L’an deux mille vingt et un, le premier jour du mois de décembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 65ème séance de la sixième législature pour les cérémonies d’ouverture de la session ordinaire de décembre 2021 et l’adoption du programme de la période du 01 au 17 décembre 2021.
En plus des sénateurs, hauts cadres du Sénat et les fonctionnaires du Sénat, la séance a vu la participation de beaucoup de convives comme l’Ambassadeur du Kenya au Burundi, le Représentant de l’Ambassadeur de la Tanzanie au Burundi, le Gouverneur de Gitega, l’administrateur de Gitega, Procureur Général de la République du Burundi, le Représentant du corps de défense et de sécurité, le Représentant de la magistrature et les hauts cadres œuvrant dans la Province de Gitega. Cette séance a été présidée par Honorable le Premier-Vice Président du Sénat, Madame Denise NDADAYE, a débuté à 11 heures 45 minutes par une prière pour se clôturer à 11 heures 09 minutes.
Voici l’intégralité du discours prononcé à cette occasion, en Kirundi, par la Présidente de la séance :
IJAMBO RISHIKIRIJWE N’ICEGERA CA MBERE C’UMUKURU W’INAMA NKENGUZAMATEKA, UMWUBAHWA DÉNISE NDADAYE, MU BIRORI VYO KWUGURURA IBIKORWA VY’ISASA RISANZWE RYA KIGARAMA 2021
Gitega, ku wa 01 Kigarama 2021
- Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
- Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;
- Ba Nyakwubahwa muri mu bagize Reta y’Uburundi ;
- Nyakwubahwa Buramatari w’Intara ya Gitega ;
- Banyakwubahwa Murongoye Ubuzi mu nama Nkenguzamateka
- Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi ;
- Banyakwubahwa muserukira Amashirahamwe Mpuzamakungu mu Burundi ;
- Banyakwubahwa muserukira ubutungane mu Ntara ya Gitega;
- Nyakwubahwa Musitanteri wa komine Gitega;
- Ba Nyakwubahwa mujejwe inzego z’Umutekano n’Ukwivuna abansi;
- Banyakwubahwa bamenyeshamakuru;
- Banyakubahwa batumire Bahire.
Tugire amahoro, ubumwe, iterambere n’ubutungane kuri bose;
- Imbere ya vyose, twashaka mudukundire dukengurukire Imana Mushobora vyose yadushoboje kuvyuka turi bazima, ikaba kandi yaradushoboje gukora imirimo itandukanye muri uku kwezi twari tumaze mu karuhuko. Mumfashe dukengurukire iyo Mana yatugiye imbere, ikatuzigama, ikongera ikazigama n’igihugu cacu muri ukwo kwezi.
- Turabahaye ikaze mwese batumire bahire, kubona mwaretse imirimo yanyu myinshi mwari mufise ariko mukemera kuza kwifadikanya natwe muri bino birori vy’uno musi. Ivyo bitwereka yuko mukurikirana neza ibikorwa mwadutoreye kandi mubikenguruka, gutyo natwe bikaduha intege zo kuguma na ntaryo twitanga kugira ngo umwenegihugu wese yiyumve ko urwego rw’Inama Nkenguzamateka ruriho ku bwiwe.
Banyakwubahwa mwese;
Batumire bahire;
- Mu karuhuko twahoramwo, twaragendeye abenegihugu badutoye bo mu ntara zose kugira twumvirize akababakiye. Mu ntara twatowemwo, twarakurikiranye ingene amabwirizwa n’amategeko twemeje ariko arashirwa mu ngiro, turongera kandi turumviriza ingorane z’abenegihugu, tutibagiye kubahimiriza kubumbatira amahoro n’umutekano, twongera tubatera intege mu bikorwa vyo kwiteza imbere.
- Mudukundire tubacire ku mayange uko ibikorwa vyagenze muri kano karuhuko karangiye: abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka baragendeye Intara za Bujumbura, Makamba, Bururi, Mwaro, Ruyigi na Kirundo.
