L’an deux mille vingt et un, le quinzième jour du mois de mai, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 45ème séance plénière de la sixième législature pour analyser et adopter le programme du 14 juin au 1er juillet 2021. Les travaux de cette séance ont été présidés par Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Emmanuel SINZOHAGERA. Cette séance qui a vu la participation de 30 sénateurs a débuté, comme d’habitude, par une prière à 11heures 10 minutes pour prendre fin à 11 heures 50 minutes.
Voici en intégralité le déroulement de la séance.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
La séance est ouverte.
Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Nykwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w »Inama Nkenguzamateka ;
Bubahwa mwese bakenguzamateka ;
Namwe bubahwa musanzwe murangurira imirimo yanyu ngaha mu Nama Nkenguzamateka.
Turashimira Imana ko yasubiye kutwongera iyindi yinga turi bazima, iyo Mana yabikoze nihabwe icubahiro ubu no mu myaka yose.
Turabahaye ikaze muri kino gikorwa co kwemeza ino nteguro y’ibikorwa tuzorangura muri zino ndwi zitatu. Nizere ko muri groupe duhurikiyemwo bayirungitse. Projet ya programme ntirashika ?
Reka nta co tubanze turindire programme ariko nta bintu vyinshi birimwo. Reka turindire idushikire.
Ku kijanye na ordinateurs twanse ko amafaranga amwe amwe yari muri budget nko kuri rubrique ya frais de mission yoba impfa gusa, twarasavye ko twoyashira mu bijanye no kugura ama lap tops twoza turakoresha nk’urwego mu ntumbero yo kugabanya ikoreshwa ry’impapuro.
Murazi ko hariho amabwirizwa manini manini usanga gufotora bitwara impapuro nyinshi cane. Tumaze kuvugana n’Umushikiranganji w’ikigega ca Reta baratwemereye ko dushobora kugira iyo réaffectation. Twaraguze ama lap tops tuzobaha mwebwe Bubahwa mugabo ziguma ari propriété du Sénat. Hariho convention mutegerezwa kudusinyira kugira mwiyemeze ko muzozikoresha neza.
Les petites réparations zishobora kwaduka zizoba ziri à la charge du Sénat, ariko uyitaye hasi ikameneka uzoca uyiriha. Canke uyihaye umwana akayonona uzoca utugurira nk’iyi nyene. Rero c’est un outil de travail kugira za ngorane twari dufise kutabona ico bariko barahindura canke ugasanga raporo iratevye biveho. Abatazobereye gukoresha izo mashini barabateguriye une petite formation kugira mumenye aho muronderera ama documents. Hariho module bazoshiramwo kugira dushikire ahari ama projets de loi yose hamwe na raporo za commission kugira tuje ng’aha umwe wese azobe afise imashine ace yugurura connexion nta kindi. Tuzogerageza kuduza capacité ya internet ng’aha muri salle. Hari ikibazo mufise ? Honorable Carine.
Umukenguzamateka DUKUNDANE Carine Belyse
Murakoze Nyeniteka kumpa ijambo. Nashaka kubaza ko ziri assurées. Hanyuma izi caractéristiques bozidushirira ko imbere yuko twosinya kuko ntibashize ko capacité ya disque dur na Ram. Vyari ivyo.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ubajije ikibazo ciza. Assurance ni ngombwa bazobikora kuko n’amafaranga make. Izi caractéristiques baca bazishirako kuko na numéro de série barazibaha. Ikindi kibazo ?
Umukenguzamateka NIBIRANTIJE Jean Marie
Murakoze. Jewe ni akabazo gatoyi. banditse ngo Bujumbura hanyuma tugaca gusinya ngo fait à Gitega aka ga convention nca numva umengo si ko.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ni akantu gatoya gusa, c’est une parenthèse. Murakoze cane nibaza yuko ico yakibonye, kenshi aho ntidukunda kuharaba kandi urumva biragoye. Donc, Gitega, il faut que tugira Gitega kuko murabona ubu turi i Gitega. Nibaza ko ata ngorane ziriho. Ku bijanye na ordinateur, c’est un outil de travail dutegerezwa kuzigama tukayikoresha neza, uje utayizanye ico gihe nta tegeko na rimwe uzoba uriko uraraba. Kuko nta documents nk’impapuro tuzosubira gukoresha kugira tugerageze gukoresha budget neza, tugire gestion ya économie dufise neza. Kuko murabona n’iyo duhejeje gukora ibikorwa duca tubita alors que tuba twabikoresheje amafaranga. Harya tuba duturiye amafaranga. Reka rero tuze turakoresha l’outil informatique, kandi ivyo tugaheza tukabibika ng’aha mu ma machines yacu.
Ico ni kimwe mugabo mu kurindira, sinzi programme ko bamaze kuyishira imbere yacu ? Nta yo barashiraho ? Turabire Honorable Oscar atuzanire iyo programme. Mubwire atuzanire programme.
