L’an deux mille vingt-deux, le premier jour du mois de septembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 102èmè séance plénière de la sixième législature relative à une question orale avec débat adressée à Madame la Ministre du Commerce, du Transport, de l’Industrie et du Tourisme.
Les travaux de cette séance étaient dirigés par le premier Vice-Président du Sénat, Honorable Denise NDADAYE. Cette séance qui a vu la participation de 25 sénateurs et d’un Représentant du Gouvernement à savoir, Madame Marie Chantal NIJIMBERE, Ministre du Commerce, du Transport, de l’Industrie et du Tourisme, a débuté, comme d’habitude, par une prière à 10 heures 10 minutes.
Voici en intégralité le déroulement de la séance :
Icegera ca mbere c’Ukuru w’Inama Nkenguzamateka
Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,
Banyakwubahwa bakozi bo mu Nama Nkenguzamateka,
Banyakwubahwa bashitsi mwagendanye n’ Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubudandaji,
Banyakwubahwa bamenyeshamakuru,
Namwe mujejwe gucungera umutekano,
Twongeye kubaramutsa amahoro y’ Imana.
Twagomba tubanze dushimire Imana mushobora vyose yoyo yashoboye kudushikana kuri ino saha tukiri bazima, turabishima cane kuko hariho benshi bari bipfuje kuramuka ariko ntibikunde.
None rero kubera Imana yatugiriye ubuntu, nagomba tuyishimire mukuyikomera amashi. Kuri uno munsi uri hejuru rero, turamutse dukoraniye ng’ aha muri ino Ngoro y’amakoraniro kugira ngo twihwereze hamwe n’Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo ubudandaji, ugutwara abantu n’ibintu hamwe n’ingenzi, ku bibazo bihanze abenegihugu. Ibibazo bitari bike ku bijanye n’ ibitunga umuntu ku buzima bwa minsi yose. Hanyuma twagomba tudatevye abajejwe guhamagara abashitsi bamutuzanire.
Ariko imbere yuko baduhamagarira abashitsi babanze barindire gatoya tubanze turabire hamwe programme nshasha twemeze le nouveau programme tubanze duhindure gatoya programme ya mbere twari twumvikanyeko mu ndwi iheze. Sinzi yuko mwoba mwamaze kuronka le nouveau programme? Mwayironse? Ego murakoze. Kuri programme twari dufise, murazi ko hari hategekanijwe les questions orales ku Mushikiranganji ajejwe ivy’uburimyi n’ubworozi kuwa gatatu, hirya yejo haheze.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Nashaka barabe programme turiko turasozera, uno munsi igenekerezo rya mbere z’ukwezi kw’icenda, hari hategekanijwe question orale avec débat adressée au Ministre de l’Environnement, de l’Agriculture et de l’Elevage, mugabo yaratubwiye yuko amagara amukitse duca turabihindura akaba ari naho twaca twumvikana na Nyakwubahwa Umushikiranganji w’Ubudandaji twokwakiriye ejo haza ni ukuvuga le deux ko yoza uno munsi. Iyo ni modification ya mbere ijanye n’ama questions orales uko yaratonze.
Iyindi modification igira kabiri, ijanye n’uko uno munsi twogenda twemeje programme izotugenga la semaine prochaine. Sinzi uko mubibona ? Reka rero tubanze twemeze izo modifications, hanyuma inyuma yuko twemeza izo modifications duce turaba le nouveau programme na yo uko iza kuba imeze. Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, kuri uwo muco muduhaye, mwamaze kuvyumva ngira ngo hasigaye ko twemeza rero iyo modification. Murakoze. Reka turabire hamwe rero le nouveau programme pour ces deux semaines zigiye gukwirikira, pour ce vendredi, le 2 septembre hari les travaux en Commissions, lundi le 5 hari les travaux en Commissions, le 6, le 7, le 8 na le 9 ; gushika le 12 hari les travaux en Commissions. Le 13 septembre hariho igikorwa, Vision conférence izobera i Bujumbura ariko abayitumiwemwo akaba ari les membres du Bureau.
Hanyuma mercredi le 14 hazoba question orale adressée au Ministre de l’Environnement, de l’Agriculture et de l’Elevage. Le 15 septembre hazoba une séance plénière naho nyene relative à l’Analyse et adoption du Projet de loi portant révision du Statut général des Fonctionnaires.Hanyuma hazoca haba réunion du Bureau élargi mu nyuma hace haba analyse et adoption du programme des activités pour la période du 16 au 22 septembre 2022. Twagomba twemeze le nouveau programme. Murakoze.
Ego tudatevye twagomba abashinzwe kutwakirira abashitsi, batuzanire umushitsi dufise uno munsi. Twari twababwiye yuko uno munsi twaramutse turabira hamwe n’uwo Mushikiranganji ibibazo bitari bike, ibibazo bihanze abenegihugu na cane cane ikena ry’ibintu vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose, tukaba rero turindiriye umuco Nyakwubahwa Umushikiranganji aza kuduha.
Turabahaye ikaze Nyakwubahwa Umushikiranganji mu vyo ajeje harimwo ubudandaji, ugutwara ibintu n’abantu, amahinguriro hamwe n’ingenzi. Nyakwubahwa Mushikiranganji, karibu ku murwa mukuru wa politike, twizere yuko akayaga keza mwashoboye guhura nako, ubushuhe bwagabanutse bw’i Bujumbura, muheze mumenyere akabeho ko ng’aha ku murwa mukuru wa politike.
Turabahaye kaze rero Nyakwubahwa Mushikiranganji. Muri ino minsi haribonekeza ubukene budasanzwe bw’ibintu vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose, ndetse n’iyo bibonetse ugasanga ibiciro birahanitse, ku buryo umwenegihugu, twebwe, na mwebwe nyene ndetse murimwo kuko twese dusumira kw’isoko imwe, ugasanga ari ibibazo vy’ukuri bihanze umwenegihugu.
Akaba ari naco gituma abakenguzamateka, twariyumviriye kubahamagara kugira ngo turabire hamwe ibibazo nyamukuru, mwongere namwe mu bushikiranganji mudusigurire mugireko mutubwire ico muriko murakora kugira ngo ibintu vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose, umwenegihugu ashobore kuronka bimworoheye ku giciro kizimbutse ndetse kuko ni uburenganzira bwa buri muntu, kuronka ico afungura, kuronka ivya nkenerwa mu buzima bwiwe bwa minsi yose. Twagomba rero Nyakwubahwa Mushikiranganji tudatevye, tubahe ikaze kugira ngo muyagire abakenguzamateka ingene mubibona n’ico mwoba muriko murakora, akanya ni ak’iwanyu Nyakwubahwa Mushikiranganji, murakoze.
Umushikiranganji w’ubudandaji gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi
Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,
Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka,
Ba Nyakwubahwa murangurira imirimo itandukanye hano mu Ngoro y’Inama Nkenguzamateka,
Ba Nyakwubahwa twagendanye mukorera mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji, amahinguriro, ingenzi hamwe n’ugutwara abantu n’ibintu,
Ba Nyakwubahwa bamenyeshamakuru umwe wese mu cubahiro Imana yamuhaye, Munkundire mbanze nsabe Imana mushoboravyose, yoyo yatuzigamye ikatuzindura hano turi impore ikaduha amagara meza kugira ngo dushobore guhurira hano mu ngoro y’Inama Nkenguzamateka turi bazima, nihabwe icubahiro ibihe vyose.
None Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, mukaba ari namwe mugire murongore ibikorwa vy’uno munsi, mbanje gukenguruka cane ku butumire mwaduhaye buduha akaryo ko kwishura ibibazo bihanze abenegihugu, na cane cane ibiraba ibisata bikukira ubushikiranganji, eka ndetse tukanaronka n’intererano za ba Nyakwubahwa abakenguzamateka, kugira ngo ibikorwa bikukira ubushikiranganji, bikore vyisunga ineza y’abenegihugu, vyongere binamenye ivyo abenegihugu bagona. Mubinyemereye rero nsimbize nje ku bibazo mwadushikirije ariko munkundire mbaze mvuge muri rusangi ku bibazo mwadushikirije na vyo ni ku bibazo biraba iduzwa ry’ibiciro ku masoko.
Ariko mbanze ndabibutse yuko mu bihe bimwe bimwe igihugu cacu cagiye kiracamwo, biri mu bituma igisata c’ubutunzi n’amikoro y’abenegihugu agenda aratituka. Aha novuga nk’igihe igihugu cacu caciyemwo ubwaco, ibihe vy’ihungabana vya politike, nkongera nkanavuga n’ibihe vy’ibiza n’ingwano vyateye kw’isi yose, aha novuga nk’ikiza ca Covid-19, cateye mu mwaka wa 2019, hakabaho kandi n’ingwano iri hagati ya Russie na Ukraine, yatumye ivyerekeye ubutunzi kw’isi yose bihungabana.
Ivyo bihe vyose rero vyatumye haduga ibiciro muri rusangi, harimwo ibiciro vy’ibikoresho vy’ibanze, amahinguriro akenera, ico twokwita matières premières en Français. Haraduze kandi muri rusangi ibiciro mu gisata co gutwara abantu n’ibintu, na cane cane ibiciro vya transport international, harimwo kandi n’ibiciro vyo gutwara ibintu n’abantu hagati mu gihugu kubera ikena ry’igitoro hamwe n’ihomba ry’amashirahamwe atwara ibintu biva mu mahanga biza mu Burundi bivuye ku ngingo zagiye zirafatwa n’ibihugu mu gihe ca Covid-19 eka no mu gihe c’intambara iri hagati ya Russie na Ukraine.
Iyindi mvo na yo n’ikena ry’amafaranga mvamakungu mu gihugu cacu c’Uburundi, bigatuma amahinguriro agira ingorane yo kuja kugura matières premières mu makungu. Ivyo vyose biteranye rero n’amahinguriro yarahungabanye, bigatuma ivy’ibiciro biduga, kandi iduga ry’ivyo biciro novuga nti ni conséquences y’ivyo bihe vyose igihugu cagiye kiracamwo. Ngiye rero ku kibazo ca mbere kijanye n’ibiciro vy’amakaye kw’isoko aho ba Nyakwubahwa abakenguzamateka badushikirije ikibazo kijanye n’ibiciro vy’amakaye kw’isoko bavuga bati, mw’itanganzo ryasohowe n’uruganda PACOBU rusanzwe ruhingura amakaye mu Burundi, ryaramenyesheje ibiciro vy’amakaye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mu gihugu, ariko bikagaragara yuko ivyo biciro bitubahirizwa. Mwatubajije muti, ntimubona yuko ivyo biciro ari ivy’umurengera ugereranije n’amikoro y’abenegihuggu aribo baguzi ?
Mu cegeranyo c’ibiharuro vy’amakaye c’umwaka uheze, amakaye akenewe angana n’a ma cartons 180.000 vy’amakaye. Mu ruganda PACOBU na rwo ruhingura amakaye ng’aha mu gihugu cacu c’Uburundi bakaba bafise capacité de production ingana na 400 cartons de cahiers par mois na bo bakavuga mu gihe twahura le mois de juillet passé yuko baravye matière première bafise yuko bafise la capacité de production de 10.000 cartons gusa. Hariho rero hagati yayo PACOBU ikora n’abagiye kugura amakaye hanze, kuyasumira hanze, amakaye angana 6.000 ni yo yashoboye gushika mu kwezi kw’indwi, ni yo yashoboye kwinjira mu gihugu cacu c’Uburundi.
Twisunze rero ivyo biharuro, vyaragaragaye yuko amakaye ari makeya kw’isoko, bigaca bituma abadandaza b’amakaye bikika mu kiza kuko mw’isoko burya si la loi de l’offre et de la demande, iyo quantité ari ntoya kw’isoko bica vyumvikana yuko haca habaho des spéculations ku ma prix. Ubushikiranganji rero mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji, tumaze kubona yuko amakaye atazokwira, twarateye akamo ababijejwe kugira ngo dushobore gusahiriza uwo mwimbu wa PACOBU hashobore kuba importation y’amakaye ari naho havuye hatangwa amafaranga y’agaciro kuba importateurs potentiels kugira ngo bashobore kuzana ayo makaye.
Agace kagira kabiri k’ico kibazo mwatubajije ni uko tworaba ingene Urwego nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi rwoshinga igiciro c’amakaye ku masoko. Nivyo mu myaka yahera, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubudandaji bwarashinga ibiciro vy’amakaye ariko ahanini ugasanga ntivyubahirijwe. Akaba ari naco gituma twaciye dufata intumbero yogushira inguvu yo kugwiza umwimbu w’ayo makaye mukugira importation yayo makaye kugira ngo ziboneke kw’isoko ubwa mbere.
PACOBU yarahawe amafaranga y’agaciro umwaka ugitangura kugira ngo bagure matière première kugira ngo bongereze umwimbu. Abarwizatunga baroroherezwa kugira bashobore kuzana ayo makaye bayakura hanze mu bindi bihugu. Ivyo iyo bidakorwa ni ukuri mu bushikiranganji turemeza yuko igiciro c’amakaye kiba caraduze cane nk’ikaye y’impapuro ijana ikaba igurwa hafi ibihumbi bibiri n’amajana atanu. Hanyuma rero hejuru y’utwo twigoro twose, ubushikiranganji bw’ubudandaji hamwe n’abajejwe intwaro, ntako tutagira kugira ngo dushobore gufasha kugira ngo ibiciro vy’amakaye ntihagire abaguma bikika mu kiza vyubahirizwe.
Na cane cane ko bahengera hasigaye akanya gato kugira ngo amashure atangure bagaca baduza ivyo biciro kuko umuvyeyi atako ari bugire aca agenda kuzigura. Rero abajejwe intwaro bama bariko barasemerera kandi natwe mu bushikiranganji turagenda ku rubuga kugira ngo turabe uko ivyo biciro vy’amakaye vyifashe kw’isoko. Ikindi ni uko tubandanya duhimiriza abasanzwe basahiriza mu gisata c’indero bashoboye kuzana amakaye mu gisata c’indero bashobore kuyatanga ku gihe abanyeshure bataratangura ku buryo imbere yuko abanyeshure batangura ayo makaye aba yashikirijwe abo yagenewe gutryo bisahirize abavyeyi.
Ku kibazo kigira kabiri, muvuga muti, haribonekeza ikenwa ry’ibinyobwa vya BRARUDI, n’iyo bibonetse hakaboneka bimwe bimwe. Murabaza muti, mbega iryo kenwa ry’ibinyobwa vya BRARUDI ryoba riva kuki ? Ku vy’ukuri ikenwa ry’ibinyobwa vya BRARUDI biribonekeza kubera imvo nyamukuru zitatu.
Iyambere ituruka kubera ikenwa ry’ibikoresho vy’ibanze ari ivyo navuze vyitwa matières premières, aha kubera cane cane ikenwa ry’amafaranga mvamakungu, kuko mu bikoresho vyinshi vya matière première BRARUDI ikoresha, ntavyo twifitiye vyinshi ng’aha mu gihugu cacu c’Uburundi ni ibikoresho dutegerezwa kubanza kubigura hanze donc par importation aho rero iyo Brarudi itaronse amafaranga mvamakungu akwiye kugira ngo ashobore kw’importa matières premieres nyinshi, muca mwumva yuko na quantité de production ica igabanuka kandi abihereza ivyo binyobwa na bo babikeneye baba ari benshi.
Imvo nyamukuru igira kabiri ni capacité de production ya Brarudi kuko na yo nyene nkuko mubizi, ni ihinguriro ritari irya vuba. Rero uko abarundi batera biyongera siko Brarudi yakomeje kugwiza ubuhinga n’ibikono vyo gukora ibinyobwa vya Brarudi. Ntawobideha, abanywanyi b’ibinyobwa batera biyongera kubera igwirirana ry’abantu mu gihugu cacu c’Uburundi, ariko uko twabonye Brarudi mu myaka cumi, ihaciye yaba iy’ i Bujumbura canke iy’ i gitega, murabona yuko ihinguriro riri hahandi, ari rya rindi nyene. Ni ugusaba kwongereza ubuhinga, bakaza barongereza n’ibikono vyo gukora ivyo binyobwa. Rero capacité de production ya Brarudi ntiheza ngo i réponda (répondre) effectivement à la demande y’abenegihugu bihereza ivyo binyobwa.