Muri izo ngendo, harakozwe ibikorwa bitandukanye harimwo gushigikira abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere, kugendera amahinguriro amwe amwe ariko arubakwa, tutibagiye ibibanza vy’iratiro birangwa muri izo ntara, mu ntumbero yo guhimiriza abenegihugu n’abajejwe igisata c’ingenzi, kubitegura neza kugira ngo bihurumbirwe.
Kabaye kandi akaryo ko kuganira n’abenegihugu ku bibazo bitandukanye bihanze igihugu, tutibagiye ibikorwa nyamukuru vyokorwa n’abajejwe intwaro ku mitumba no ku rwego rwa komine. Ivyo na vyo bikaba ari ibi bikuru bikuru:
- Kubumbatira amahoro n’umutekano mu kurwanya ibiyahungabanya;
- kurwanya inda z’indaro ku bana b’abigeme na cane cane ku banyeshure;
- kurwanya ubukene n’indwara zifatiye ku gufungura nabi;
- Gukingira ibidukikije no kurwanya ikiza ca koranavirusi.
Vyongeye, muri izo ntara, Abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka barashitse aho amakoperative y’abenegihugu akorera, mu ntumbero yo kubatera intege no kubaha impanuro zotuma bashika kw’ihangiro bihaye.
- Si ivyo gusa, Mu karuhuko ka Munyonyo, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka hamwe n’abakenguzamateka baritavye ibirori vyo kwakira urumuri rw’amahoro aho rwaba rushitse mu ntara bavukamwo, kakaba kari n’akaryo ko kwugurura inyubako zitandukanye zabonetse mu nguvu z’abenegihugu.
Banyakwubahwa bakenguzamateka ;
Batumire bahire ;
- Mu gisata c’Imigenderanire, Inama Nkenguzamateka, iserukiwe n’Umukuru wayo, yaritavye ibikorwa vy’Ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zo kw’Isi mu nama yaryo y’143. Ibikorwa vy’iyo nama vyabereye i Madrid, mu gihugu ca Espagne, ndetse kakaba kabaye akaryo kuri Nyeniteka arongoye Inama Nkenguzamateka ko kubonana n’intumwa zo mu bihugu bitandukanye, mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’ivyo bihugu.
- Nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi, abakenguzamateka baritavye ibirori vyo kurahira kw’abashikiranganji batanu, bari baherutse kugenwa mu mabanga n’Umukuru w’Igihugu. Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Bujumbura, mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, kw’igenekerezo rya 23 Munyonyo 2021.
- Vyongeye, kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo z’uyu mwaka, Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibirori vy’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana vyabereye mu ntara ya Muramvya.
- Mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abigeme, Inama Nkenguzamateka ifadikanije n’amashirahamwe UNICEF hamwe na CNIDH, haratunganijwe inyigisho zerekeye kurwanya inda z’indaro ku bigeme bakiri bato na cane cane abanyeshure. Izo nyigisho zikaba zabereye ku murwa mukuru w’intara ya Karusi ku magenekerezo ya 29 na 30 Munyonyo.