Ikindi kibazo nibaza kimeze nkikiduhanze, gishobora gutera beaucoup des interrogations kijanye n’imodoka. Ikibazo kijanye n’imodoka ndazi yuko muri mwebwe ari ikibazo gitera des interrogations, ariko nagomba mwebwe mbanze ndababwire Bubahwa, amafaranga yanyu y’imodoka ari kuri compte ya Sénat. 70% y’amafaranga. Kuri compte muri BRB, hariko plus d’un milliard kuri ya budget yanyu ijanye n’imodoka. Nta yo twigeze duha umu fournisseur.
Le fournisseur yaronse 30%, hanyuma ariko aragira ico bita le préfinancement. Niyazituzanira duca tumuha les 70% zisigaye. Jewe nibaza ko twobanza tukacumvikana ko kugira abantu ntibahave bibaza ko twateruye amafaranga yanyu turamuhereza none ariko arayadandaza. Non. Amafaranga yanyu ari kuri compte ya Sénat muri BRB 70% ni ho ari. Twamuhaye avance ya 30% aca agira préfinancement ya 70%. Nagumye ndababwira nti Covid-19 abayiteye bobo koko bazoba les milliardaires, parce qu’ils vont vendre les vaccins ! Ils vont vendre les vaccins kandi murabona ni co kigezwe ho. Abayiteye, ils seront vraiment des milliardaires mugabo ibihugu bizokena.
Pourquoi ? Parce que ubu politique bafise bavuga bati : «Dutegerezwa kudandaza ku bihugu, tuzotanga amadeni, igihugu ntigiherana». Naho hogera yuko babahebera ideni, hariho institution iriha. Harya mwumva ngo igihugu baragihebeye ideni, hariho une institution iriha. Ubu rero bobo bari muri business de vente des vaccins. Kandi, ils vont faire des milliards et des milliards d’argent. L’impact kuri économie mondiale, izoba nini gusumba ama crises yose azoba yarabaye kw’isi. Mukaba ari na co gituma mubona ibintu nka vyinshi bisa nivyabaye paralysés. Ama entreprises menshi yarugaye. Ama usines de fabrication ont fermé les portes.
Imana ishimwe ko imodoka zose zashoboye kwegeranywa, le coût y’amafaranga yose yo kuzigura, ideni yaronse guteranya amafaranga ya transport, azoshobora kubikora, l’impact d’augmentation du prix kugira uwugurisha imodoka ashobore kuzimuha. Ikibazo twavuganye uno munsi ni ikibazo ca transport yo kuzikura i Dubai gushika ng’aha mu Burundi. Kuko murumva ko ayo mafaranga ya transport ni yo yahomye ko kugira ngo ashobore gushika kuri 106 mille dollars, bari bamuhaye ya transport.
Pour moi namubwiye nti, on va accepter kuguha avenant, nti mugabo tuzanire izo modoka. N’iyo négociation turimwo ubu. Ariko mwumve yuko ubu ariko akoresha amafaranga yiwe, ntari ko akoresha amafaranga y’iwacu. Kuko wewe avuga ati: jewe nobona iyi contrat iramvuyeko noba ntomboye. Ni ukuvuga ko ugiye kuraba muri make, le fournisseur twahaye le contrat, azogira perte na we nyene kuko yarazi ko le contrat ayikora mu mwanya muto, ariko murabona yuko ari amezi n’amezi. Banque iriko iramurihisha les intérêts y’ideni yamuhaye pour couvrir 70%, or twebwe tuzomuha les 70% ata intérêt tumuhaye. Na ho ikibazo kiri. Déjà twebwe twamuhaye imodoka za bureau. Twanditse ikete muri BRB mu kwezi kwa gatanu dusaba 260 mille dollards, gushika n’ubu nta yo turaronka.
L’information yampaye ejo n’uko ibiciro vy’imodoka za jeep na vyo vyaduze. Avec un budget de 520 millions, twamuhaye kugira atuzanire imodoka zine, mu bisanzwe nta marge n’imwe asigaranye kuko mu bisanzwe jeep imwe ni 250 millions, na twe azotuzanira jeeps zitatu na camionnette imwe. Aho n’igihe BRB yoyaduha. Le risque ni uko hashobora kwiyongerako ukundi kwezi avant l’exécution du contrat. Rero Dieu merci ko yashoboye kuzitororokanya hirya no hino akazegeranya, ubu ça va hasigaye ko twiga les modalités y’ukuntu ziva i Dubai zigashika ng’aha. Dans une semaine zishobora kuba ziri i Dar-es-Salaam, vyumvikana neza y’uko mu kwezi kw’indwi mushobora kuba muzifise.
De toutes les façons, ntitwokwitako umwikomo kandi ntitwotako umwikomo le fournisseur, BRB yaratevye ariko na yo nyene ntitwoyitako umwikomo, kuko amafaranga y’agaciro si ayo ikora. C’est une responsabilité à partager que nous devons gérer avec compréhension mutuelle. Ni aho ikibazo c’imodoka kigeze. Hari uwufise ikibazo kuri ico kijanye n’imodoka ?