Imvo nyamukuru igira gatatu, rero ni uko hariho n’abadandaza bikika mu kiza na bikeya bibonetse ntibishobore gusabikanywa kw’isoko, bakabinyegeza kugira ngo bironkere inyungu z’umurengera. Ico novuga kindi ni uko Brarudi ari ishirahamwe Reta ifisemwo umutahe utari muto ari naco gituma Inama Nshikiranganji yasavye yuko abo vyega bose yuko boshobora gukora ibishoboka kugira ngo dushobore kugabanya les matières premières dukura hanze, ivyo dushobora kwikorera ng’aha mu gihugu dushobore kuvyikorera na cane cane nko kugwiza umwimbu w’amasaka yera hamwe ORGE ari matière première Brarudi ikenera kandi tukaba tubona yuko iyirimwa ng’aha mu Burundi ari nkeya kandi dufise amahirwe Brarudi iyakoresheje yovamwo ibinyobwa vya nyongera, ORGE iramaze kugeragezwa na ISABU aho yerekana yuko mu gihe ico gitegwa twogitera ng’aha mu burundi kirahaba kandi Brarudi iri mu vyo ikenera.
Muti hariko hakorwa iki ngo ibiciro vyubahirizwe ? Uruganda rwa Brarudi rwarashizeho umugambi w’imyaka 3 rwerekana ingene ruzoza ruraduza umwimbu ndetse hakaboneka n’umusesekara kugira ngo dushobore gushorera mu makungu ibinyobwa vya Brarudi mu myaka itatu. Mu ntumbero yo kugabanya importation des matières premières, évidement pour faire face y’ikena ry’amafaranga mva makungu Brarudi yaratanguye kurima amasaka yera mu ntara zimwe zimwe ndetste na ISABU nkuko nari mpejeje kubivuga iriko iragerageza kutugirira ubushakashatsi igiterwa ca ORGE kugira ngo tugwize matières premières locales ivyo dusanzwe twifitiye ng’aha maze tuze gusumira hanze ivyo tutari bwirimire.
Kugira ngo ibiciro vyubahirizwe abajejwe intwaro baraheza bagakurikirana abadandaza bari mu burerere bwabo abikika mu kiza bagahanwa. Haratangwa kandi n’intonde mu ntara z’abaronkejwe ivyo binyobwa kugira ngo abajejwe intwaro bagire ifatiro y’ivyashitse mu ntara. Ariko nyene si igikorwa coroshe mu gihe ibinyobwa vya Brarudi biba ari bikeya par rapport y’ivyo abenegihugu baba bipfuza ica icika un produit rare hagaca haba ama spéculations.
Hariko harigwa kandi mu bushikiranganji turikumwe n’abo vyega ingene ibiciro vy’ibinyobwa vya brarudi vyosubirwamwo kugira ngo yaba umudandaza, yaba umuguzi bose boroherwe twisunze yuko na coût de production y’ivyo binyobwa yaduze bivuye kuri matière première ku soko mpuzamakungu zaduze kandi yuko na coût de transport zaduze. Turipfuza yuko ico cigwa kimaze kwerekana ibiharuro, ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi vyoheza bigasubirwamwo bikisunga ineza y’umudandaza n’ineza y’umuguzi.
Ku kibazo kigira gatatu, ba Nyakwubahwa abakenguzamateka batubajije, kijanye n’ikena ry’ibikorerwa mu ruganda rwa BUCECO ari vyo isima. Ikibazo kigira gatatu kijanye n’ikena ry’isima ya BUCECO muti hariko hakorwa iki ko tubona isima na yo nyene yabaye ndanse kw’isoko. Ico noherako kuvuga ng’aha ni uko mu gihugu cacu c’Uburundi uno musi aho tugenda turaca hose, biraboneka yuko igihugu cacu kiri mu mashantiye menshi atandukaye. Aho uciye hose urabona inyubako zitandukanye zaba inzu zo kubamwo, amabarabara yubakwa canke asanurwa, amashure, amavuriro, amasengero, amahinguriro n’ibindi. Ivyo vyose ni ibigaragaza yuko mu gihe c’amahoro n’umutekano abariko barubaka ari benshi kandi abo bose bagakenera isima. Tukaba dufise ihinguriro rimwe mu Burundi ari ryo BUCECO gushika uno musi rihingura isima. Capacité de production ya BUCECO ubundi ni 50 milles tonnes par mois ariko kubwo kubura matière première, gushika ubu bashobora guhingura entre 16 milles tonnes à 18 mille tonnes par mois. Aho ni mu gihe naho nyene baronse matière première ikwiye, or, iyo hariho ikena ry’amafaranga mvamakungu kandi bisaba yuko BUCECO ija kugurira iyo matière première hanze, quantité de production iraheza ikagabanuka canke ikongerekana bivanye na matière première, ivyo bikoresho vy’ibanze baba baronse bagiye gusumira ku masoko mpuzamakungu. Igikorwa ca mbere rero ni uko abo vyega baheza bakaraba iyo ya mafaranga mvamakungu yabonetse kugira ngo bashobore kworohereza BUCECO ishobore kuja kugura iyo matière première hanze.
Ikigira kabiri ni uko Inama nshikiranganji yo kuwa 03/08/2022 yafashe ingingo yuko abagwizatunga bose babishoboye bogenda kurangurira isima hanze hamwe n’isukari kugira ngo dushobore gusahiriza iyo sima ya BUCECO idakwiye eka n’isukari ya SOSUMO idakwiye hano mu Gihugu cacu. Ica gatatu ni uko Reta iguma ihamagara abagwizatunga batandukanye baba abarundi canke abanyamitahe bavuye mu mahanga kugira ngo igisata co guhingura isima gishobore guhurumbirwa. Ni ukuvuga ngo turahamagara abagwizatunga batandukanye gushika uno musi kugira ngo bashobore kuzana imitahe yabo mu gisata ca cimenterie kuko bigaragara yuko BUCECO yonyene itoshobora gukora isima abarundi bipfuza. Twarasavye kandi ko na BUCECO ubwayo yokora ibishoboka kugira ngo ishobore ku maximisa la capacité de production mensuelle ya 50 milles tonnes par mois.
Agace ka kabiri ku kibazo kigira gatatu mwabajije muti, hoba hariho abikika mu kiza bagashora isima hanze. Ku vy’ukuri mu rudandazwa ndengambibe tuzi mu gihugu cacu gushika ubu nta makuru dufise atwereka yuko isima iri mu rudandazwa ndengambibe mu gihugu cacu c’Uburundi. Aboba babikora baca kubiri n’amategeko ahubwo barakwiye guhanwa bakanahashwa ni abansi b’iterambere kuko umuntu araheza agashora umusesekara. Nta kuntu rero isima yoba ikenye hanyuma abandi abo ngo bace bayishora hanze kandi tuzi yuko umuntu ashora umusesekara tukaba kandi tuzi yuko isima ikenye hano iwacu. Rero mu makuru dufise isima ntiri mu rudandazwa ndengambibe mu gihugu cacu c’Uburundi.
Ku gace kagira gatatu murabaza muti, twovuga yuko BUCECO itagishobora gukora isima bikwiye ko hafatwa ingingo zibereye. Ego cane BUCECO nta capacité de production twovuga uno musi ngo irafise yo gukora isima ikwiriye ari na co gituma Inama Nshikiranganji yahavuye ifata ingingo yo kworohereza ababishoboye bose kugira ngo bashobore kuja kwimporta isima dushobore gusahiriza kuri uwo mwimbu wa BUCECO.
Ikibazo kigira kane kijanye n’igisata co gutwara abantu n’ibintu aho ba Nyakwubahwa abakenguzamateka batubajije yuko twoba tuzi ko ibiciro twashinze vy ‘amatike yo kwunguruza abantu bidakurikirizwa mu ntara zitandukanye. Ico kibazo mu bushikiranganji twarakimenye. Mw’itangazo twasohoye mu kwezi kwa gatanu rishinga ibiciro vyifatiro vyo kwunguruza abantu n’ibintu hagati mu gihugu no mu gisagara ca Bujumbura, twarashimikiye ku ruhara rw’abenegihugu, turongera dushimikira ku ruhara rw’abajejwe intwaro mu gufasha kwubahiriza ivyo biciro. Akenshi rero twaragiye turahura na bo kugira ngo tuganire ku vyerekeye ico kibazo twongera tubasaba no kwubahiriza ibiciro biba vyashinzwe. Ariko baragaruka bakadutura ikibazo kijanye n’ikena ry’igitoro.
Muragaruka mukabaza muti, none hejuru y’ivyo vyose ko Ubushikiranganji bwabimenye hariko hakorwa iki ? Nk’uko nari mpejeje kubivuga, ico bakora muri ico gisata co kwunguruza abantu n’ibintu, bagiye baradushikiriza mu manama twagiye turakora, ni uko bahuye n’ikibazo c’ikena ry’igitoro. Ico kibazo rero Reta imaze kubona ko gihanze abenegihugu akaba ari n’ikibazo cari inkoramutima, Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka, buraheruka kwongereza igitoro cinjira mu gihugu cacu c’Uburundi kugira ngo duhangane n’ikena ry’igitoro ryariko riribonekeza.
Ubu rero twovuga yuko hariho agaco n’aho hakiriho iyindi ntambwe yo gutera. Ku bitwega rero mu bushikiranganji, ni uko twamaze gusaba ubwo bushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu kugira ngo bushobore gushinga ama stations anyweshako ama bus, ama modoka atwara abantu benshi ari yo ma modoka ya transport en commun yaba ayakorera mu gisagara hagati canke ayakorera mu ntara hagati.
Igituma ni uko twipfuza yuko ayo ma stations azoheza agashingwa yonyweshwako n’ama bus kugira ngo tworohereze abantu bafata transport en commun et transport public kuko atwara abantu benshi hanyuma bigaca bituma n’imirongo iheza ikagabanuka. Na cane cane ko tugira dutangure igice ca mbere c’amashure eka n’imvura ikaba iri mu kugwa, ni yo stratégie twabonye ibereye yo gu privilégia le transport en commun ku ma stations amwe amwe kugira ngo ama bus yunguruza abantu ashobore kuronka igitoro yorohewe, gurtyo baheze bakore akazi kabo na bo borohewe bashobore no kwubahiriza ibiciro biba vyashinzwe.
Ikindi gikorwa mu bushikiranganji ni uko vyibonekeza yuko mu gihe hari ikena ry’igitoro, hari ama stations amwe amwe usanga iminzane yabo barayinyanyuye. Aho rero nubwo ikigo BBN kijejwe kugenzura ivya métrologie, ivy’iminzane kidafise uburyo bukwiye bwo kugenzura ama stations yose, akenshi bagenda kuraba ahashoboka ko ibipimo bakoresha ku ma pompo bikwije ivyangombwa atabikika mu kiza mu gihe haba hari ikena ry’igitoro ngo bibe abenegihugu. Hanyuma rero n’abajejwe intwaro ntako badakora kugira ngo bashobore gufasha kwubahiriza ivyo biciro naho abikika mu kiza na bo nyene batabura. Umuti urama rero ni uko igitoro coboneka hanyuma abakorera muri ico gisata bakubahiriza ingingo ziba zafashwe.
Muri make rero Nyakwubahwa cegera ca mbere mu Biro vya Nyeniteka Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, biragarara yuko ibiciro vy’ibidandazwa bitera biduga ku masoko kandi bikagaragara hari ho n’ama spéculations. Ariko abakora ama spéculations ni ku nyungu zabo kuko ikori batanga rihuriranye n’ibiciro biba vyatanzwe kandi biba vyashinzwe na Reta canke ibiba vyashinzwe n’inganda zihingura. Ayo barengejeko ntibaheza ngo barenzeko mu gutanga ikori canke mu gutanga amatagisi yo mu ma komine.
Bikavuga rero yuko abantu bagira ama spéculations non seulement biba abenegihugu mugabo na bo nyene bacisha mu kinywabi ayo bategerezwa gutanga mu makori no mu matagisi kuko ayo aja mu mifuko yabo. Ari na co gituma duhamagarira rero abarundi bose kuvavanura n’ako kageso hanyuma abikika mu kiza bagashengezwa bakongera bagahanwa. Muri make Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ni ivyo nokwishura ku bibazo mwashoboye kudushikiriza, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyakwubahwa Mushikiranganji kuri izo nyishu mushoboye gutanga ku bibazo mwabajijwe n’abakenguzamateka. Aka ni akanya rero twagomba tubanze duhe commission yashoboye gutororokanya ibibazo babanze batubwire nimba ku nyishu mushoboye kubaha yuko hariho ico boba batanyuzwe. Hamwe boba batanyuzwe barashobora gusubira kubabaza Nyakwubahwa Mushikiranganji ntimurambirwe. Hanyuma ibindi bibazo tukaza kubizana mu nyuma ariko umugwi wateguye bino bibazo babanze batubwire yuko inyishu mubaronkeje zoba zitomoye bivanye n’ibibazo babajije. Murakoze. Akanya ni akiwanyu mwebwe mwashoboye gutororokanya bino bibazo.
Umukenguzamateka Fabrice NKURUNZIZA
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kuri aka kanya muduhaye. Ku bibazo twagerageje gutororokanya, inyishu zatanzwe turabona yuko zisa n’izishimishije, mugabo hariho n’ibindi dukeneye ko umuco kumbure dutegere ivyiyumviro. Murabona yuko iyi PACOBU ari yo yatanze igiciro, twagomba gusaba rero Nyakwubahwa Umushikiranganji yuko nkuko ihora isohora ibiciro ku bindi, ahubwo ariyo yosohora igiciro ntarengwa coja ku masoko mugabo ntabe ari PACOBU isohora igiciro. Ico ni icambere. Ikindi twasa, ni abagomba gutanga intererano ku kijanye na Brarudi. Turumva yuko hari ikibazo yavuze kijanye na matière première usanga badafise canke ama devises mugabo igitangaje ni uko hari igihe usanga hasohotse umwuga umwe w’ibinyobwa kandi ugasanga ni vyinshi cane sinzi rero ico bivako kuko uca usanga nk’ubu agace kamwe batwaye ibiyeri gusa ibindi binyobwa ugasanga ntabiriyo canke ugasanga batwayeyo amafanta gusa canke coca zéro. Twagire dusabe kuko hari abantu badashobora kunywa iki canke kiriya ugasanga arabuze. Twagomba dusabe ko Brarudi yoza iracanga kugira ntihagire abaronka n’ababura aho hose irungitse ibinyobwa. Ikindi na co nagire mvuge ni ikijanye n’ibitoro. Umushikiranganji yatubwiye abo bakorana kugira ibiciro vy’itike Reta yashinze vyubahirizwe ko bamutuye ikibazo c’ikena ry’ibitoro. Mugabo ugiye kuraba nibaza ko kenshi biva ku gitoro ca magendu baba bariko baranywa.
Rero badugije ibiciro bakabona nta nkurikizi bazobandanya baja kunywa ca gitoro ca magendu bace baguma barenganya abanyagihugu. Twagomba gusaba ko ibiciro Reta iba yashinze vyokwubahirizwa kugira ivyo kunywa igitoro ca magendu bihagarare. Erega baretse kukinywa n’urwo rudandazwa rw’igitoro ca magendu ruca ruhagarara. Nyakwubahwa Mushikiranganji, mwokorana n’abajejwe intwaro n’umutekano wo mw’ibarabara kugira ico kintu bacubahirize. Abajejwe umutekano barashobora kugikora bakinjira muri izo modoka bidegije (se déguiser) uwufashwe nawe agahanwa kugira urudandazwa rwa magendu rutuzwe.
Ikijanye no ku ma stations, na twebwe turamaze kubona ko iminzane ku ma stations amwe amwe biba cane. Twebwe muri commission twariko turategura ko twogira une descente, rero twagire tubasabe sinzi ko muri BBN mufise abakozi bakwiye muzobaduhe kuko izoba ari surprise. Utabagiriye surprise usanga babihinduye. Hariho ama stations uguze iritiro 25 usanga baguhaye 18. Kandi ugiye kubaza ayo mafaranga ntaja muri barya bakozi bariko baragitanga aja ku ba patrons babo kuko ndamaze kubibaza. Rero vyumvikana ko bene ama stations ari bo bakora iyo fraude kuma pompes. Ni izo ntererano nari mfise murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze. Sinzi ko mu bo mwakoranye muri commission ko hoba hari uwufise ico ashikiriza imbere yuko duha akanya abandi bubahwa kugira bagire ico bashikirije. Rero atawubonetse, duhere kuri Nyakwubahwa icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa akanya. Na jewe mbanze nshime inyishu Umushikiranganji yatanze muri rusangi zirumvikana kandi ziratomoye ariko birasaba ko twinjira mu mizi gato.
Duhereye kuri iki kibazo c’amakaye, yatubwiye ko Ubushikiranganji bwafashije kugira abazana amakaye bashobore kuronka amafaranga y’agaciro. Jewe nkagira nti kuri document baba batanze kugira baronke amafaranga y’agaciro urashobora kubona la valeur d’acquisition hanyuma na coût de revient ugaca ubona agaciro zishitse mu gihugu. Aha rero ni ho nagire nce nunganira umukenguzamateka arongoye commission. Umuntuamaze kuronka le coût de revient biraheza bikoroha gushinga igiciro gituma wa mudandaza adahomba kandi bituma n’abavyeyi batavunika.
