimbu mu burimyi n’ubworozi(PADCAE-B);
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano y’ingurane y’ishirahamwe OFID inomero 1360P, yerekeye Umugambi w’Ukugwiza umwimbu mu burimyi n’ukugabanya ubukene mu Burundi (PIPARV-B).
Banyakwubahwa bakenguzamateka,
Batumire bahire,
- Mu kugenzura ibikorwa vya Reta, Inama Nkenguzamateka yarakiriye umushikiranganji ajejwe ubutungane. Ico gikorwa kikaba caje cishura amakenga abenegihugu bari badushikirije ku bijanye n’ubutungane.
- Twisunze ububasha duhabwa n’Ibwirizwa Shingiro, twaremeje amazina y’abizewe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ngo baserukire igihugu cacu mu makungu.
Kw’igenekerezo rya 25 Rusama, Inama Nkenguzamateka yarihweje icegeranyo c’urwego rw’umuhuza w’abarundi kubijanye n’ivyo urwo rwego ruriko rurarangurira abenegihugu.
- Vyongeye, muri rino sasa turiko turasozera, twararanguye n’ibindi bikorwa harimwo kwitaba imisi mikuru y’igihugu hamwe n’imanza twatumiwemwo.
Kw’igenekerezo rya 1 Rusama 2021, ku musi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi, twaritavye ibirori vyabereye ku murwa mukuru w’Intara ya Ngozi, aho twari twaserukiye Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu.
Twaritavye kandi, ibirori vy’irahira ry’umushikiranganji yagenywe mu mabanga, kw’igenekerezo rya 21 Rusama, twongera turitaba ibikorwa vyatunganijwe n’ishirahamwe ry’amakomine ACO-Burundi vyabereye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi z’uyu mwaka.
Inama Nkenguzamateka yarongeye irifadikaya n’abandi barundi mu guhimbaza umusi mukuru wo kuzirikana no gukundisha igihugu, mu birori vyabereye ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi z’uyu mwaka.
Banyakwubahwa bakenguzamateka ;
Batumire bahire ;
- Nk’abatowe kandi barajwe ishinga n’ubuzima bwiza ku benegihugu bose, abakenguzamateka twarakozwe ku mutima n’ivyago vyashikiye benewacu bo mu Gatumba muri komine Mutimbuzi y’Intara ya Bujumbura. Ni na co catumye, Inama Nkenguzamateka igarukira ku bahuye n’ivyago vy’umwuzure w’amazi ibasanze aho bari babaye baraka indaro mu Maramvya.
- Ku bijanye n’Imigenderanire, Inama Nkenguzamateka, iserukiwe n’Icegera ca mbere, yaritavye Inama ya 59 y’ishirahamwe ry’ama Reta ya Afrika, Karayibe na Pasifike aho yaboneyeho gusaba iryo shirahamwe ngo rishigikire Uburundi kugira ngo ishirahamwe rya Buraya ribukureko ibihano vyabufatiye.
- Uwo mwubahwa kandi yarongeye aritaba inama igira 40 ihuza ishirahamwe ry’ama Reta ya Afrika, Karayibe na pasifike n’Ubumwe bw’Ibihugu vya Buraya kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika ku rya 24 Ruheshi uwu mwaka turimwo. Iyo nama yari yerekeye kurabira hamwe ivyegeranyo vy’amanama yabaye mu mwaka w’2020, hamwe n’ukwitegurira gukoresha amasezerano mashasha yo gufashanya hagati y’iryo shirahamwe n’ubumwe bwa Buraya.
Vyongeye, Inama Nkenguzamateka iserukiwe n’icegera ca kabiri, yaritavye amanama y’ihuriro ry’amana Nshingamateka na Nkenguzamateka y’isi yose kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika ku rya 27 Rusama aho bari baramutse barabira hamwe uruhara rw’amanama Nshingamateka na Nkenguzamateka mu kurengera amabi yatewe n’ikiza korona virusi, n’ugutegura kazoza keza mu gihugu.
Ba Nyakwubahwa mwese ;
- Muri rino sasa risanzwe rya Ndamukiza dusozereye, mu ntumbero yo kunywanisha abarundi, Inama Nkenguzamateka yaratunganije amahuriro atanu ku bijanye n’ivyago vyashikiye Uburundi mu mwaka w’1972.
Muri ayo mahuriro, haravuyemwo ivyiyumviro bizofasha cane cane umurwi ujejwe kunywanisha abarundi, CVR, gushikana abarundi ku kunywana nyakuri.
Icibonekeje muri ayo mahuriro ni uko abarundi benshi banyotewe kumenya ukuri, mbere baramaze gutahura ko hatica ubwoko, hica ubutegetsi bubi, kandi ko ata caha kiragwa uruvyaro.
Batumire bahire;
- Muri kino kiringo c’ukwezi kw’akaruhuko tugiye gutangura, dusavye banyakwubahwa abakenguzamateka kuzogenda mu ntara batowemwo gusigurira neza abenegihugu intumbero y’ayo makoraniro, Inama Nkenguzamateka yatunganije.
Mwomenya neza ko ico gikorwa ata rindi hangiro cari gifise atari gushigikira umurwi CVR mu kumenya ukuri kugira twubake Uburundi buzira indyane zifatiye ku macakubiri.
- Tubateye akamo ko kuzogenda mu benegihugu mufise imvugo imwe, muremeshe aboba bari bagize ubwoba, mwongere mubafashe gutahura kugira na bo bagire ico baterereye.
Mu kurangiza, twagira tumenyeshe ko tuzobandanya tugendera abenegihugu mu kuraba ishirwa mu ngiro ry’amabwirizwa n’amategeko twemeje. Tuzobandanya kandi twumviriza ingorane z’abenegihugu, tutibagiye kubahimiriza kubumbatira amahoro n’umutekano, twongera tubatera intege mu bikorwa vyo kwiteza imbere.
- Turangije tubashimira ku kuntu mwatwitavye twongera tubatangariza icese ko dusozereye ikiringo c’isasa risanzwe rya Ndamukiza.
Tuzosubira guhurira ngaha muri iyi ngoro, kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro z’uyu mwaka, twugurura icese ibikorwa vy’isasa rikurikira.
Murakoze
Imana Ibahezagire.