Banyakwubahwa mwese ;
Batumire bahire;
- Muri rino sasa risanzwe rya Kigarama, Inama Nkenguzamateka izokwiga yongera yemeze integuro z’amabwirizwa 14 zarungitswe na Reta y’Uburundi. Izo na zo zikaba ari izi zikurikira:
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano ahindura ubwa kabiri Amasezerano y’ugufashanya hagati y’ibihugu vya Afirika, amazinga ya Caraïbes na Pacifique ku ruhande rumwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’ibihugu bigize iryo Shirahamwe ku rundi ruhande, yashiriweko umukono i Cotonou ku wa 23 Ruheshi 2000, akaba yahinduriwe ubwa mbere i Luxembourg ku wa 25 Ruheshi 2005 ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano y’ugushiraho Inteko ziteguriye guhagararira amahoro muri Afirika yo mu Buseruko;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyinjira rya Repuburika y’Uburundi mu Masezerano yo mu 1954 yerekeye abantu batagira ubwenegihugu ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyinjira rya Repuburika y’Uburundi mu Masezerano yo mu 1961 yerekeye ukugabanya ko haba abantu benshi batagira ubwenegihugu;
- Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo Ibwirizwa inomero 1/21 ryo ku wa 31 Kigarama 2010 rihindura Ibwirizwa inomero 1/15 ryo ku wa 29 Ndamukiza 2006, rishinga amategeko ngenderwako agenga intwazangabo z’Urwego rwo kwivuna abansi ;
- Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo Ibwirizwa inomero 1/20 ryo ku wa 31 Kigarama 2010 rihindura Ibwirizwa inomero 1/16 ryo ku wa 29 Ndamukiza 2006, rishinga amategeko ngenderwako agenga ibisongerezi vyo mu rwego rwo kwivuna abansi ;
- Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo Ibwirizwa inomero 1/19 ryo ku wa 31 Kigarama 2010 rihindura Ibwirizwa inomero 1/17 ryo ku wa 29 Ndamukiza 2006, rishinga amategeko ngenderwako agenga abasirikare bato bato mu rwego rwo kwivuna abansi ;
- Integuro y’Ibwirizwa rigenga intwazangabo zo mu giporisi c’Uburundi ;
- Integuro y’Ibwirizwa rigenga ababirigadiye bo mu giporisi c’Uburundi ;
- Integuro y’Ibwirizwa rigenga abaporisi bato bato bo mu giporisi c’Uburundi ;
- Integuro y’Ibwirizwa rihindura ingingo zimwe zimwe zo mu Gitabo c’Amategeko agenga ugukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu mu Burundi, n’ukuduza amapansiyo mu bisata vya Reta ;
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye uturusho n’ubudahangarwa mw’ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afirika yo mu Buseruko ;
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa ry’Amasezerano y’ugufashanya mu gushira mu ngiro umugambi werekeye itunganywa ry’amatungo agizwe n’amazi y’Uburundi hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri, yashizweko umukono ku wa 24 Ntwarante 2021 i Kayiro mu Misiri ;
- Integuro y’Ibwirizwa ryerekeye iyemezwa ry’Amasezerano yerekeye ukutarinda gusaba uruhusha rwo kwinjira mu gihugu, ku bafise ibitabu vy’inzira vy’abanyacubahiro, ibitabu vy’inzira bidasanzwe n’ibitabu vy’inzira vy’akazi hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri.
Banyakwubahwa mwese ;
- Mudukundire kandi tubamenyeshe ko muri iri sasa risanzwe rya Kigarama, tuzobandanya dukora n’iyindi mirimo twemererwa n’ibwirizwa Shingiro, twongere tugendere abenegihugu mu kuraba ishirwa mu ngiro ry’amabwirizwa n’amategeko twemeje. Tuzobandanya kandi twumviriza imyitwarariko y’abenegihugu, tutibagiye kubahimiriza kubumbatira amahoro n’umutekano, twongera tubatera intege mu bikorwa vyo kwiteza imbere.
- Mu kurangiza, twagira twibukanye ko twebwe Abatowe, duhamagiriwe kwama tuzirikana ko turi ijisho ry’abenegihugu batwizeye, bakadushira imbere ngo tubaserukire. Muze rero tubaserukire vy’ukuri mu bikorwa dukora, tuvavanure na ya mvugo ngo uwukize akira iwabo, ahubwo tuvuge duti « uwukize akiza iwabo ». Muze kandi tubabere urumuri mu myifato yacu kugira ngo nk’indongozi badufatireko akarorero.
- Turangije tubashimira ku kuntu mwatwitavye muri bino birori vy’iyugura ry’isasa risanzwe rya Kigarama, twongera tubatangariza icese ko twuguruye ikiringo c’isasa risanzwe rya Kigarama 2021.
Murakoze !
Imana Ibahezagire.
Imana ibahezagire
C’est sur ces mots d’ambiance du retour au travail que la séance qui s’est déroulée dans un climat de parfaite harmonie a pris fin.