Nagira nti rero avec les services chargés du commerce mwodufasha nimba uyu mwaka vyarabaye ariko ntibize bisubire. Barinze baronka amafaranga avuye muri Reta yo kuzana ivyo bikoresho, kugira régulation des prix birashoboka. Ahandi ho umudandaza ntiyigera abumbwa n’inyungu aronka mu gihe abona ko bishoboka ko ashize ku bihumbi bibiri bagura arabikora naho marge béneficiaire yiwe yari 1500f. Nagomba rero gushigikira iciyumviro ca Honorable Fabrice mwodufasha Reta akaba ariyo ishinga ibiciro na cane cane kuri ibi tubona ko ari ibintu nkenerwa cane ku benegihugu kandi ko n’amafaranga yo kubirangura aba yavuye mu kigega ca Reta.
Nashaka kandi ngaruke kw’isima n’isukari. Mu Nama Nshikiranganji nimba ntihenze hari tarike zitatu z’ukwezi k’umunani urwego nshingwantwaro rwa Reta rwararekuye libéralisation y’ibidandazwa. Ariko ugiye kuraba uno munsi sur le marché, nta effet y’iyo ngingo turabona. None abadandaza bo mu Burundi ntibavyitabiriye canke hoba habaye ikibazo nyabaki ?
Nagomba ngaruke kuri le prix du ticket au transport. Muza gusanga navanze n’ikibazo c’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo la gestion du carburant ariko Reta ni imwe. Phénomène jewe maze kubona sinzi ko abandi barayibona ! Twama tubona imiduga itonze ku ma stations. Mugabo ngire ndababwire ikintu nabonye ku ma taxis.
Aba taximans bamwe barahevye akazi ka transport mugabo atari uko babuze ibitoro. We aratonda kuri station bakamuha igitoro bashoboye kumuha.
Aca agenda agaca akivoma akakigurisha kuri ya beyi irenze. Akaba akuyeko marge bénéficiaire yiwe akongera akaronka na ya versement ya shebuja. Urwo ni rwo rudandazwa basigaye bakora. Ni ukuri murabe mwubahirize ibiciro na cane cane ku bitoro. Jewe ivyo nabibwiwe n’umu taximan ko ariko basigaye bakora. Mu nkundire mwavuze une étude iriko irakorwa kuri les produits Brarudi kugira murabe le coût de production, la lentabilité économique de la Brarudi mu ntumbero yuko basanze bishoboka boduza igiciro ca produits Brarudi.
Jewe iminsi yose iyo hadugijwe ibiciro vy’ibidandazwa nguma nibaza ikibazo. Ko les consommateurs twagumye turi babandi harakwiye kuba une étude complémentaire. Une étude sur le coût de producton de l’usine hamwe na le pouvoir d’achat de la population. Tuzohava tuguma tuduza duhave dusanga abanyagihugu batagishoboye kubigura. Rero nkagira nti mu kuduza ibiciro vy’ibikoresho bimwe bimwe cane cane ibi bishikira abenegihugu, tworaba mu kubiduza ko hokwisungwa le pouvor d’achat y’abenegihugu, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze. Umwubahwa Gad.
Umukenguzamateka NIYUKURI Gad
Murakoze mwubahwa kumpa akanya. Nagomba na jewe mbanze nshimire Umushikiranganji ku nyishu yagiye aratanga ku bibazo yabajijwe na commission.
Ikibazo ca mbere nagomba mere nk’uwushigikira Umwubahwa icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ku vyo yavuze. Mbega birashoboka ko ku ma stations mwotanga itegeko ryo kwandika ama plaques y’amamodoka yanyoye igitoro ku miduga yahaciye ? Birateye amakenga kuko n’igitoro kihari kijerwa (gérer) nabi. Urasanga ku ma stations hari imirongo miremire idahera. Ku munsi umwe canke ibiri ukumva ngo amalitiro ibihumbi mirongo ibiri ngo araheze.
Ico ndakivuga kubera jewe nturuka mu ntara ya Makamba ni yo natowe. Umunsi umwe nasanze imoto bariko baravidura igitoro bambonye baca bariruka. Na probox hariho ukuntu bakoresha aga tuyau kuko hariko akayungiro ntibikunda. Urumva barafise ingene bakivoma, bagaca bakigurisha amafaranga bagakuramwo versement n’ayandi bashira ku mufuko. Burya banditse ama plaques ntivyofasha bagakangira kuko ntaboguma bagaruka. Erega ahejeje kuvidura aca agaruka gutonda !
Nyakwubahwa Mushikiranganji, murazi ko ibiciro vy’ibifungurwa ari inkora mutima ku benegihugu. Ibiciro vy’ibigori n’ibiharage biriko biraduga cane. None mwoba mufise ababaserukira mu ntara kugira bashobore gukurikirana ibiciro mu ntara ? Ndabizi ko hariho ababaserukira mu burere ariko mu ntara no mu makomine ntabariyo. N’abo mufise mu burere, uburyo umengo si ikirenga. Mu bumanuko bafise icicaro i Makamba bagategerezwa kuja mu Rumonge, i Bururi na Rutana aho rero bigasaba ko bagiyeyo bipakiza. None vyogenda gute kugira ababaserukira bashobore gukurikirana neza ibijanye n’ibiciro kuko abenegihugu baridoga cane.
Ica gatatu ari na co canyuma, mwavuze ko abanywanyi ba Brarudi basigaye ari benshi. Mwotubwira abo banywanyi bashasha biyongereye kugira bireke kuboneka? Canke ni abo nyene babijera nabi mukubinyegeza kugira biboneke ko ata bihari baheze baduze ibiciro ?
Ku kijanye n’ibiciro nyene, mwarafashe ingingo yo gushinga ibiciro vya transport ku ma modoka aja hagati mu gihugu. Kugeza ubu ibiciro mwashinze ntivyigeze vyubahirizwa, none habuze iki kugira vyubahirizwe? Murakoze kuba mwampaye ijambo.
Umukenguzamateka GIRUKWISHAKA Victor
Murakoze cane kumpa akanya ko kubaza ibibazo. Nagire nshikirize Nyakwubahwa Umushikiranganji ibibazo bijanye n’isima, isukari na transport naho carburant na yo nyene ihava ijamwo kandi atari mwebwe mubijejwe kuko hariho une implicaton transversale.
Mwatubwiye la capacité de production des industries qui produisent ivyo bintu dukeneye. Mwatubwiye manque de devises, mwatubwye capacité de producton sur base des matières premières kandi ivyo vyose mwatubwiye ni vyo. Mugabo ikibazo nyamukuru dufise uyu munsi naho izo limites zihari ni la distributon y’ivyo bintu. Naho vyoba ari bike bakabitanga nkuko bikwiye. Nka BUCECO iyo producton ya 16 mille tonnes bazitange hanyuma ziheze tumenye ko zaheze hanyuma duce turindira. Isukari na yo nyene bigende uko. Jewe ndi mu bantu bakoresha isima nyinshi mu vyo nkora baravuga ko batanze isima uno munsi rigaca rihera. Ikibazo nyamukuru ni spéculation kandi ugishireko accent particulier.
Aho bibabarije, uno munsi twumva umengo harimwo n’abo muri administration babirimwo kandi birababaje cane. Isima uno munsi hariho ibiciro mwashinze 24500f ku mufuko wa BUCECO. Uyirondeye ntuyironka ariko uciye kuri abo bantu bama spéculations urayironka ariko bigoranye ku giciro ca 37000f à 38000f. Umubwiye ngo mpa facture akubwira ko uyikeneye akwandikira ku giciro ca 24500f. Kubera ko ata chox uba ufise kandi ibintu uriko urakora bihakwa kwononekara uca upfa kwemera. Ubivuze muri administration baragenda bakavugana ejo mugahura kandi uyikeneye ntazosubira no kuguha. Iyo rero ni spéculation dans la distributon.
Kuko nimba production ari ntoya nibayigurishe ku giciro mwashinze hanyuma iheze dusubire turindire. Ico kibe valable no kw’isukari ntitwinyegeze inyuma ya limite de production na devise ahubwo dukurikirane itangwa ryavyo tuyironke ku giciro gisanzwe. Uno munsi ikibazo nyamukuru ukayirondera ku giciro gisanzwe ntuyironke, mugabo utembereye hirya no hino, urayironka mugabo ku giciro kidasanzwe. Umufuko w’isima utegerezwa kugurwa amafaranga angana n’ibihumbi mirongo ibiri na bine (24.000fbu), ugaca uwugura ibihumbi mirongo itatu n’indwi (37.000fbu) canke ibihumbi mirongo itatu n’umunani (38.000fbu). Urumva yuko ivyo wagomba gukora vyose bica bigwa mu mazi.
Ivyerekeye isukari na vyo nyene ni co kimwe. C’est le problème de distribution. Ni ukuvuga ko isukari bayironka bagaca bayinyegeza, igaca ibura. Abo rero bayinyegeza nibo nshaka ko mufata mwebwe mubijejwe. Ku vyerekeye ivya transport en commun, murazi ko mwashinze ibiciro vyo kwiyunguruza. Jewe intara mvukako ni Muramvya. Ibiciro mwashinze ni ibihumbi bitanu (5.000fbu) kuva i Bujumbura uja i Muramvya. Uno munsi ibiciro vyo kwiyunguruza ni ibihumbi cumi na kimwe (11.000fbu) canke cumi na bibiri (12.000fbu), kandi ku mugaragaro ata no kwinyegeza. Jewe narigeze kuba ntondeye igitoro, haca haza umuntu ambwira ngo mutama, ngo biragoye ngo ariko uvyemeye jewe hari ahantu nokurangira igitoro, nca ndamubaza nti none ukigurisha amafaranga angahe ? Ngo ibihumbi cumi (10.000fb/litre) kw’iritiro. Urumva ko ari ubusuma burengeye. Aha nobabwira kandi ko le marché de Buyenzi yama irimwo igitoro.
Donc, le problème qu’il y a, c’est la distribution. Abantu duserukira ni bo baca batubwira ngo mbega none mwebwe mutumariye iki ? Rero jewe nibaza ko mwoshira inguvu cane muri la mise en application. Naho vyoba ari bikeya bakabisabikanya, kuko uno munsi ntitwoca tubwira ishirahamwe BUCECO ngo ironke matière première isumba iyo yahora ironka, mu mwanya mutoyi ntibikunda. Ntidushobora gusaba BRARUDI ubu nyene ngo iduze production kubera turazi ko ikeneye matière première na devise, ivyo biragoye guca biboneka. Mugabo tuvuga duti ivyabonetse ko bobigurisha ku giciro mwashinze.
Ivyerekeye isukari, isukari yoyo turayirima mu Burundi. Naho hoba habaye ingorane de capacité de production, les devises n’ibindi, Reta yogerageza igasaba ideni, ivyuma bikaza bakarima vyinshi. Aha novuga ko à moyen terme solution irashoboka. Ivyerekeye isima (ciment), je pense que c’est la même chose. N’ivyo bike bibonetse ni babitange ku giciro cashinzwe, kuko ni yo rôle ya Reta, ni yo rôle y’abatware. Abo mufashe barengeje igiciro mubahane.
Twebwe ng’aha mu Burundi turafise un problème des tricheurs et des speculateurs. Namwe rero ni mujemwo murabe ingene mubahasha, muri ico gihe ibintu bizoca bigenda neza. Murakoze.
Icegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze cane. Ubu naho duhe ijambo Honorable Faida.
Umukenguzamateka Faida Devote.
Murakoze Mwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kuntiza kano kanya. Ku vyerekeye ibinyobwa vya Brarudi usanga barya bafise des dépôts kenshi banyegeza inzoga. Iyo bazitanze naho usanga bikika mu kiza bakazitanga ku giciro kirenze. Uwazironse ku giciro kirenze nawe aca adandaza ku kindi giciro kirenze nyene. Urumva ni ca kibazo gikwiye gukurikiranwa na Reta hamwe n’abatware ku vyerekeye distribution.
Ikindi gituma ibiciro biduga ni uko usanga nka Musitanteri adandaza ibinyobwa vya BRARUDI ku giciro kirenze, hanyuma umwenegihugu na we mu kugurisha ivyo binyobwa aca afatira ku karorero k’uwo mutware. Mu bisanzwe tugiye kuraba ubuzima bugizwe n’abarundi, igitigiri kinini kigizwe n’abirimizi. Kandi ugiye kuraba abo birimizi benshi usanga bafise amikoro make. Tugiye kuraba igiciro c’isuka na co nyene kirateye ubwoba, sinzi ko abandi ariko babibona.
Jewe aha nagomba mvuge nti none umuntu naho yoba ari umukozi ariko bikamunanira kuronka igikoresho, urumva muri rya terambere rivuga ko umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura n’umufuko wose ukaronka amafaranga, uca usanga bigorana. Mbega ntakuntu mu bushikiranganji bodufasha kugira igiciro c’isuka kigabanuke ? Kuko n’iyo umuntu agiye guca ingero, bisaba ko aba afise isuka. Ikindi kintu gifise igiciro kinini cane kw’isoko, ni amabati. Nyakwubahwa Mushikiranganji mwotubwira igituma ? Murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze. Nagomba ndabamenyeshe ko abafise ibibazo ko mwokwisunga ibibazo twarungikiye Nyakwubahwa Umushikiranganji, ibibazo biri mu bushikiranganji bw’ubudandaji ni vyinshi cane ariko twari twavuganye yuko tubaza twisunze muri ibi bibazo bine (4) twabajije. Murakoze. Ubu naho twumvirize Nyakwubahwa icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Jewe ndi mubateguye ibi bibazo twabajije Nyakwubahwa Umushikiranganji, twarakoranye n’umurwi wamaho mu kubitegura. Twumvirije inyishu Umushikiranganji yatanze, twasanze ko muri rusangi zumvikana, ariko turiko turakora igikorwa nk’iki, kugira tworohereze na service des séances et P.V itugirira icegeranyo c’ibi turiko turakora, mbona vyoba vyiza tugiye ku kibazo kimwe kimwe muri ibi twari twashikirije. Les recommandations utiles sur chaque question, tukazivuga. Hariho nyinshi zamaze gusohoka ariko zasohotse muri rusangi.
Nimba ibibazo vyabajijwe vyari ibijanye na les produits de Brarudi, hari ikibazo kijanye n’amakaye, ikijanye n’isima ya BUCECO n’ikijanye na ticket de transport. Ivyo ni vyo bibazo nyamukuru vyari vyabajijwe. Rero Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka hamwe mwonkundira, nagomba dusabe aba bubahwa bagenzi bacu, tugende ku kibazo kimwe kimwe na recommandations utiles tugende ku kibazo kimwe kimwe. Ikintu mbona ni uko twofasha l’exécutif mukuyiha des recommandations bokorerako kugira barabe ko ivyo twasavye muri ivyo bibazo bobikorerako kugira umwenegihugu yoroherwe cane. Ico cari iciyumviro canje, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Oui Honorable Ernest.
Umukenguzamateka NAHIMANA Ernest
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kuntiza kano kanya. Jewe nagomba ntange intererano kugira ibintu bisubire gutonda ku murongo. Ku kibazo c’igitoro musanzwe muzi ko hariho abakidandaza kuri magendu, aha nashaka kuvuga ko mwohera kuzibira muhereye kuri transport intérieur kuko ibidandazwa vyose ni ho bidugira. Ama bus yose akorera mu gisagara ca Bujumbura ntiyigera aduga mu gihugu hagati, kandi izo bus ziranywa igitoro, zikubahiriza n’ibiciro vyashinzwe na Reta. Jewe rero nagomba gusaba ko Reta yofata mu minwe ikibazo co kwubahiriza igiciro yashizeho ku vyerekeye ibiciro vyo kwiyunguruza mu gihugu hagati.
Ku vyerekeye isima ya BUCECO, aba grossistes ni bo bayironka. Kugira ibiciro vyubahirizwe ni ukubanza gukurikirana les grossistes ukuntu bayitanga. Umuntu bahaye isima agaheza agatanga umwidondoro wiwe, isima atwaye ingene ingana hamwe n’ico agiye kuyikoresha. Aho bica vyorohera Reta gukurikirana neza urudandazwa rw’isima.
