L’an deux mille vingt et un, le quatrième jour du mois de mai 2021, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 35ème séance plénière de la sixième législature pour adopter le programme du 03 au 14 mai 2021. Les travaux de cette séance ont été présidés par Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Emmanuel SINZOHAGERA. Cette séance qui a vu la participation de 32 sénateurs a débuté, comme d’habitude, par une prière à 11heures 22 minutes. Voici le déroulement de la séance dans son intégralité.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
La séance est ouverte. Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, banyakwubahwa bakanguzamateka, namwe bubahwa musanzwe murangurira imirimo yanyu ngaha mu Nama Nkenguzamateka, turashima Imana ko isubiye kutwongera umusi wo kubaho, ikaba yaduhaye igitondo ciza kugira dusubire dukoranire hamwe muri ino ngoro.
Hanyuma turabire hamwe integuro y’ibikorwa bitegekanywa kuzokorwa muri zino ndwi zibiri ziri imbere guhera itarike zitatu z’ukwezi kwa gatanu gushika itariki cumi na zine. Turizera ko mwaronse integuro y’ibikorwa. Nk’ukwo mubizi hariho amategeko twategerezwa kuba twarize ku ndwi iheze mugabo kubera ko umushikiranganji bari kuturungikira yari yaciye afatirwa n’iyindi mirimo yo mu Nama Nshingamateka, bica bituma urutonde twari twategekanije mu ndwi iheze tudashoboye kururangura.
Ino programme nk’ukwo mubibona irimwo integuro z’amategeko ashika atandatu. Ratification ni zine, tugaca twiga integuro z’amategeko zibiri, imwe ijanye na investissement, iyindi ijanye n’ivya Cour Anticorruption, zino nteguro z’amategeko zose ziramaze kwigwa mu Nama Nshingamateka. Bamaze kwiga atandatu. Twebwe kuva dutangura baramaze kudusiga cane. Ni yo mpamvu zino ndwi zibiri ata kiduciriyemwo twipfuza y’uko natwe zino nteguro uko ari zitandatu z’amategeko twoba tuzihejeje kugira ngo na none duce twinjira mu guhangana na rya tegeko rijanye n’uburyo Reta ikoresha. Ni integuro rero twabazaniye imbere kugira ngo mugire ico muyivuzeko hanyuma dushobore kuyemeza duce tuja ku bikorwa mu ma commissions atandukanye yoba afise zino nteguro z’amategeko.
Ino ndwi twashizeho integuro y’amategeko abiri:
Zino ratifications tukazozigira ku wa kane. Ariko kandi ndiko nditegereza kuberako mwese mwarumviseko hariho umushikiranganji yakuwe mu mabanga, muri ino ndwi barashobora kuduhamagara mu kigobe kugira ngo mushasha arahire. Rero au cas où bodutumako nko ku musi wa kane, aya mategeko uko ari abiri tuzoca tuyagira ku wa gatanu. Badutumyeko ku wa kane, ku wa gatanu dutegerezwa kugaruka kugira ngo tuyakure mu nzira kuko turamaze gucerwa cane uravye calendrier y’amategeko baturungikiye muri ino session yo muri Avril. Ico mwogishira ku muzirikanyi.
La semaine prochaine tuzoca tugira amategeko ane ku wa kabiri no ku wa gatatu, hanyuma iyindi activité tuzoca dukora azoba ari rwa rukurikirane rw’ama conférences Sénat twatanguza bijanye n’ivyabaye mu Burundi vyo muri 1972. Iyi ni yo nteguro twabazaniye sinzi ko mwoba mufise des observations canke des commentaires imbere y’uko tuyemeza, ariko iyo ni yo nteguro twokorerako muri zino ndwi zibiri kandi ama commissions vy’ukuri asanzwe afise ano mategeko, bashiremwo inguvu kugira ngo izi ndwi 2 zihere tuyakuye mu nzira, kugira ngo na none mu nteguro baturungikiye, haracari izikiri mu nyuma, ariko nibaza yuko izi dushoboye kuzikura mu nzira hoba hasigaye nke par rapport y’izo baturungikiye kuri ordre du jour ya session ya Avril . Ok, commentaires ? Nta commentaire ihari ni ukuvuga yuko tuvyemeje ?
Integuro y’ibikorwa iremejwe.