Ivyerekeye ibinyobwa vya Brarudi, Reta yarashinze ibiciro mu ntara zose. Mugabo ico gihe yabishinga, ishirahamwe Brarudi ryaradugana ibinyobwa gushika mu ntara zose, ndetse no mu makomine ikabishikanayo. Mugabo uyu munsi hariho amakomine, Brarudi idashikanamwo ibinyobwa, bikaba ngobwa ko ayo makomine aja kurondera ibinyobwa mu ntara. Ivyo na vyo bituma imodoka zija kuzana izo nzoga zikenera igitoro zinywa kandi musanzwe muzi n’ingene gikenye uyu munsi.
Uyo muntu aciye ashikana ivyo binyobwa muri komine kanaka, ntibashobora kubidandaza kuri ca giciro ca Brarudi kuko yoca ahomba aravye igitoro yakoresheje. Rero nagomba nsabe ko Reta yosubiramwo ibiciro iravye ahantu Brarudi ishikana ibinyobwa. Igaca iraba na distance y’abaza kubitorako na cane cane muri kino gihe igitoro gikenye. Aha ndabivuze kubera ko uno munsi hariho amakomine yahevye kudandaza inzoga. Mugabo kubera abo badandaza bari bariyandikishije ko badandaza inzoga, amafararanga y’itagise barayatanga. Urumva nabo ko bafatiwe amaboko i mugongo. Rero Reta yoraba ikamenya ahantu Brarudi ishikana ibinyobwa kugira ice ishinga ibiciro hariya idashika, yongeyeko ya mahera umunyagihugu aba yongeyeko ya transport, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Oui Honorable NDUTURA.
Umukenguzamateka NIBITANGA NDUTURA
Murakoze Mwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kuntiza kano kanya. Nyakwubahwa Mushikiranganji, ubushikiranganji murongoye buri mubugize umutima w’igihugu, kubera habaye ikibazo muri ubwo bushikiranganji, umwenegihugu biramukorako mbere na twebwe tudasigaye inyuma nico gituma iyo habaye impact i touchant twese, turazi ko ibibazo vyose dufise musanzwe mubizi, inyishu en un mot ko yoba nkuko abagenzi banje bafashe ijambo ari suivi et exécution, kuko mu gihe hashobora kuba hariho distribution canke mwamaze gutanga urutonde rw’ibintu uko bizokorwa ariko ntibishirwe mu ngiro kurya muba mwarabisohoye canke kurya mwabivuze, tuzokwama mu ngorane. Ari naho hashobora kuba bamwe bashobora gutyoza igihugu cacu bakatuvuga uko tutari kuko ata suivi canke ngo barabe exécution y’ivyo mwasohoye uko biri.
Rero ndiko ndaraba nko mu bibazo bijanye na produits BRARUDI nabonye ko mwavuze n’ikintu kijanye n’ama devises, manque de devises kugira bagure les produits BRARUDI, mbega kubwa BRARUDI ubwayo ama produits isohora nta ma devises yinjiza? Yoba yinjiza ama devises canke nta ma devises yinjiza? Mugihe yoba yinjiza ama devises, yobura ama devises gute ashobora gukwiza ama produits ishobora gu servant abenegihugu?
Ikindi kigira kabiri, jewe nagize amakenga ari naco gituma tuvuga duti suivi y’ibintu mu gihugu iyo itabayeho uca usanga buri muntu wese umenga arishira akizana agakora ivyo ashaka ni ukuvuga ko ndiko ndaraba nko mu ma 2020 inzoga zaraboneka atangorane le produit BRARUDI zaraboneka ata ngora nimye. Nyakwubahwa Mushikiranganji, muvuze ngo ubu ababifata bariyongereye, nca ndaharura kuva 2020 kugera 2022, abana b’imyaka ibiri ni bo biyongereye kunywa produits za BRARUDI nca nongera ndibaza peut être ni babandi bahora banywa agasukari baciye bagenda mu ma produits BRARUDI? Urumva rero inyishu igaruka ni « suivi » yo kuraba uko ibintu vyose biri mu gihugu musanzwe mujejwe mu bushikiranganji murongoye uko bishobora gutangwa hisunzwe amategeko nkuko muba mwayasohoye, ni vyo nagomba gushikiriza, murakoze.
Umukenguzamateka NAHIMANA Ernest
Murakoze Mwubahwa cegera ca mbere kumpa akanya.
Ikibazo ca mbere gisa n’ico Umwubahwa Ndutura ahejeje gushikiriza,ku kibazo Umushikiranganji yatangiye inyishu avuga yuko abantu biyongereye jewe sindakigarukako kuko Umwubahwa Ndutura yamaze kukivuga reka nce nsimbiza ku kibazo kigira kabiri mbaze Umushikiranganji.
Nyakwubahwa Mushikiranganji turumva yuko mu binyobwa bimwe bimwe vya BARARUNDI bija hanze kandi mu gihugu abenegihugu babibuze. Nyakwubahwa Mushikiranganji, hari ico mwoba mubizi ko ? Nimba vyoba bisohoka koko, mwoba muriko mukora iki kugira ngo abanyagihugu bacu ntibabandanye babura inzoga kandi izo nzoga ziriko zirajabuka hanze ? Ico ni co nagire nongereko ku co Umwubahwa Ndutura ahejeje kuvuga, murakoze.
Umukenguzamateka NDIZEYE Charles
Ico nashaka gushikiriza Nyakwubahwa Mushikiranganji, barya ba fournisseurs bo muri mairie murabaraba neza na bo nyene muzosanga bafise ama dépôts, ayo ma dépôts rero akaba ari yo baca baja kurangura ko barya banyagihugu bato bato. Ntushobora kumbwira yuko aha i Gitega ko bagurisha 1900frbu i Bujumbura ugahura ari 2200fr bu canke 2500 frbu, ivyo umuntu yobisigura gute ? ivyo rero muramutse mukoranye na administration, muravyitondera neza kuko ni ama cas menshi ariko araboneka n’aho tubaye turabibona, mukoranye na adminstrartion mugaheza mugatora inyishu y’ico kibazo.
Ikindi kigira kabiri nico nagomba gushimangira ko umugenzi wanje Ernest yavuze ati ivy’inzoga za BRARUDI canke isukari aba grossistes kenshi bagenda babishikiza ku ntara, hanyuma ushitse hariya mu ma commune ari ruguru mu misozi, abeneghugu baguma basaba agasukari na ka gacupa, ntibashikirwe bakavuga ibeyi ya BRARUDI canke iya SOSUMO ati ni iyi. Na gomba gusaba nkuko mugenzanje yabisavye kugira n’abenegihugu bo mu misozi iyo sukari ibashikire, murabe ico mwoshira ko kugira mworohereze barya babidugana, abenegihugu barabe ico bokwifashisha, kuko bakubwira ngo ntibayidugana yo ngo kubera irya beyi boca bahomba, ni ico jewe nagomba guterera Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze, honorable pacifique.
Umukenguzamateka NDIHOKUBWAYO Pacifique
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka mukuntiza aka kanya. Jewe ahanini si ibibazo ngire nse nk’uwo formulant la recommandation ku bijanye na carburant hamwe n’ibinyobwa vya BRARUDI. Nyakwubahwa Mushikiranganji, kubijanye na carburant turabona neza yuko naho gikenye nkuko abandi bagiye barabivuga, n’igihe kibonetse ntikigaburwa neza ugasanga ya ma spéculations bamye bavuga ni yo atumye n’ibiciro bica biduga. Ntanze nk’akarorero, hariho intara zabitunganije neza usanga ubu hariho itegeko ribuza gushira carburant mu kabidon naho woja kuri station utwaye ibidon atagitora baguha. Ubu rero abashoferi bize umugambi nkuko abandi babivuze wokugishira mu modokari bagaca bakivoma, bamaze kukivoma rero ni ca kindi baca bagenda kudandariza muri birya bikinju arya ma cupa ya plastic, ugasanga kiriko kiragurwa 12000 frbu canke 15000 fr bu même na 20000frbu kiriko kirayashikako.
Rero jewe mbona ko hoba itegeko umuntu bamufatanye igitoro mu gicupa ca plastic icari co cose, hojaho ingingo zimuhana hanyuma n’abajejwe intwaro na bo nyene n’abajejwe umutekano bakadufasha. Nko mu ntara ya Muyinga hegereye urubibe rwa Tanzaniya, muri ino misi cari kibuze, twagenda kukinywa muri Tanzaniya mugabo ubu na bo cabonetse ng’aha i Burundi kubera kizimbutse gusumba muri Tanzaniya, imodoka zose zo muri Tanzaniya ziza kunywa ino mu Burundi, gica gitera gisubira inyuma canke ugasanga babandi bakivomye baciye basubiza kukidandaza muri Tanzaniya, mbere mu misi iheze hari hafashwe n’ingingo, ariko yamaze umwanya muto.
Station iri ku rubibe Kobero kubera basanze ari yo baca banyweshako aba Tanzaniya benshi kugira n’imiburiburi distance ibe nini, bemeye kuva i Tanzaniya bagashika ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga distance ibe nini bapfume basanga ivyo birometero bongeyeko botuma bakinywa iwabo, ariko n’abiwacu bakivoma bagisubizayo, kuko birateye amakenga aho usanga i station zishika zine zose ziriko igitora mugabo ugasanga guhera ku wa mbere gushika ku wa gatandatu ziguma zitonze ugaharura izo modoka ziri mu ntara ya Muyinga zotonda indwi yose zinywa ibitoro zidaheza ukazibura. Birumvikana neza yuko ava kunywesha agaca avidura agaca agaruka kunywesha. Kurya babivuze ntibakigira transport yo mw’ibarabara badandaza ivyo bitoro akirirwa ng’aho, kandi ni ho akorera menshi gusumba aho yokorera mw’ibarabara.
Rero mwo kwiga ingingo zose zohasha kugira igitoro kinyobwe dans la voie légale. Hanyuma haca haduka ikindi kibazo, ko hariho ama komine menshi ari kure y’imirwa mikuru y’intara ata ma stations arimwo ayo ma komine akaba afise amamoto, amamodokari, abakoresha ama moulins, ama groupes électrogène abo na bo rero mwobigira ingingo kugira bashobore kuronka ico gitoro. Mu misi yaheze babanza guca kwa Gouverneur akabaha urwandiko bakabona kubaha igitoro ku ma stations mu mabidon, mugabo naho nyene haca habamwo ama spéculations ugasanga wa muntu yasaba uruhusha rwo kugitwara mu ma bidon agaca asaba cumi yarakeneye imwe, izisigaye agaca azigurisha. Ni ingorane nyinshi, ivyo bibazo vyose mwogiriranira inama n’abajejwe intwaro mukaraba ingingo mwofata kugira ivyo bitoro bitangwe biciye mu muco.
Ikigira kabiri ku binyobwa vya BRARUDI, haboneka bike n’ivyo bike biboneka no vuga yuko harimwo akarenganyo kuko hari ububare bita VIP kandi aka bare kugira bakite VIP tugiye muvy’amategeko, babanza guca muri procédure normale bakabanza kuba assujetti à la TVA hanyuma agasaba uruhusha mu bushikiranganji bw’ubudandanji bakamuha ubwo burenganzira bwo kuduza kuri ivyo biciro. Mugabo turavye hirya no hino, hari ububare bwiyita bwa VIP ugasanga amstel ayigurisha 3000 ahandi bayigurisha 2000 ariko umubajije uburenganzira bwo kugurisha kuri ivyo biciro, ugasanga ntarwo afise, ugasanga kaka mashine ka facturation électronique karonka umu assujetti à la TVA ntako afise mugabo agaca agurisha ku biciro yishakiye.
Jewe narigeze kuvugana n’abakozi ba OBR ndababwira nti none ko hari ubu bare budandaza nkuko bwishakiye ati mwebwe murabizi ? Bambwiye ko babizi ko ari vyabindi vyo mu kibano. Ati umuntu araza ararenza ko, ati tugiye kuza turabishira mu mategeko vyose ikibano coca kiba nabi, Nyakubahwa Mushikiranganji ico kibano coba kibi hari ho abariko baraniga abenegihugu bagurisha 3000 hari uwundi ariko aradandaza ku giciro kizwi kandi ikori batanga muri commune ringana ? Mugabo muri OBR ugasanga ntanumwe atanga ikori naho nyene duca tubona ko bitagenda neza.Rero mworaba abo bantu bandandaza ibiciro nkuko bishakiye mukaraba ingingo mubafatira. Nimba bashaka akabare VIP akabicisha mu nzira zizwi n’amategeko akaronka impapuro zikwiye hanyuma akariha ama kori akwiye kugira ashobore kuduza ibiciro, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inamankenguzamateka
Murakoze, Honorable Jean Bosco NTUNZWENIMANA
Umukenguzamateka NTUNZWENIMANA Jean Bosco
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa ijambo, nari nipfuje ko twari kugenda kuri irya orientation Deuxième vice Président wa Sénat yaduhaye ko tubanza tuka vidant ikibazo kimwe kimwe tugatanga recommandations s’il le faut, ariko mbona siko twabikwirikije. Ariko ngiye nko ku kibazo kijanye n’amakaye n’ikibazo fondamentale twagiye turabazwa n’abenegihugu muri ino misi aho twariko turagendera abenegihungu na Nyeniteka Umukuru w’Inama Nkenguzamateka urabona ko ari ikibazo kibabaje abarundi benshi, kubera iki ?
Baratubwiye bati amashure agire atangure ibiciro vy’amakaye biraboneka ko vyaduze, simvuze amakaye gusa navuze ibikoresho vyose en général, kandi turiko turaraba amikoro y’abenegihugu kuko barabibajije muma descentes twarimwo ugasanga nk’umuvyeyi afise nk’abana bane canke batanu, uravye ikaye uno musi igurwa 1600 fr bu ufate mwayene ikaye y’impapuro 36 nasanze iri ku mahera 700 frbu ivyo ni ibiciro vya PACOBU, PACOBU yoyo igira ama chance ko ironka ama devises yo gukora ama cahiers ni ukuvuga umudandaza arashobora kuyaronka kuri marché noir ugasanga agurisha kuri 2000 fr bu canke 2200 frbu kuko ntashobora kugurisha co kimwe na PACOBU yo yaronse ama devises yahahwe na Reta, ni ukuvuga ko igiciro kiri hejuru ufashe umuvyeyi afise nk’abana bane arashobora kuba akeneye amakaye 10 umwana umwe usanga akeneye hafi 20000 fr bu, warwiza n’abo bane ugasanga ni 80000 fr bu uca uraba amikoro y’abarundi uno munsi tugire dutangure amashure ku makaye yonyene aho nsishizeko uniforme, sinshizeko ibindi bikoresho bikenewe.
Ikibazo nashaka mbaze Umushikiranganji, twarabonye muri ino misi ukuntu ikibazo c’igitoro Reta yahaye inguvu REGIDESO kugira izane igitoro sinzi ko na twebwe ko ng’aha twohava dutanga recommandation s’il le faut ko ishirahamwe rya Reta risanzwe rikora ibitabo nimba bishoboka ko RPP ishobora kuronswa uburyo na yo nyene ikemporta amakaye ibikoresho vy’ishure hama ikabishira à la disposition comme ça n’ubushikiranganji bica vyoroha kuregula ibiciro kuko RPP ni ishirahamwe rya Reta kandi rirabishoboye rironkejwe ibikenewe tukaraba neza kugira no mu myaka iza ibiciro vy’amakaye ntibishobore kuduga uko tubibona Reta ikaronsa uburyo RPP, turaraba nimba dushobora kubishira muri recommandation ko vyokunda mugabo quand même tukabona structure ya Reta ishobora guhabwa uburyo hama igashobora kuzana ibikoresho accessible à tout le monde.
Ico ni co ca mbere nashaka kuvuga kuko réellement biraboneka ko abana bazoja kw’ishure hazobaho ama abandons scolaires kubera ico. Ni ico nagombe mvuge ubwa mbere.
Ica kabiri, nkuko Umushikiranganji yakivuze, yakivuze kuma cahiers no kw’isima no ku ma produits ya BRARUDI ko ari problèmes des divises, ingingo yuko ababishoboye bashobora kuronswa ama devises sinibaza yuko iyo ngigo ikwira bose, yoba ari ingingo naho nyene ntiduhendane ntawombwira yuko uno musi umudandaza wese azoza ati jewe ndakeneye ama devises ngo nje kuzana amakaye kuko benshi bayakura i Buganda n’i Nairobi, uno munsi yoshika aronka ama devises kugira agende, ni ukuvuga hari abaronka ama devises hari n’abatayaronka, uwutayaronka aca yiruka kuri marché noir akayarondera kuri 3500 frbu uwundi akayaronka muri BRB.
Aya yo muri BRB ni ukuvuga ko ibidandazwa uwuzobigurisha makeya kandi ko yayaronse amafaranga ya Reta aca akubitako marge bénéficiaire, wa wundi na we yayaronse kuri marché noir na we vyamugoye kubizana ugasanga n’ibiciro biragoye ingene umuntu abi régulant. Ni ukuri ubushikiranganji ntivyoborohera ku régulant ku muntu yakuye amahera kuri marché noir n’uwundi yayakuye muri Reta. Est-ce que umuntu kugira aronke ama devises haraba appel d’offre ati abakeneye ama devises murashobora kuzana ibikoresho ni muze muyatore kuko n’ibi biri no ku bikoresho vyo kwubaka, urabona ko ari ikibazo hari abaronka amafaranga bahawe kuri taux ya banque n’abandi bayakura kuri marché noir ugaca usanga ibiciro kenshi ku masoko ni ingorane. Iki rero ni ikibazo na co nyene bakwiye gufata mu ntoke kugira ntiharonke akagwi k’abantu bamwe bamwe mugabo umuntu wese ni vyaba bikunda bapfume basabikanya make make, mugabo ibiciro quand même n’umushikiranganji ashobore kumenya ingene ashobora kubi régulant.
Ikindi ni uko nka Buceco, kuko uriko uraraba amafaranga aja muri importation y’isima hanze, Tanzaniya, Zambiya, akagenda muba privés pour l’importation y’isima, ni amahera menshi cane y’ama devises.
Plutôt que kwiyumvira ko ayo mafaranga twoyaha Buceco igashobora kugwiza production kuko Reta na yo irahatorera ko amakori co kimwe na Brasserie. Kuko Brasserie na yo nyene turabona neza ko hariho amahera na yo agenda muri importation y’izindi nzoga, ama Vins, ama Heinekens, n’ibindi. Ugaca usanga bica bituma Brasserie na yo nyene itaronka ama devises menshi kugira ishobore kw’ important les matières premières.
Aha nobamenyesha yuko iyi semaine Buceco bazoba bafise cinq cent tonnes za clincaires, ubwato bwagiye kubizana muri Zambiya. Ni ukuvuga izo cinq cent tonnes, ni bimwe nyene ibibaye bikeya duca twitana ibisambo, izo cinq cent tonnes ntizishobora gu produisant i ciment ishobora gukwira igihugu. Ni ukuvuga yuko rero n’ico gituma ku ma points de distributions haca haboneka ibikoresho bikeya. Produits Brarudi, produits Buceco, haca haboneka ibikoresho bikeya tellement que Buceco na Brasserie badashobora gu satisfaisant la demande. Kubera iki ?
Kubera manque des devises nkuko babivuze. Mugabo nk’uwofata amafaranga yose aja muri importation, ay’inzoga canke ay’i ciment, baga focalisant kugira bahe Brasserie na Buceco, kuko Reta ihatorera akoyoko, n’abana bacu baronke akazi, n’amakori yiyongera, vyofasha cane. Hanyuma abo bandi ba privés baja kuzana izindi nzoga, canke utundi tu unités de productions, bakaronka ayandi mafaranga azoba yacagutse, mugabo bagashobora kubanza baga satisfaisant la demande ya Brasserie na Buceco, ni ukuri vyofasha n’imyidogo ikagabanuka.
Mugabo ikibazo kihari, n’ayahari babanza kuya distribuant h’irya no h’ino, hanyuma Buceco na Brasserie ugasanga ntibaronse ama devises akwiye yo kw’ important les matières premières hanyuma ugasanga turiko turata umwikomo kuri ayo mashirahamwe canke kuba grossistes kandi na bo nyene bidoga. Kuko hari umuntu ashobora kuba amaze amezi abiri canke atatu atararonka i ciment ya Buceco, canke atararonka inzoga.
Turabona muma dépôts ya Brarudi ruguru ugasanga mu ntara haheze nk’amezi abiri canke atatu ata ciment ihaza, canke ugasanga haheze deux ou trois semaines ata camions y’inzoga n’imwe ije kubera ivyo bibazo bihari. Ivyo bibazo rero ni ukuraba iyo biva. Ntidushire cane cane ishavu kuri Brasserie mugabo turabe n’ingene n’ama devises dufise twoya gérant neza kugira izo sociétés zi produisant na zo zibe capables de produire ibikwiye ng’aha mu gihugu, plutôt yuko tubanza guha aba privés. Hanyuma kandi ikindi kibazo nfise, nimba bikunda abipfuza ama devises, bareke kuyaha une certaine catégorie de personne bazizana bagaca bayashira kw’isoko, mugabo bose ko ari isoko imwe kandi ari amafaranga y’abarundi bose, baronke accès bose de la même façon. Ni ico nashaka kuvuga, murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze.
Umukenguzamateka BISABWIMANA Antoine
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka kuduha natwe akanya kugira ngo tuvuge ivyo duhejeje gutegura. Twagomba kuvuga kuvyerekeye aya ma sociétés atatu yavuzwe mu kibazo cambere, ca kabiri n’ica gatatu. Ni ukuvuga uruganda ruhingura amakaye, ibinyobwa n’ I ciment. Umushikiranganji yatubariye ati, nk’ inzoga, nta bikoresho bafise bikwiye, eka n’amakaye bavuze ko hari ivyo bakura hanze, vyumvikana yuko urwo ruganda rusohora ibidakwiye, eka n’ i ciment.
Nagomba kubaza Umushikiranganji yuko mu biganiro agiriranira n’abagwizatunga bo ng’aha mu Burundi, batoba baba motivant kugira ngo bashobore gukora ibintu bisahiriza izi entreprises? Nk’ ubu jewe ndashimishwa n’uruganda Burundi Brewery ruhingura inzoga. Abarundi bariko baravuga ko ziryoshe cane, nk’ aho urumva yuko baronka ibintu abarundi bateramirako mu kibanza za amstels na za primus ziba zabuze. Ico cari igisabo ca mbere, kandi no kubaza ko boba bayaga n’ abo bagwizatunga bafise amafaranga yuko bosahiriza.
Hanyuma ikigira kabiri, ni ikintu cerekeye iyo pénurie bica bituma abadandaza baca biha kuduza ibiciro ku biciro vyari bizwi. Ugaca usanga mu ma communes atandukanye, musitanteri w’ Icendajuru yaciye amende umuntu yadugije inzoga ibihumbi amajana atanu, ugaca wumva uwo mu Kirundo na we yamuciye umuriyoni. Mbega Nyakwubahwa mushikiranganji, ntimwoshiraho ibihano biri uniforme mu gihugu cose kugira ngo ntihagire umuntu yumva ko arenganijwe kuko baba barenze amategeko, turabishigikiye, mugabo baronke ibihano bimwe. Umuntu yadugije I ciment, umuntu yadugije inzoga, umuntu yadugije amakaye na we nyene tukamushiramwo agahanwa n’ amategeko ategekanijwe.
Ikindi na co ni icerekeye ibitoro. Burya igitoro ni ikintu kibi cane iyo ukivomye mu modoka ukaja kukibika ahantu hatemewe n’ amategeko, mbere mw’ ino misi muri quartier Nyabagere, baravuze inzu yahiye, aho umugore yagiye kwatsa imbabura atazi ko umugabo yashize aka bido mu nzu. Urumva n’ umwana narumvise yuko ashobora kuba yarapfuye. Ntimwoza murabicisha mu tuntu tw’udukino kuri télévision, abantu bakabona ingarukambi y’ igitoro kibitswe mu nzu? Cari ico gisabo, murakoze.
Icegera ca mbere c’ Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze.
Umukenguzamateka BASHEMEZA Daniel
Murakoze cane Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa akanya. Jewe nanje nagomba mbaze Nyakwubahwa Umushikiranganji,ego turiko turavuga cane ibura ry’ ibi binyobwa vya Brarudi, n’i ciment ya Buceco n’ isukari, mugabo hariho ikindi kibazo giteye ubwoba yuko n’ ivyo binyobwa canke izo produits usanga akanovera katagikwiye. Nagomba mbaze Umushikiranganji yuko iki kintu c’ akanovera na co nyene bagikurikirana, kuko uravye nk’ikiyeri uko mu misi cari kimeze, ubu akanovera karagabanutse. I ciment ya Buceco uko yari imeze kera ubu si ko ikimeze.Ucanze n’umusenyi umengo usutsemwo umunyota. Hanyuma rero nagomba mbaze Nyakwubahwa Umushikiranganji yuko ivyo bintu vy’ akanovera na vyonyene mubikwirikiranire hafi murabe ko akanovera gakwiye. Murakoze kumpa kano kanya.
Icegera ca mbere c’ Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Egome murakoze. Honorable Chantal.
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Marie Chantal
Murakoze cegera ca mbere c’Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka.Nanje ni amakenga mfise ku vyerekeye itangwa ry’igitoro. Nyakwubahwa mushikiranganji,turavye ama stations amwe amwe, ego iyo habonetse igitoro baragitanga, mugabo hari amakenga mpora ngira, hari igihe station bazana igitoro mw’ ijoro hanyuma bakagitanga mw’ijoro, hanyuma mu gitondo muma satatu ukaza wumva ngo igitoro caheze bamaze guha nk’ imodoka nka zitatu.Twosaba rero Nyakwubahwa mushikiranganji ko hoba suivi y’ abo bantu batanga igitoro mw’ ijoro hanyuma hagera mu gitondo bahaye imodoka zitatu canke zine ngo igitoro kiraheze.
Mbega none ico gitoro kiba cashitse, kiba canyikiye hehe?Ni za ngaruka uca usanga abantu bariko baragurisha ibitoro muma bidos, ugasanga 20 litres igurwa cent cinquante mille. Uca usanga abenegihugu nk’ abakora transport yo mw’ ibarabara aguze ibido ya cent cinquante mille, urumva yuko na we aca aduza ibiciro kugira na we ashobore kugira akarusho ashobora kuronka mu gihe aba ariko arakoresha imodokari kandi yaguze igitoro kw’ ibeyi isanzwe itari iya Reta.
Twasaba rero vy’ukuri ko mwoshiramwo inguvu mugakorana n’abajejwe intwaro n’ umutekano kugira ngo ivyo bintu vy’ ukuri bihagarare.Nimba igitoro bogitanga, mugashiraho itegeko nkuko asanzwe ahari kuko benshi barayarengako ugasanga igitoro bakizanye mw’ ijoro, bakagitanga mw’ ijoro ugaca usanga mu gitondo ngo kiraheze. Mudufashe rero muze muraturabira ivyo bintu kugira ngo bihagarare igitoro gitangwe vy’ukuri mu mwanya uzwi n’amasaha azwi. Murakoze.
Icegera ca mbere c’ Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze. Ego Honorable Rénilde.
Umukenguzamateka NDAYISHIMIYE Rénilde
Murakoze cane Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kuntiza aka kanya nanje ngire ico nshikiriza.Benshi babivuze ku vyo nari nategekanije, ariko nashaka jewe ngende kuri iki kintu cuko ibi vyose bikena.
Ntangure kw’ i ciment. I ciment Nyakwubahwa Mushikiranganji, urya mu grossiste ayivanye kuri usine, kenshi ni we aca ayitanga. Donc,aba umu grossiste akongera akaba umu détaillant. Jewe rero nashaka kubaza ikintu kimwe, none burya Brasserie izana igashira muma mégas, ama mégas na yo agaha ama dépots, i ciment ntiyokora uko kugira abenegihugu baronke bose?
Abenegihugu bamwe baravuga bati,i ciment igiye gushika, barafise ukuntu ngo biyandikisha ku bakuru b’ imitumba abakeneye i ciment. Mugabo mwabonye i camion yashitse ku mugoroba, mu gitondo ugiye kuraba bagasanga i ciment yaheze, ni ukuvuga iki? Hariho izindi modoka ziza,adepoje (déposer) zigaca zipakira zikagenda. Abantu bo muri iyo zone bakabura i ciment.Ndiko ndasaba nti none ntakuntu hoba itegeko kurya haba ama dépôts y’inzoga za Brarudi, n’ i ciment hakaba ama dépôts ku ma zones ku ma zones.Gutyo ntawosubira gutwara i ciment ahandi kuko abo muri zone bomenya ingene babikurikirana.
Ica kabiri, ku vyerekeye i ciment, hariho igiciro Reta yashinze kw’ i ciment ya Buceco. Ntakuntu mwoshiraho igiciro kw’ i ciment iva hanze na yo? Kuko abadandaza bayo barikiki mu kiza. I ciment ya BUCECO naho iba itarahera bakayinyegeza, bagaca bagurisha kuri ya ciment iva hanze ku giciro kivuna abenegihugu. Hamwe mwodufatira no kuri iyo ciment iva hanze ibiciro, na vyo nyene vyofasha abenegihugu.
Hanyuma jewe ahanini nagomba kuvuga ikintu gituma ibi vyose bibura. Mu misi iheze twarigeze gusanga hariho imodoka wasanga abadandaza b’ibiyeri baca babitwara mu Rumonge.Harigeze gufatwa ubwato mu Rumonge bwuzuye ama amstels aja hanze.Ubu hoho ntivyoba biba kugira inzoga zibure mu gihugu?Ubwo ntihoba hariho abantu bazijabukana aho hakurya mu bihugu bibanyi vyacu? Nkuko mugenzi wanje yavuze muri Tanzania ingene bakurikirana igitoro , bamwe bakakivoma ino abandi bakagishora muri Tanzania, ni ukuri uravye igitoro mu gisagara ca Bujumbura ugasanga ama stations yose ariko aratanga, ugasanga ama stations yose yuzuye imodoka.
Ego dufate bimwe bavuga ko imodoka inywa igaca igenda ikavoma bagaca bashira muma bidos bakaja kugurisha muma bidos. Jewe ndibaza ko kirya bavoma muma bidos kitanywerebwa ng’aha iwacu gusa. Mushireho kurya umutekano bashiraho abajejwe iperereza bagakurikirana ivy’ umutekano, n’ ibi bintu vyacu vy’ivyimburwa biriko birabura, i ciment, ibinyobwa vya Brarudi n’ ibindi.
Hariho ibintu biriko biraja hanze. Nk’ igitoro ni ibintu biteranye ubwoba. Kandi ico gikorwa kirimwo barya bantu bakorera ku ma stations. Nk’ uko uwuhejeje kuvuga yabivuze, station igitoro kikaza, abantu baratonze imodoka ari nyishi, kigatangwa nk’ amasaha nk’ abiri, ukaza wumva ngo ndugaye nsinsubira gutanga. Dufate ko ari mw’ ijoro, bwaca ukarindira ko asubira kugitanga ukabura. Ariko abanyagihugu bobo bahora babivuga bati burya igitoro barakivoma mw’ ijoro bakagishira muma bidos imodoka zigaca zigitwara ntibamenye iyo kigiye. Bisaba rero ko mwogira irya nyabune. Abajejwe umutekano, intwaro, abanyagihugu, eka mbere n’ ubutungane kugira ngo uwufashwe ahanwe yongere ahashwe hamwe bitazosubira.
Ni ukuri muravye neza, igitoro kirahari ariko ntituraronka isôko ikinywa. Uhereye nka jewe mba mu bumanuko bw’ igisagara, ama stations ariko aratanga igitoro, imodoka ntizivanako. Muraraba neza ico kintu, muturabire abantu badufasha kugwanya ikintu ca fraude. Ari i ciment, ari ibinyobwa vya Brarudi, ari igitoro, hariho ahantu batwara ivyo bintu.
Hanyuma ku cerekeye amakaye, hariho uwasavye ko bari bafise ishirahamwe rya Reta RPP ryakora ibitabu, hari uwasavye ati none Reta ntiyofasha iryo shirahamwe rigakora n’ amakaye ? Mbere hejuru yavyo jewe ico nasaba, mwoshiraho n’ abandi babishoboye bagakora amakaye, gutyo abavyeyi tukaronka ayo makaye. Ndetse kubabesha, uwutaguze amakaye hakiri kare, ubu hagire hatangure amashure, kugira ayaronke n’ icuya kizobira kandi yongere azigure ku giciro kinini. Rero nk’ abajejwe ubushikiranganji bw’ ubudandaji, na vyo bikaba biri mu bintu vyo kudandaza, tubasabe mufashanye n’ inyabune kugira ngo tugwanye iki kintu gituma ibintu bibura kandi tubona mu gihugu biriko biraboneka. Murakoze.