Ubugira Kabiri, turahaye ikaze abahora barwaye : Hon Ernest,Ferdinand na Ndutura. Ernest sinibaza ko yaragwaye Covid-19, ariko NDUTURA, Ferdinand na SUKUNOBA bari bafashwe na Covid-19. Inyuma y’ibi bikorwa turimwo, muce muja kwipimisha mwese kuko twari twahamagaye abaganga baze kudupima, rero bari ngaha, baraturindiriye. Ntihagire umuntu n’umwe agenda batamupimye. Nagomba ndabamenyeshe kandi ko mu ndwi zibiri zibiri, abaganga bazoba bari ngaha kugira badupime kuko turakeneye ko amagara yacu tuyakingira. Ikibabaje n’uko ubu n’ibimenyetso vya Covid-19, bitagishoka biboneka nkuko vyari iyi ndwara igitangura, ni co gituma twokwama twipimisha kenshi gashoboka.
Mu minsi iheze harabayeho ikibazo kubera ko bari baje gupima abakozi, hanyuma basangamwo babiri bagwaye, hanyuma abo babiri baciye bareka gufata imiti. Mu nyuma abaganga barabarondera barababura. Abo bakozi baca bagaruka ku kazi, baca babandanya banduza abandi, hanyuma bagarutse gupima, basanze hagwaye abakozi icenda, n’abo bakozi babiri barimwo kubera batigeze bafata imiti, ce qui est pour moi un crime contre l’humanité. Mu bisanzwe ubwo ni ubwicanyi. Nta kuntu ushobora kuba uzi ko urwaye, ukanka gufata imiti hanyuma ugaca uguma ugaruka mu bakozi kugira n’abo nyene ubanduze. Autrement dit kugira bapfe Kuko birashika ugahura nshobora kuba mfise izindi ngorane mu mubiri, izindi ngwara. Umubiri ntushobore kwirwanira kuko twese imibiri ntigira réaction kumwe.
Ntidukomeye twese kumwe, tugenda bamwe twarabunzwe twifitiye izindi ngorane. Urumva rero uciye unzanira nk’iyo ngorane kandi ica iza kumpohosha nari kumara na kabiri, urumva yuko vraiment c’est un comportement irresponsable y’abo bakozi babiri ku buryo tuzofata ingingo zihambaye kugira abantu bigishwe gukunda abandi. Udashatse kubakunda ku neza tuzokwigisha kubakunda ku neza canke ku nguvu. Sinon, dutegerezwa kubandanya tuvyitwararika. Tuvyitwararike kandi ikintu mbaye ndabasaba ntimuze mutinye kandi ntibize bibatere isoni kwambara agafukamunwa, ntuze wumve ivy’abantu bavuga.
Vyose biri ku neza yawe, biri ku neza yacu, tubakingire kandi mu kukambara, uba wikingiye aussi kuko urashobora kwibaza ngwarakomeye kumbe ararwaye. Nk’abo bakozi babiri urashobora kwibaza gushika yaho Secrétaire Général ababaza ati mwanyoye imiti nabo bati ego ni sawa turakomeye. Urumva bagire kurwara, bagire kutanywa imiti bagire kubesha, donc tout ! Urumva comportement nk’iyo vraiment, c’est à bannir. Rero abaganga bazoba babarindiriye ngaha kwa Directeur Législatif, nibaza yuko ari test itamara n’umunuta umwe mukaba muhejeje kugira ngo tumenye état de santé yacu. Ico ni kimwe.
Ikigira kabiri ni ikijanye na dossier véhicules. Sinzi igihe Honorable Victor azotangurira gushora icayi kugira turonke ama devises menshi. Ubu aho tugeze amafaranga yose yo kugura imodoka BRB yarayatanze hasigaye ikibazo kijanye na transport kuko kuzigura ni kimwe kuzizana ni ikindi. Twibaza ko iyo ndwi itangura itazohera ayo mafaranga atabonetse. Yanse kugenda amafaranga BRB itaraya débloqua (débloquer), kuko arashobora kuzipakira zishitse i Dar-Es-Salam zigaca ziba stockés. Ni ico co nyene gisigaye sinon ibindi vyaraheze.
Turizera ko ayo asigaye bazoyamuha kugira ace agenda azipakire. Umuzigo wawe ukwamiye i Dar-Es-Salam, ushobora guca ugira ikibazo kinini bikanashika bakakwiba. Dès que ayo mafaranga abonetse dans trois semaines zizoba zishitse. Ni ico nibaza ko mwari mukwiye kumenya ku bijanye na dossier véhicules. C’est pénible na cane cane kuri mwebwe abubahwa ku bijanye n’ingene mwiyunguruza.