Icegera ca mbere c’ Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze cane abakenguzamateka mwashoboye kubaza ibibazo bitandukanye no ku ntererano bagiye batanga. Nyakwubahwa mushikiranganji, murumva ko mu bushikiranganji murongoye harimwo ibibazo vyinshi cane. Twagomba tubahe akanya kugira ngo mushobore kwishura ku bibazo mwabajijwe. Ariko Nyakwubahwa mushikiranganji, nkuko benshi bagiye barabivuga, twagomba tubasabe ngo ntimumere nka ya nka yavuga iti ahanje ndahejeje hasigaye aho umwungere. Kubera ko vyinshi twabonye yuko bipfira muri distribution. Ni ukuri iyo tugendera mu ntara baratubwira yuko barungitse ibikwiye. Twaragiye turagirisha amanama kenshi, batubwira bati twebwe tubona biza. Ariko hageze muri distribution, ugaca usanga hariho umwenegihugu yari abikeneye cane ntashikirwe. None Nyakwubahwa mushikiranganji, twagomba tubasabe ngo ntimubirekere abajejwe intwaro gusa. Aho mu bushikiranganji iwanyu na mwebwe muhaguruke murungikeyo abakozi bagenda kuraba ko réellement ibintu ukwo muba muzi vyasohotse ko ariko biriko biratangwa vy’ukuri kugira ngo umwenegihugu hariya abifitiye uburenganzira bwo kubironka abironke.
Hanyuma hariho ikindi Nyakwubahwa Mushikiranganji mwavuze kijanye na capacité de production ku binyobwa vya BRARUDI ni nto cane. Ariko ndibuka nimba ntihenze au début de la législature ikibazo nk’iki caragarutse baravuga yuko mu misi mike cane bagiye guhindura ibikono bagire bishasha. Imyaka igire ibe hafi ibiri, ariko kugeza uyu musi urumva bavuga ko ari abantu bagwiriye ariko mu bisanzwe iyo abantu bagwiriye umuntu ariko arakora ikintu kimwungukira kimuzanira amafaranga niho na we nyene aca abonegwa ho kugira agwize umwimbu bijanye n’ukuntu ababikeneye baba bangana. Rero Nyakwubahwa Mushikiranganji, twashaka muzogende muri BRARUDI mubandanye muvugana ico kibazo kimaze imisi bavuga ko bagiye guhindura ibikoresho kugira bashobore kuronka quantité ikwiye ku benegihugu bavyipfuza murabe igituma ivyo bintu bitariko birakorwa.
Hanyuma n’ikinyobwa Honorable Antoine yavuze ca brewely tumaze imisi tukibona ni vyo mu ntara mbere icupa rimwe ugasanga riri ku bihumbi bibiri. Twagomba Nyakwubahwa Mushikiranganji tubabaze ingene mubibona mu bushikiranganji. Twebwe ku bwacu turabona yuko ari ibintu bije gufasha BRARUDI ariko abantu bagaheza bakamenya na vyo nyene ko ibiciro bije vyisunga amategeko. Murakoze Nyakwubahwa Mushikiranganji twagira tubahe akanya kugira mushobore kwishura kuri ivyo bibazo ariko mugume mwicaye n’aho mwovyishurira ng’aho ntanakimwe. Murakoze akanya ni akiwanyu.
Umushikiranganji w’ubudandaji gutwara abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi
Murakoze cegera ca mbere ca Nyeniteka Umukuru w’Inama Nkenguzamateka gusubira kunyongera ijambo. Ubwa mbere mpere gushima ku ntererano z’abubahwa abakenguzamateka nyinshi kandi n’ukwo ibibazo bihanze abenegihugu ivyinshi ngerageje kwumva ni uko tubibona kumwe dufatiye muri rusangi igihe igihugu kirimwo, aho rero vyinshi bagiye baraduha intererano zidufasha gutora inyishu zirama haba mu kiringo c’umwanya muto canke muri kazoza. Ivyo rero tubihereko tubikenguruke.
Ngiye ku ntererano za mbere zatanzwe n’umwubahwa Fabrice aho yadutereye avuga ati mworaba mu bushikiranganji akaba ari mwebwe mushinga ibiciro vy’amakaye, uruganda PACOBU ntirube arirwo rubatanga gushinga ibiciro vy’amakaye. Nkuko nari nabivuze kare ni ukwo mu bushikiranganji twabanje kwihutira cane kuraba inyishu twotora par rapport à la quantité disponible y’amakaye kuko n’ubwo woshinga ibiciro amakaye atayahari, naho nyene uca usanga ushinze bitari réalistes ari naco gituma navuze nti inguvu nyishi twazishize mu kuraba les stratégies twokoresha kugirango amakaye ashobore kuboneka muri kino gihe ariko nous prenons acte yuko ayo ma stratégies ku mwaka ukwirikira canke mu yindi myaka yoza arafatwa kugira ngo tugere gusozera umwaka w’ishure amakaye yamaze kuboneka kw’isoko gutyo ibiciro bishobore gushingwa hakiri kare.
Ku ca kabiri yagarutseko ni ica BRARUDI avuga yuko haboneka umwuga umwe umwe w’ibinyobwa vya BRARUDI ugasanga mu ntara zimwe zimwe barungitse ibinyobwa vyiharije ari bimwe. Aha ico novuga ni uko nkuko nari nabivuze kare capacité de production ya BRARUDI nsubire ndakigarukeko nari nakivuze ubwa mbere, hariho n’abubahwa bakigarutseko.
BRARUDI ni ishirahamwe rimaze igihe kinini. Ni ukuvuga naho bagenda baragura ibikono, hariho ama gammes de production ni ukuvuga diversification des produits bakora nazo nyene zigenda ziyongera. Rero hari igihe bivanye nivyo abenegihugu baba bihereza muri uwo mwanya vyinshi bikongera bikavana n’ivyo bikono biba biri disponibles. Muri ico gihe ushobora gusanga muri ako kanya hasohotse umwuga mwinshi w’ikinyobwa iki canke kiriya.
Uca usanga nko mu kwezi rero kubera ibikono atari vyinshi vya BRARUDI bakoze nk’inzoga imwe cane, muri ako kanya iyo nzoga akaba ari yo ica iboneka ari imwe ku masoko. Niho navuga nti turavye la capacité de production n’ibikono dufise haracakenewe inguvu nyishi cane kugira ngo hongerezwe ibikono vyo gukora inzoga par rapport y’ama produits uno musi dufise kw’isoko. Iyo rero iracari intambamyi na Nyakwubahwa icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yakigarutseko avuga ati ico batwemereye yuko bagiye kugwiza ibikono boraba bakabigwiza. Ni vyo bariko baragikorerako kuva législature itanguye ariko na vyo nyene mwibukeko kugwiza ibikono vyinshi bidusaba kandi kugira importation y’ama équipements avuye hanze. Duca tugaruka hahandi nyene, nous ne sommes pas capables de leur fournir les devises ziri suffisants kugira ngo bagire importation de ces équipements. Ariko ni ikintu BRARUDI iriko irakorerako kugira ngo bagwize la capacité technique de production y’ivyo binyobwa vya BRARUDI.
Yagarutse kandi kuvyerekeye ama spéculations aba mu gisata ca carburant araterera iciyumvira ati vyoba vyiza mukoranye n’abajejwe intwaro. Ni ukuri ndashimiye abubahwa abakenguzamateka bose bagarutse kuri iki kibazo kuko tucumva kumwe mu rwego nshingwabikorwa rwa Reta yuko ikibazo c’ama spéculations mu gihe c’ibidandazwa bimwe bimwe ari uruhara gw’umwenegihugu ubwa mbere akongera akaba uruhara gw’abajejwe intwaro rukaba n’uruhara gwa twese kuko mu kugwanya spéculation ubwa mbere bihera ku muguzi bigasubira bikaja ku wugurisha, bigasubira bikaja kubaba bajejwe intwaro.
Rero ndumva ko ari urunani twese dukwiye gukora kuko ahanini ayo ma spéculations akorwa n’abantu tuba dusanzwe tuzi. None ko bataba dénoncés abajejwe intwaro bagaheza bakagikorerako kugira ngo dushobore kubituza burundu. Aha rero ni akamo twotera abenegihugu bose kugira ngo batahure impact ya spéculation ku butunzi bw’igihugu. Uyo muntu adakwirikiza ibiciro biba vyashinzwe ayo mahera yarengejeko ntagaruka ngo yinjire mu kigega ca Reta, agaruka ngo yinjire mu mufuko wiwe ubwiwe nyene. Ni inyungu yiwe nta nyungu aba ariko araha Reta. Ni ukuvuga ko ari umwansi w’iterambere. Umwansi w’iterambere na we ntagwanywa n’umuntu umwe agwanywa n’abarundi twese. Rero iki kibazo ndumva ari uruhara gwacu mu bushikiranganji akaba kandi ari uruhara gw’abenegihugu bose kandi akaba n’uruhara rw’abajejwe intwaro bose kugira ngo dushobore kugwanya abo bose bagira spéculation y’aya ma produits.
Nshime kandi yuko yatumenyesheje yuko abubahwa abakenguzamateka bategura kuzogira ingendo z’akazi ku ma stations atandukanye kugira ngo bagire ico baterereye kubijanye nuko hari ama stations amwe amwe agenda arikika mu kiza agahinyanyura iminzane baba basanzwe bakoresha. Ico gikorwa ni ico gushigikira muzoba muje gushigikira igikorwa c’ubushikiranganji, turizera yuko mu gihe ayo ma descentes yokorwa hoba igihindutse, ni vyo BBN kiragerageza kikagira ama descentes ku ma stations amwe amwe ariko na mwebwe abubahwa abakenguzamateka mugiye murahaca mukatumenyesha canke mukaduterera ku biba biriko birakorerwa ku rubuga turaheza tugafata umwanzuro tukabona ibikenewe guhinduka.
Ngende ku bibazo n’intererano zashikirijwe n’umwubahwa icegera ca kabiri ca Nyeniteka Umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Ubwa mbere yadusavye kandi ni naco twoza turakorerako, yadusavye yuko twoza turashinga ibiciro twisunze les valeurs d’acquisition et les prix de revient y’abo badandaza kugira ngo dushobore gushinga ibiciro na cane cane kuri ibi bidandazwa biba bivuye hanze kandi ico twagifashe nka nkama.
Ico yabajije kijanye n’ingingo urwego nshingwabikorwa rwa Reta ruherutse gufata yo kugira libéralisation y’ikidandazwa c’isima hamwe n’isukari abaza ati none mubona hari inkwirikizi bimaze kugira canke ni igiki gituma abantu batitabiriye ako kamo ? Novuga nti ni vyo iyi ngingo yarafashwe itarike zitatu z’ukwumunani hakaba haciye imisi yababa mirongo itatu n’ibiri ingingo ifashwe, effet immédiat iramaze kuboneka ariko ntiragaragara cane ku rubuga mugabo muravye isukari ubu haratanguye kuba akoyoko uravye amezi yahera kuko hari abadandaza bamaze kuyishikana hano mu gihugu cacu c’Uburundi.
Uravye ku co isima naho nyene turizera yuko turavye abasavye kuzogira importation y’isima, turizera yuko hazoba akoyoko. Ikiba gikenewe ni uko tubandanya dukora kugira ngo tugwize ya mafaranga y’agaciro kugira aba ba importateurs babandanye bakora tugwize umwimbu, tubandanye dukora, aba ba importateurs bazokworoherwe mukuronka ama devises.
Nce ndagifatanya n’ikindi bigeze kubaza bavuga bati none abo bose ko batoroherezwa mu kuronka ama devises ? Burya amafaranga mva makungu kugira ngo aboneke ni uko igihugu na co kiba caronse ivyo kija kugurisha mu masoko mpuzamakungu canke akaba ari amafaranga avuye mu bo dusanzwe dufashanya mw’iterambere ry’igihugu.
Rero iyo abonetse hari beaucoup de besoins mu gihugu, hakenegwa vyinshi mu gihugu. Reta rero nk’umuvyeyi ni uko baheza bakaraba muri uwo mwanya ikigega kiba kihari c’ayo ma devises hanyuma bagaheza bakaraba aussi les priorités z’ico gihe. Rero amafaranga mva makungu mukuyatanga ivyo vyose birajamwo. Usanga hakenewe vyinshi mu gihugu ku buryo ibisata vyose bagenda barabigaburira ku mafaranga mva makungu aba ahari. Ntawokwitako umwikomo rero ngo igisata iki n’iki kironka make kuko ivya nkenegwa biba ari vyinshi ariko ni kugerageza kugaburira ibisata bitandukanye ku buryo igihugu kitaba paralysé canke ibikorwa vy’igihugu bitaba paralysés.
Intererano yindi yagarutseko ni ivyibonekeza ku rubuga kuvyerekeye ivy’igitoro aho usanga abantu bama batonze ku ma stations hanyuma ntitubone impinduka. Ati biragaragara ko abo bantu ari bo baheza bakaja kuvidura ico gitoro bagaheza bakakidandaza kuri magendu.
Ni vyo ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo amasoko ntanganguvu bwarafashe ingingo yuko ata gitoro gisubira gutangwa ku ma bidos ariko mubiravye ku mbonesha kure canke tukumviriza ama radios, muhora mubona ko abajejwe intwaro kenshi bakunda gufata igitoro kiri mu ma bidos. Ico rero surement ko ari aboba spéculateurs bagenda kunywesha hanyuma bagaca bavidura ku bwo inyungu zabo z’umurengera. Iki nkuko mwakiduterereye mwubahwa, birakenewe yuko abajejwe intwaro kuva harya ku mutumba kuko ivyo bitoro bibikwa mu mihana ntibibikwa ku mugaragaro kuri stade ari na co gituma bikenewe yuko abenegihugu ubwa mbere n’abajejwe intwaro tubanza kwiyamiriza ubwa mbere abo bantu baja kunywesha ku giciro kizwi na Reta hanyuma bagaca baza bakikika mu kiza bakakividura.
Ivyo ari vyo vyose iyo miduga ividurirwa ku mihana bigasaba rero yuko twese duhagurukira ico kibazo ku neza y’abenegihugu bose kugira ngo twubahirize iyo ngingo yafashwe yo kutanywesha igitoro mu ma bidos. Kukinywesha naho mw’ibido birafise aho bica kuko hari igihe usanga bikenewe, ugasanga ishirahamwe kanaka rirakeneye kudugana igitoro mw’ibido ahatari ama stations nk’ababa bafise ama antennes ruguru canke abakeneye kuja ku ma terrains ata ma stations ahari bica mu bashinzwe intwaro akaba aribo bemeza ko vy’ukuri uwo muntu bikenewe ko anywesha igitoro ku ma bidos hanyuma bakanamuha na quantité iba ikenewe.
Rero murumva yuko ari uruhara rwacu twese. Biragaragara yuko hariho abantu batuma habaho des spéculations akaba ari na bo soko rya pénurie artificielle kuko igitoro kiza uravye n’igitangwa ugaca uraba n’ingene imodoka zama zitonze nkuko abubahwa babivuze ni ikintu kidatahuritse cane.
Ku ntererano yiwe igira gatatu ni uko yasavye yuko hejuru y’ivyo vyigwa biriko birakorwa vyo kuraba ingene ibiciro vyoza birakorwa twisunze le coût de production hoba aussi n’icigwa co kuraba le pouvoir d’achat y’abenegihugu. Aha ico nobamenyesha ni uko amahinguriro amwe amwe nka BRARUDI na za BUCECO haraheze nk’ikiringo c’imyaka ibiri baguma basaba ko bodugirizwa ibiciro ariko tugize ama analyses tukaraba ibihe tuba turimwo n’ayo mikoro y’abenegihugu tukabona ko ico gihe atari ico kuduza ibiciro tuti banza mutenyenye ahubwo nka Reta tugire akigoro ko kurondera matière première mugwize umwimbu ariko mureke kuduza ibiciro mukomeze mugwiza umwimbu.
Rero ivyo vyose nkuko mwabivuze turabirabirako nayo ahandi ho uworeka umudandaza ngo agume aduza ukwo avyigombera vyoca biba nabi.
Umwubahwa Honorable Gad na we yasavye yuko abaje kunywesha boja barandika ama plaques y’imiduga, avuga ati mu gihe hoza harandikwa ama plaques y’imiduga turibaza yuko vyotanga akoyoko. Aha ku ma stations twipfuza gushinga azonywesha ama bus ni ho tuzobanza kugira nk’ibanze le contrôle y’imiduga ihanywesha kugira ngo tumenye ko ayo ma bus yanyweshejwe kandi yagiye ku kivi kandi yagiye gutwara abantu n’ibintu. Rero iyi ntererano twayifashe nka nkama kugira ngo tuzoheze tuvyige turabe yuko koko hojaho ubuhinga na cane cane ubuhinga bwa none bwuko uwuje kunywesha amenyekane, hakamenyekana plaque yiwe, hakamenyekana kandi n’ama quantités aba yanyoye. Ni kimwe mu ma stratégies muduterereye twoshobora gukorerako kugira ngo turabe mu gihe atari ni ca pénurie no mu kindi gihe ikaba une solution durable ku kugene igitoro gitangwa mu gihugu cacu c’Uburundi,yatubajije kandi akekeranya avuga ati, turibaza yuko ubushikiranganji budafise aba baserukira mu ntara. Aha nomenyesha yuko mw’itunganywa ry’ubushikiranganji ryabaye mu kwezi kwa 2, twarashizeho abaduserukira mu ntara zose z’Uburundi hariho aba chefs d’antennes provinciale. Aba na bo bakaba bari ku kivi nubwo intambamyi zitabura. Ariko mu gushira mu ngiro ya politique ya décentralisation, na twe mu bushikiranganji twaragerageje kugira ngo dushobore kuronka abakozi baserukira ubushikiranganji mu ntara. Ubu rero mu ntara nka zose hariyo abaserukira ubushikiranganji kandi bakorana n’abajejwe intwaro mu bibazo biba vyerekeye ubushikiranganji.
Yagarutse kandi ku kibazo abaza ati, mbega ko muguma mutubwira ko abanywanyi biyongereye, abo banywanyi muvuga ni bande ? Hariho n’uwundi yakigarutseko avuga ati, none abo banywanyi ni abo muri 2020. Iyo tuvuzeko abo banywanyi bihereza ayo ma produits, isukari, isima canke aya Brarudi, ntituba tuvuze abo muri 2020 gusa, tuba turavye la population initiale y’igihe urwo ruganda ruba rwubatswe, nimba urwo ruganda rwubatswe mu 1980, abenegihugu bose b’abarundi ari nka 8 000 000, uno musi tukaba tugeze kuri 12 000 000 z’abarundi, murumva yuko uko biri kwose hariho abiyongereye kuko abarundi batera biyongera.
Naho tuba dushatse kuvuga duti, muravye izo nganda kuva zikijaho gushika uno munsi, biragaragara yuko abenegihugu dutera twiyongera mu gihugu cacu c’Uburundi. Uko abenegihugu biyongera na bo nyene ni aba consommateurs baba biyongereye. Rero ntitwoca dufatira ku kiringo c’umwanya muto, tuba dufatiye ku kiringo c’umwanya munini. Kandi sinovuga ngo ubu ni uko hagiyemwo n’ayandi ma facteurs, no mu myaka yahera harashobora kuboneka igihe habaho ikena ry’ibinyobwa vya Brarudi. Haraboneka kandi ikena ry’isukari mu gihe Sosumo itaba iri muri campagne de production. Gusa uno munsi ni uko hariho ayandi ma facteurs externes yaje yunyura ivyari bihasanzwe bigaca bituma rero habaho iyo situation alarmante. Ariko novuga nti, aho tuba dufatiye ku benegihugu baba bahari igihe urwo ruganda ruba rwagiyeho gushika muri kino gihe tuba tugezeko, bigaragara yuko abenegihugu baba biyongereye.
Ngiye ku vyo Honorable Victor yaterereye, yaseye nk’uwugaruka ku mvo nyamukuru ituma habaho iyi pénurie artificielle, avuga ati biragaragara neza yuko ibi vyose biba ko kuri schéma de distribution hariho ikibazo, ni vyo novuga nti, kuri schéma de distribution iri claire. Yaba isima, yaba ibinyobwa vya Brarudi, birerekana neza ingene ivyo bintu vyose biva mu ruganda bigashikira mu ntara. Abajejwe intwaro mu ntara bararonka quantité yashitse mu ntara bakongera bakaronka n’uwabizanye mu ntara gushika ng’aho, Buceco irashikana mu ntara, Brarudi irashikana mu ntara kiretse Sosumo les distributeurs baja kubitora mu ruganda bivuga ngo kuri chaines de distribution hariho aussi la communication, les quantités et les distributeurs.
Ahari ikibazo ni mbega iyo bishitse mu ntara ni bande ba créant iyo pénurie artificielle, nkuko mwabiduterereye ngo harakenewe yuko hagaragara kuri schéma yose aho iyo pénurie artificielle ihera, jewe novuga nti ihera bigishitse mu ntara gushika bishikire le consommateur final, kuko mugushika mu ntara ni ukuri le canal de communication irahari sur les quantités et les distributeurs n’abafise ama dépôts bose baba bazwi, ni ukuvuga ivyashitse mu ntara au moment instantané birazwi. Ikiba gisigaye rero ni la gestion rationnelle y’ibishitse mu ntara naho tubona kuri schéma de distribution hariho ikibazo, kandi twama tubiganira n’abajejwe intwaro yuko tworaba ingene two kw’améliorant iyo schéma de distribution kuva ku ntara gushika mu ma communes.
Ariko rero hagati yaho ibica bigaragara ni uko abikika mu kiza rero soit ni ababitwara mu ma komine canke aba distributeurs, barabinyegeza canke ugasanga baciye barindira. Hari n’igihe abajejwe ubushikiranganji mu ntara bagenda bagashika nk’ahantu bagasanga ivyo uwo muntu yaronse bakamubaza bati : ivyo waronse wabihaye nde ? Akabishura ati, nabihaye ba naka, bashika aho hantu bagasanga ivyo bintu baramaze kubigurisha donc les spéculations ziri kuri iyo chaine de distribution uvuye mu ntara, ari naco gituma bisaba inguvu nyinshi cane z’abajejwe intwaro hamwe no mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo kudandaza si non gushika mu ntara biba bizwi ivyagiyeyo n’ibizohabwa abenegihugu.
Ariko nkuko mwabivuze turamaze kwicarana n’uruganda Buceco hamwe na Brarudi co kimwe na Sosumo kugira twige ico kibazo ca schéma de distribution kuva mu ntara gushika mu ma communes, tukizera yuko tuzotora umuti urama kugira ngo ico kibazo ca spéculation kive mu ntara gushika mu ma communes.
Yagarutse kandi kuri proposition de solution, ku ntererano kuri cas ya Sosumo hamwe n’isima, mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ivy’uburimyi n’ubworozi ari na bwo bufise tutelle de la Sosumo ni uko aba yacishije mu Nama Nshikiranganji kandi uwo mugambi waremewe wo kunagura no kwongereza umwimbu muri Sosumo.Ni umugambi wo mu myaka 5 bivuga ngo ni igikorwa kiriko kirakorerwako kugira ngo n’imiburiburi isukari yoyo matière première dushobora gukura ng’aha ishobore kwongerekana, Sosumo ironke les capacités financières et techniques zo gushobora guhingura isukari abenegihugu bokwihereza.
Ariko si igikorwa cokorwa mu mwaka umwe, ni igikorwa kizokoreka mu myaka itanu. Tukizera yuko hazoboneka akoyoko mu gihe uwo mugambi uzoba uriko uraja mu ngiro. Ku cerekeye isima, ni uko tumaze kuronka abagwizatunga b’abarundi bipfuza kuja muri ico gisata, hariho ama autorisations d’imprimentation des cimenteries abiri amaze kwemererwa mu bushikiranganji, imwe ikazoba iri mu Rutana iyindi muri province ya Bubanza.
Ku bibazo vyashikirijwe na Honorable Faïda, yagarutse ku kibazo c’ama spéculations sur les produits Brarudi, nkuko nabivuze ku cerekeye Brarudi yavuga ati, none ko usanga umuntu yishiriyeko ibiciro, aha ico novuga ni uko kuri ayo ma produits yose que ce soit Brarudi, que ce soit Buceco, les marges bénéficiaires ziba zizwi ni ukuvuga kuva ku mu distributeur uwuja muri usine gushika kuri urya mu détaillant, marge bénéficiaire yiwe iba izwi.
Aha iyo bashinze marge bénéficiaire nko ku binyobwa vya Brarudi barabishinga kuva kuwagiye muri Brarudi gushika kuri urya mu détaillant afise akabare gasanzwe. Iyo umuntu akeneye kurenzako igiciro kuri vya biciro biba bizwi, akeneye kurenzako marge bénéficiaire nini, hari ibindi bica bisabwa ari na vyo benshi bagarutse ko bavuga bati banyene ububare usanga birengerejeko.
Kugira umuntu arenze kuri iyo marge bénéficiaire izwi, ahabwa uruhusha na administration locale bivanye n’itunganywa ry’akabare kiwe, ntivyiyadukiza kugira ngo urenzeko 100 kuri marge bénéficiaire ku giciro kizwi na Brarudi, ni uko na we hariho ivyo uba wakoze muri ako kabare kawe bituma uwo mu client aje gushorera ng’aho yumvako ari à l’aise, akumvako hariho ayandi ma services ashobora kuronka par rapport y’iryo 100 warengejeko rya marge bénéficiaire.
Urwo ruhusha rero rutangwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati biciye kuri ba buramatare kuko ni bo baheza bakemeza ko ako kabare gakwije ivyangombwa kugira gashobore kuba akabare VIP. Abo rero bishiriraho marge bénéficiaire ata ruhusha bafise rwuko ako kabare kabo ari VIP ni aba spéculateurs mu bandi bakwiye guhanwa n’amategeko, si non mu bushikiranganji bujejwe ubudandaji twe turatanga licence d’exploitation ni ukuvuga twemerera umuntu kuba umudandaza w’ibinyobwa vya Brarudi. Abo rero bikika mu kiza barakwiye guhanwa kuko nta mvo n’imwe yotuma uduza nawe ata service uriko uraha umu client supplémentaire par rapport y’ama prix standard aba yatanzwe.
Umwubahwa akurikira yaduterereye avuga ati muhere cane cane kuzibira ama spéculations y’abiyunguruza baja mu ntara zo hagati, nkuko nabivuze n’igikorwa turiko turakorerako kugira ngo hashingwe ama stations azwi, bashobora kunyweshako ama bus aduga ruguru hamwe n’ama bus yunguruza abantu mu gisagara hagati.
Ivyo bizodutuma dushobora kugira contrôle d’abord des prix de transport ko zakurikijwe, kuko bamwe bahora bitwaza ko ata gitoro baronse ubu iyo mvo ntayizoba ikihari, nta mvo n’imwe yotuma waronse aho unywesha ushobora kuduza ibiciro uko wishakiye. Rero tukibaza ko mu minsi iza kuko turiko turagikorerako, igitoro uko gitera congerekana niko tuzokwongereza kugira ngo abakoresha les transports en commun abe ari bo bashirwa imbere ku ntonde z’abaronka igitoro kuri ayo ma stations.
Ikindi yaterereye ni uko hosubirizwa ibiciro vy’ikinyobwa ca Brarudi hisunzwe les réalités zo mu ma communes kuko hari ikena ry’igitoro. Aha nkuko navuze ko icigwa kiriko kirigwa, si icigwa kizoza kiraba gusa mw’ikena ry’igitoro, tuzoza turaba la situation en générale, novuga nti muri ico cigwa ni ho tuzobona ibivuyemwo, ni vyo bizotwereka ko hakenewe koko kuduza ibiciro nuko hakenewe ko twoduza ibiciro bidasa. Mu ntara imwe ugasanga mw’ikomine iyi badandaza ku giciro c’abo abandi iki, twotenyenya gato kugira ico cigwa kibanze gikorwe hanyuma tukaraba yuko na vyo nyene ayo ma marges bénéficiaires, kuko twavuze ko Brarudi mu bisanzwe distribution yabo, ni ukuvuga haba hasigaye kwiga umuntu akuye mu ntara aja mw’ikomine, yongerako amafaranga angahe ? Kugira du considéré iyo coût de transport, ivyo rero vyoheza bikigwa muri iryo shingwa rishasha ry’ibiciro.
Umwubahwa akurikira yatuvuniye akagohe, asaba yuko ubushikiranganji ico twokora, twohagurukira ico kibazo tugakurikirana cane muri suivi et exécution y’ingingo tuba twafashe. Twabifashe nka nkama, akagohe mwatuvuniye ko twokwongereza inguvu mu gukurikirana cane ivy’ibiciro naho intambamyi na zo nyene zitabuze. Yongeye arabaza icerekeye ama devises arabaza ati mbega Brarudi ubwayo ntishora hanze ibinyobwa ?
Ayo ma devises yinjiza ntashobora kuba yokora ibindi kugira ngo bashobore kugura iyo matière première. Ni vyo nkuko yabishikirije, uruganda Brarudi rurafitaniye amasezerano n’uruganda rukora ibinyobwa aho mu gihugu kibanyi ca RDC, muri ayo masezerano harimwo yuko bashobora gushora muri RDC mugabo mu karere kari limités, ni ukuvuga aho duhana imbibe muri Est.
Aho rero no babwira les quantités ziri limitées, muri ayo masezerano, harimwo quantités badashobora kurenza. Bivuga ngo bamaze kuku limitant, muri quantités ntushobora gushora ibirenze. Rero no vuga nti ama devises avamwo ntashobora gusahiriza Brarudi kugira ngo ishobore kw’important (importer) les matières premières. Kuko urwo ruganda rwo muri RDC na rwo ntirwokwemera ko Brarudi iza kw’envahissant (envahir) isoko yabo.
Mu masezerano, kwari ukugira bashobore gushorera aha mu ntara duhana imbibe bobo badashobora gushikamwo. Hari akarere kandi hariho na quantités badashobora kurenza bivanye n’iryo soko, n’ayo masezerano bumvikanye hagati y’izo nganda ukwo ari 2.
Ama devises avuyemwo arasahiriza mu bindi bikorwa ariko ntitwovuga ngo ni yo yotuma turonka la quantité suffisante ya matière première ni ama devises aba ari makeya par rapport yayo bakeneye. Ari naco gituma na Reta iheza ikavyiga muri y’ama devises aba ahari na bo nyene bakaronkako kugira bashobore kugura ces matières premières.
Ndakigireko, hariho n’uwashikirije avuga ati, ubwo ntivyoba bigaragara yuko ivyo binyobwa vya Brarudi vyoba bica mu kinwabi ? Aha no vuga nti mu rudandazwa ndenga mbibe, nkuko nari nabivuze hariho amasezerano asanzwe azwi, uwubicishije mu kinwabi arahanwa n’amategeko kuko fraudes irafise amategeko ayigenga kandi barahanwa iyo bafashwe, ari naho yatanze n’akarorero ko hariho ivyafatiwe mu bwato abo aba ari abacishije mu kinwabi ntibaba batwaye les quantités zizwi.
Kuko ivyo Brarudi ishora birazwi kandi biramenyekana, ikiba gisigaye ni ukuraba abo bikika mu kiza bagashora ivyo binyobwa vya Brarudi mu kinwabi ni ababa bariko badusubiza mw’ihumbi, baba bashoye kuri ya quantités yari kuja gutangwa ku benegihugu b’abarundi bakaja kuyishora hanze. Kandi ndazi yuko abajejwe intwaro bama babifashe. Ivyo bafashe rero bagaheza bakabigurisha ku giciro kizwi nayo amahera agasubizwa mu kigega ca Reta. Abo rero ni abo kubandanya dutuza, naho abagira fraudes uno munsi ubatuza ejo bakiga ibindi binwabi, ni urugamba rwa minsi yose abajejwe intwaro bamako.
Na Honorable Aaron ni co yagarutseko avuga ati, mworaba igikorwa kugira ntibisubire gusohoka. Nabivuze sinokigarukako ariko ni uko umuntu wese afatanywe ibidandazwa vya magendu arahanwa hisunzwe amategeko.
Honorable Charles yagarutse kandi ku vy’ibiciro, yasa n’uwusubira guterera, sinobigarukako,kuko yagarutse kuri ano ma produits atatu, avuga kandi ati mworaba mugakorana na Administration kugira ngo hashobore kwubahirizwa ibiciro.
Honorable Pacifique yasavye yuko tworaba hakajaho ingingo mperekeza mu gihe haba hariho pénurie y’ibidandazwa, kugira abikika mu kiza ntibabandanye bikika mu kiza, ahubwo bagahanwa n’amategeko. Ibi bica bigengwa n’abantu bose, n’amategeko agenga ibi vy’urudandazwa na we nyene aravuga ko umuntu acishije mu binywabi, canke umuntu akoze fraude ahanwa hisunzwe amategeko. Rero tukibaza yuko amategeko ahari, ikiba gisigaye ni ukuyakurikiza, hanyuma hakajamwo na rigueur dans la mise en application y’amategeko aba agenga abantu bose badandaza kugira ngo dutuze fraude iyo ari yo yose. Haba abadandaza igitoro, abacisha mu binywabi igitoro, canke isima, canke isukari, abo bose bagaheza bagahanwa, kandi sinkekeranya kuko abajejwe intwaro twama twabikoranye kugira ngo abafashwe bashobore guhanwa, ndetse n’ivyo babafatanye bigahezwa bikadandazwa ku mugaragaro ku giciro kizwi, ayo mahera agaheza akaja mu kigega ca Reta.