Ndazi ni umuzigo, ariko kandi ni yo mpamvu baguma baduhimiriza ngo turwize umwimbu turabe yuko amafaranga y’agaciro twoshobora gushora hanze, hanyuma tukayaronka ku bwinshi. Tukizera yuko ku ngendo n’ibiganiro Reta-mvyeyi, Reta- Nkozi iriko irakorana na les différents partenaires, iyo situation y’ama devises ishobora kuba débloquée bikagenda neza. Yari no mu nzira imwe yokugira ngo basambure ubutegetsi bw’i Bujumbura, n’uko nyene basanze mwarashize Imana imbere, hanyuma iyo Mana ikamenya ingene ibigenza, nayo ubundi muba mwaramaze gusezera ino si. Mugabo kubera ari Rutungaboro yaratuzigamye muri iyo myaka yose kandi bigenda neza.
Rero ni ivyo narimfise comme communications, sinzi ko Premier-vice hari iyindi communication yoba afise ? Atayo, duca tureka aba bubahwa bagende.
Reka rero tugarukirize ngaha kugira les commissions, mubandanye, ndabasabe budget mwese ama commissions nta n’umwe atayifise, twarabandikiye n’ikete mu ma commissions, kiretse la commission III iriko irayiga en profondeur, turarungikira les autres commissions kugira nabo bagire des avis. Kugira ngo vy’ukuri mugire discussion y’irya loi budgétaire izobe imeze neza cane. Rero les autres commissions s’étaient saisies kugira mugire des avis par rapport. Mwaragize des formations, ni vyiza yuko mugira analyse, mukagira namwe des avis, hanyuma mugaca muzishikiriza la commission III kugira ngo bazikorereko. Turizera yuko muyigejeje kure kuko au niveau de l’Assemblée Nationale, ndavye rythme bariko, nibaza yuko la semaine prochaine bashobora kuzoyiga.
Rero ni vyiza yuko namwe muyisoma mugatanga des avis, mukazihereza abo muri commission III kugira ngo bize bigende neza. Loi du budget ni yavamwo, hazoba hasigaye kumbure nk’amategeko nk’atatu, abiri canke angahe. Izi dushoboye kuzikuramwo zose ukwo ari zitandatu, tuzoba dusigaje nk’atatu canke atanu kugira ngo duheze ino session par rapport y’aya mategeko Gouvernement yaturungikiye muri ino session ordinaire ya Avril. Inguvu muce muzishira kuri irya projet ya budget kugira bize bigende neza.
Hari uwoba afise ico avuga canke ashikiriza kugira ngo duheze ? Mpava ndabanigana ijambo kandi akanya ari akiwanyu. Honorable Rénilde.
Umukenguzamateka NDAYISHIMIYE Rénilde
Murakoze cane Nyeniteka jewe nagire nibutse abakenguzamateka kuri ya Coopérative Burundi Bwiza twaragiye kuraba kuri compte, hariho abatanze mugabo ku buryo bataduhaye bordereaux ntitumenya ngo hatanze naka, hasigaye naka. Twosaba uwoba yaratanze irya contribution yiwe ko boduha bordereau kugira tumenye abatanze ukwo tugire rapport neza. Murakoze cane Nyeniteka.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ico kirumvikana. Watanze amafaranga tanga bordereau kugira bakwandike, utatanze naho urumva ntuba uratanga. Twihutire gutanga kugira na none Coopérative itangure gukora. Erega umwaka waheze kandi urumva harya umwaka ugiye ntusubira kugaruka. Umwaka aha uraheze mu bisanzwe, mu myaka itanu tumaze gukuramwo umwaka umwe aho umwanya uba uriko uragenda.
Murakoze, reka tubifurize umusi mwiza n’ibikorwa vyiza mu ma commissions atandukanye n’amagara meza na cane cane ko muri zino ndwi zibiri tuzoba dufise ibikorwa vyinshi cane kugira ngo n’imiburiburi dushobore kuja ku rugero co kimwe na Assemblée Nationale.
Ku mategeko tuzokora bariko barayiga, baduhaye uyundi mushikiranganji entretemps azoza kugira mukorane, ni Ministre wa Fonction Publique. Niwe Reta yaturungikiye pour les deux projets de ratification tuzogira hirya y’ejo mukurindira yuko kumbure bashiraho umushikiranganji ajejwe commerce. Muraza kuvugana na Secrétaire Général kugira ngo ejo après-midi, bazoba bariko barakorera ino barafise Conseil des Ministres izobera ino i Gitega. Après-midi la commission itegerezwa kwiga arya ma projets de loi ukwo ari abiri yo ku wa kane bazoca bakorana na Ministre wa Fonction Publique. Rero commission iyafise mube hafi kugirango ejo après-midi muce mukorana n’umushikiranganji wa Fonction Publique. Hanyuma ku wa kane duce tuza ngaha kugira ngo tuyakure mu nzira. Murakoze. Imana ibahezagire.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.