Yavuze kandi ku cerekeye produits za Brarudi, sinokigarukako ku cerekeye ububare VIP, navuze ko uruhusha rutangwa n’abajejwe intwaro kandi bisunze itunganywa ry’ako kabare, kugira ngo barabe koko ako kabare gakwiye kwitwa VIP ? Ko bakwiye kwongererezako une marge bénéficiaire kugira ngo umwenegihugu ahaje ashobore kuronka ayandi ma services connexes ashobora kumufasha kugira ngo ayo mahera yongeyeko ntabe uruhombo.
Ndashimye ku ntererano ya Honorable Jean Bosco, yaduterereye avugako tworaba uruganda RPP rwa Reta ko rwoshobora gusohora amakaye rukongera rukanaja kuyarangura kugira ngo dushobore kugabanya ivy’ibiciro ku vyerekeye amakaye. Ni iciyumviro ciza, twokwiga tukaraba ko tugikorerako muri kazoza kuko ubu hasigaye umwanya muto ngo amashure atangure, rero twovyitegurira neza tukaraba ko urwo ruganda rwofasha muri kazoza kugira ngo ikibazo c’amakaye gitorerwe inyishu.
Yaterereye kandi ku cerekeye amafaranga mvamakungu, ariko arashikiriza amakenga kw’itangwa ry’ayo mafaranga, avuga ati ama devises yose yohabwa ababishoboye bose kugira ngo bashobore kuja kurangura ivyo bipfuza. Ariko itunganywa ry’aya mafaranga mvamakungu nkuko nabivuze, itunganywa ry’ama devises birasaba yuko hajamwo prudence et rationalisme kugira ngo ibisata nkenerwa kandi nkoramutima mu gihugu gishobora gusinzikara kubera ikena ry’aya mafaranga. Ari na co gituma ababijejwe baheza bakabitunganya, bakongera bakaraba les priorités du moment bisunze ayahari kuko ntiwoza gutanga ico udafise. Utanga icinjiye mu kigega, ari na co gituma baheza bakaraba par rapport y’ama devises aba yinjiye ku biba biri prioritaires muri uyo mwanya, akaba ari vyo bahera amafaranga mvamakungu.
Ni igikorwa kitoroshe iyo dusanzwe dufise balance commerciale iba iri déficitaire. Ariko la gestion rationnelle yoyo ibandanya ikorwa, tugaca duhamagarira rero n’abenegihugu bose kugira ngo dutahure yuko les devises ziboneka ari uko dushoboye kwimbura hanyuma tugahingura, tugaheza tugashobora gushora ku masoko mpuzamakungu. Mu gihe rero tutarashika kuri iyo ntambwe, n’ubundi tuguma dufise ikibazo c’ama devises. Rero twibaza ko ku murindi w’iterambere turiko, twokwumva yuko ari inguvu za twese kugira ngo dushobore kurwiza umwimbu, duhingure, hanyuma dushore ivyahinguwe, dushobore no kugarukana ayo mahera mvamakungu.
Honorable Antoine yaduterereye na we nyene ku vyerekeye ko twogerageza tukaraba abarwizatunga batandukanye kugira ngo hajeho les produits de substitutions par rapport y’ivyo dukura hanze. Ibi nkuko nabivuze, ivyerekeye isima iva hanze, ni uko hari inganda zibiri ziriko ziritunganya kugira ngo zizoshobore guhingura isima.
Ku vyerekeye amakaye, nta baraza badusaba yuko twotangura guhingura amakaye koko, ariko tukizera yuko intererano mwaduhaye zishobora kudufasha kugira imbono kugira ngo dushobore gutangura kwiyumvira guhamagara abarwizatunga bashobore kuja muri ico gisata co gukora amakaye, dusahirize umwimbu wa PACOBU.
Ku vyerekeye ama unités de transformation locales, ni vyo inganda zito zito ziriko ziravuka hamwe na zinini, aha rero birasaba yuko mu Bushikiranganji ico dukora ni uko izi nganda zito zito ziri muri transformation agro-alimentaire turazikurikirana ku musi. Kuko guhingura ni kimwe, mugabo guhingura ivy’akanovera kandi vy’ubuziranenge, ico na co ni ikindi. Ari co gituma aba bari muri aya ma unités de transformation, hejuru yuko tubakurikirana tukaraba ubuhinga bakoresheje, tukaraba yuko ivyo bashize kw’isoko ko ata ngaruka mbi bifise ku magara y’abantu. Ni igikorwa twama turiko turakora imisi yose. Ariko turabahimiriza kurwiza amahinguriro ahingura ivyo twihereza ng’aha mu gihugu cacu c’Uburundi, mugabo tukanagerageza kugira ngo ivyo bahingura bibe ivy’akanovera, bibe kandi ivy’akaziranenge, ntihagire ingaruka mbi bitugirira ku magara y’abenegihugu.
Kenshi turabatera intege, mbere na Code d’investissement igashira cane priorité ku ma avantages ku bantu baba bipfuza kugira inganda zihingura ivyo twirimira ng’aha mu gihugu cacu c’Uburundi kugira ngo ivyo turimye tubifungure, hanyuma umusesekara dushobore kuwuhingura, dushobore kuvyihereza ari uko bihinguye. Rero turatera intege abafise izo nganda, ariko tukama tubakurikirana kugira ngo ivyo bahinguye bibandanye bigira akanovera, bije kw’isoko ari uko vyapimwe, ko bidashobora kugira ingaruka mbi ku magara y’abantu, tukanabaherekeza kugira ngo bashobore kugenda barisunga ku ma normes aba ahari yerekeye ibinyobwa, canke ayo yandi ma produits yose baba bakeneye.
Yaduterereye kandi ko ibihano vyoba uniformes. Ni ukuvuga ibihano bihabwa abarenze amategeko, abarenze ivy’urudandazwa, canke abikitse mu kiza, bikababimwe mu gihugu cose mu guhana. Hari igihe abariko barahana bagira appréciation par rapport y’ivyo umuntu afatanywe, yatwaye akaritiro kamwe, uwundi ugasanga yatwaye ama bidos mu nzu, ku bwo amategeko atarahinyanyurwa yerekeye fraude mu gihe ca pénurie. Hari igihe usanga ari autorité compétente igira appréciation, ndumva na jewe yuko iyi ntererano ari ngombwa yuko tworaba mu mategeko ariko arahinyanyurwa tugashiramwo duti, mbega umuntu mu gihe afatanywe ibidandazwa mu gihe ca pénurie yoheza agahanwa gute ? Ibi rero ni ibiheza bigahinyanyurwa iyo hariko harahinyanyurwa amategeko.
Sensibilisation, na co nyene twagifashe nka nkama kuko gikenewe kugira abenegihugu bamenye yuko umuntu abitse igitoro mu nzu aba ashize mu ruhagarara umuryango wiwe, akongera agashira mu ruhagarara ikibano.
Umwubahwa yakurikiye, yagarutse cane ku vyerekeye guhingura, aranadukebura ati muraraba neza aba babikora boba bakurikiza ibisabwa n’amategeko, kandi ko boba babikora bisunze ama normes.
Itangura ry’uruganda, baratangura bagahingura, mugabo ikigo BBN ni co kijejwe ni uko bagenda barakurikira tout le processus iyo bariko barahingura, kugira ngo bashobore kumwemerera kugira ngo ico kidandazwa ciwe kije kw’isoko gikwije amategeko, gikwije ibisabwa.
Rero nk’ko icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yabivuze, turatera intege cane abo bafise ayo ma unités de transformation, ariko bigasaba ko tubakurikirana buri igihe, kugira ngo ivyo bashize ku rubuga, ivyo bashize kw’isoko bibe vyisunze amategeko, kandi bibe bifise akanovera.
Ikindi na co ni uko tunabahimiriza, tukongera tukanakurikirana yuko ivyo bashize kw’isoko, ibiciro bashinga biba bihuye na coût de production yabo. Ivyo vyose mu Bushikiranganji turaheza tukabikurikirana kugira ngo ntibahave bashinga ibiciro vy’umurengera.
Honorable Chantal yagarutse ku batanga igitoro ku masaha yo mw’ijoro, amasaha yo gutanga igitoro, Ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu bwaratanze amasaha ntarengwa y’isaha cumi na zibiri yo gutangira ko igitoro, n’aba bose baba bariko barenga amategeko aba yashizweho n’Ubushikiranganji bubijejwe, barakwiye guhanwa. Aha rero novuga nti iki ni igikorwa ca twese dufadikanije n’abajejwe intwaro kugira ngo ibi vyose bituma habaho spéculation ku gitoro bigabanuka.
Yagarutse kandi ku kijanye nuko twosubiramwo chaines de distribution, nari nakigarutseko ko ari igikorwa mu Bushikiranganji tugiye kuraba ingene hoba guhinyanyura chaines de distribution kuva ku ntara gushika mu ma komine. Rero bubahwa, muri make ni uko twafashe nka nkama yuko twogerageza tukaza turaraba ivy’ibiciro, hanyuma ica kabiri ni uko twogerageza tugakorana n’abajejwe intwaro kugira ngo les chaines de distribution zubahirizwe, hanyuma dushobore gukurikirana n’ibiba biriko biratangwa mu ntara dufashijwemwo n’abajejwe intwaro, ariko nkuko nabivuze ni uko ibiciro biba vyashinzwe vyokwubahirizwa, kuko burya mu kubishinga hari ivyo tuba twafatiyeko, kandi n’uruganda kugira ngo rubishinge ruba rwafatiye kuri coût de production.
Bisaba rero ko twese abenegihugu turikanura kugira ngo abo bikika mu kiza, kuko ayo mahera ntaja mu kigega ca Reta, aca aja mu mifuko yabo, tukabarwaniriza hamwe, kugira ngo ama spéculations agabanuke. Murakoze mwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze cane Nyakwubahwa Mushikiranganji ku nyishu muhejeje gutanga ku bibazo mwabajijwe n’abakenguzamateka kw’ikena n’iduzwa ry’ibiciro ku bintu vya nkenerwa mu buzima bw’abenegihugu. Ariko nkuko twari twabivuze, Nyakwubahwa Mushikiranganji, ibibazo ni vyinshi mu Bushikiranganji murongoye, ari na co gituma twabasaba yuko mu misi iza twokwongera kubatumako kuko hari ibibazo vyinshi tudashoboye kubabwira, ariko urabona ko twari twamaze gufatira ku binyobwa vya Brarudi, ku makaye, kw’isima n’isukari ya SOSUMO.
Rero Nyakwubahwa Mushikiranganji urabona ko ari ibibazo nkoramutima. Twagomba rero tubatume nkuko mwariko murabivuga, muturabire n’ibindi biciro. Nko ku mfungurwa, twovuga nk’umuceri, ibiharage, ibigori. Reta iravuga ibiciro, ariko ugiye kw’isoko ibiciro Reta yashinze atari vyo biri kw’isoko. Kandi izo na zo mukaba muzi ko ari imfungurwa za nkenerwa mu buzima bwa misi yose.Ariko ubajije bakubwira ngo ibitoro. Ariko ibi na vyo turiko turababwira Nyakwubahwa Mushikiranganji, biri mu vyo twirimira ng’aha mu gihugu hagati.
Mwoturabira rero mukatugenzurira ivyo biciro kugira ngo ntihabe ama spéculations nkuko twariko turabivuga, nkuko abakenguzamateka bahejeje kubibashikiriza, mugire suivi, mumanuke hariya ku masoko, murungikeyo abantu kuraba yuko ibiciro vy’ukuri vyubahirizwa. Umuceri aho usanga igiciro ikiro kigeze ku bihumbi bitatu n’ayarenga. Ibiharage ugasanga igiciro c’ikiro kigeze ku bihumbi bibiri n’amajana atanu. Mu vy’ukuri uriko uravyitegereza, urabona yuko, ni vyo koko ntivyari mu vyo twari twababajije, ariko turabasavye kugira ngo mushike kubiturabira, kuko na vyo nyene ni ibihanze abenegihugu. Iyo turiko turagenda hariya mu ntara turabibona, barabitubaza, tugaheza tukabura ico twishura.
Ni uko rero Nyakwubahwa Mushikiranganji, nari ngira ndabashimire ku kigoro mwakoze, n’ingene mwashoboye kwishura ku bibazo mwabajijwe n’abakenguzamateka. Imana Mushobora vyose ize kubazigama mu mayira aho muza guca, ibashikane amahoro. Murakoze. Abajejwe kubaherekeza twagomba tubasabe babaherekeze.
Umukenguzamateka GIRUKWISHAKA Victor
Munkundire gatoyi ku ka recommandation bari bagize na Nyakwubahwa Umushikiranganji, twavuze yuko abakenguzamateka bazogira une descente ku ma stations batarahinyanyura ngo bayonone. Kuko nashaka ko twoca twongerako irya tricherie ya carburant, si barya bantu twavuze b’ama taxes canke barya baza bakakinywesha kabiri, bagasubira bakakivoma, bakakigurisha mu Buyenzi n’ahandi. Ndibaza yuko tworaba ingene dufashanya n’Umushikiranganji cane cane kuri ivyo vy’ibiciro. Igitoro bajanye kuri station X babahaye amaritiro ibihumbi mirongo ibiri par exemple, haheze amasaha angahe bati burya kiraheze.Wewe ntushobora gusuzuma vy’ukuri ko caheze canke cagumye indani. Jewe nibaza ko ari ico nyene baca baza mw’ijoro bakagishira muri za Rudipe bakaba ari co bajana mu Buyenzi.
Kuko birya vyo kuvidura imodoka ni gike. Kuvidura imodoka ku muntu yanywesheje 20 litres, 30 litres, 40 litres, kuko naho uyividura na we aguma akeneye kuyinyonga. Ahubwo muraraba arya ma stations, bayaha amaritiro ibihumbi cumi na bitanu, mirongo ibiri bakagurisha, hakanywesha imodoka cumi, mirongo ibiri, banywesha iritiro mirongo ibiri, mirongo itatu n’ibindi, hari aho usanga bagurishije nk’iritiro ibihumbi bibiri, ibihumbi bitatu canke ibihumbi bitanu. Mugabo hasigaye nk’iritiro ibihumbi cumi na bitanu, bagaca bavuga ngo vyaheze ngo nta gisigaye. Jewe nibaza ko ari ico nyene baca bavoma bakajana mu Buyenzi, hari n’abaca baza bakakubaza bati niwaba ushaka ku bihumbi cumi turaguha.
Rero mworaba mukagira attention abagira spéculation, naho twofatako ari barya bantu bato bajana mu modoka bakaja kuvoma hanyuma, bene ama stations nyene ico babahaye nkumbure ntibakigurisha cose ukwo babivuze, kirya nyene ni co gica kigenda kudandarizwa mu kinyegero. Murakoze cane.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze cane. Twari twavuze yuko twomubikira ibindi bibazo, ko tuzomutumako uwundi musi kugira ngo tuzoshobore kumubaza ibindi bibazo. Kuko dufise ibibazo vyinshi, mu Bushikiranganganji na bo nyene barazi ko bafise ibibazo vyinshi. Twagomba rero ko twohagarikira ng’aha ibikorwa.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Nashaka tuzogerageze dufashanye, twaravuganye yuko commission igiye gukora igikorwa, n’ayandi ma commissions akurikira. Commission ya gatatu izokora kuri ibi bijanye n’ibitoro hamwe n’ibindi.
Dusabe ibi bibazo mushikirije, ndabona ko muciye mushaka kubaza muri benshi bivuye ku vyo Honorable Victor ahejeje kuvuga, ahubwo muzobishikirize commission ya gatatu, niyagenda kuri terrain, izogende ibitwaye. Vyoheza bikagenda neza. Ubundi, Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka twamaze gusezera Umushikiranganji, ntitwomusubiza inyuma. Murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ego murakoze cane. Twagomba tubwire Abubahwa bihangane, kubera twari twamaze kubisezerana yuko tuzomutumako ikindi gihe, kugira ngo tumubaze n’ibindi bibazo, mwumvise yuko twari twamubwiye yuko yogenda kuturabira ibindi biciro vy’ibindi vya nkenerwa mu buzima bwa misi yose. Ndetse usanga hari n’ibibazo usanga bavyishura ari babiri, kandi mukaba muzi yuko dufise uwundi Mushikiranganji mu ndwi iza. Reka rero ivyo bibazo vyose mu bihe nkuko Nyakwubahwa icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yabivuze, mu bibike muze mubihe ama commissions, kugira ngo bize bibazwe mu kindi gihe. Murakoze.
Rero Nyakwubahwa Mushikiranganji twagomba tubasezere, tubashimira, twongera tubipfuriza gushika amahoro mu ngo zanyu. Imana ibahezagire.
Cette séance qui s’est déroulée dans un climat d’entente parfaite a été clôturée à 13 heures.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.