Ejo hariho une séance plénière, turafise projet de loi portant Ratification zibiri. Kuri programme twarungikiwe na Gouvernement, hazoba hasigaye projet imwe ivuga ivya Conseil National de Sécurité. Iyo na yo ntirigwa na Assemblée Nationale, donc ejo tuzokwiga integuro z’amategeko zibiri.
Ku wa kane, ku wa gatanu, tuzoja mu masengesho, iyi rencontre ya vendredi 10 heures ntayihari avec la conférence des Evêques catholiques, ni ku wa mbere le 21 juin pas vendredi.
Ku wa kane, le 24 twashizeho séance plénière ya question orale avec débat adressée au Ministre de la Justice, kuko ku wa gatanu duca tugira ya conférence, ni co gituma twaciye dushira iyo question orale ku wa kane.
Ku wa mbere ni les travaux en commission.
Ku wa kabiri buca tugira clôture twiyumviriye ko twoca tugira questions orale avec débat adressée au Ministre du Commerce.
Hanyuma ku wa gatatu tugire clôture 10h kugira ngo 11h duce tumanuka.
Ku wa kane le 1er juillet tuzoba turi i Bujumbura.
Iyo ni yo programme pour les trois semaines. Jeudi hirya y’ejo na vendredi hariho amasengesho S.E le Président de la République yatunganije pour 3 jours yo gushimira Imana ko imumajije umwaka arongoye igihugu, murahamagariwe kwitaba. Observation sur le projet de programme. Qui ne dit mot consent. On adopte le programme. Le programme est adopté.
Ku bijanye na défilé hariho des observations zagiye ziratangwa na cane cane kuri barya ba défila, aba défila muri administration, aba mamans muze mwambare impuzu zikwije. Ntimuze mwambare impuzu zishobora kudutera scandale nk’ugwego. Hariho uwanteye inkuru y’umu maman yari yambaye agahuzu keza umuyaga uca uraza ngo fye!! Uca uratwara! Muzovugane mubabwire basoneshe imyambaro dignes nk’iy’abakora mu rwego rw’Inama Nkenguzamateka. Ntidukeneye ko haba des scandales kubera ko twashatse ama dessins. Nta show business tuba dukeneye, zari impanuro kandi zifise akamaro kugira ngo twame tugira ibintu biduhesha iteka. Hari ikibazo ?
Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyeniteka kumpa ijambo. Nagomba gushikiriza abavukanyi ko les sessions ACPU zatanguye, ni yo mutaza muratubona turi muri ivyo. Tuzoheza le 12 juillet, ama sessions d’Organisation Afrique Pacifique Caraïbe et Pacifique avec l’Union Européenne. Murakoze Nyeniteka.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Honorable GASUNZU ni co gituma atari ng’aha. De toute façon ibikorwa tuzoba dufise à part les questions orales twashize ku rutonde n’ejo les deux projets de loi, nta zindi projets de loi à part question orale Umushikiranganji w’Ubutungane n’uw’Ubudandaji n’irya activités ya le 25, ibindi n’ibisanzwe. Hari observation ku vyo nashikirije ku ma communications imbere yuko twemeza le programme ? Il ya des questions ou c’est bon ?
Umukenguzamateka BISABWIMANA Antoine
Murakoze Nyeniteka kuduha akanya kugira na twebwe dushobore kubaza ikibazo. Twagomba kubasaba, Nyeniteka y’uko mwodusabira udu parcelles kugira na twebwe du contribuer mu gisagara capitale politique ng’aha i Gitega, ariko kumbure hariho n’aboba bipfuza n’ahandi. Murakoze.
Icegera ca mbere c’Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyeniteka kunyongera ijambo. Ejo turindiriye ko plénière itangura twararonse information ko muri Assemblée bari avancés, ko babajije muri Reta bakavuga ko ata ma parcelles ahari kubera ko OBUHA itariko iratanga ama parcelles. Bariko bagira nk’ ivyo twagize l’année passée. Bamaze kugira visite ngo ama endroits ashika ane.
Endroit ya mbere mugabo mu ma privés, uriko uraja côté Gihanga ngo urenze gatoya muri FOMI ngo hari vingt hectares mugabo ngo viabilisation yaho ngo ngira yogorana kuko ni ahantu mu bigazi.
Iyindi ya kabiri bagiye kuraba ni muri côté kwa ba Honorable Rénilde mu Kabezi. Hariho hegitari zishika nyamba indwi ou zine. I Bujumbura ni ama endroits abiri. N’i Gitega ngo bamaze kugira hatatu, je crois ou habiri. Hamwe uriko uraja kuri ISA mugabo bakavuga yuko uwemeye kuhatanga yavuze kwazohatanga à 6 Millions par are itaraba viabilisé.
Hakaba n’iyi côté yo kuri Jean Paul II. Na ho ngo hari 7 hectares. Ariko na ho ngo uwuhafise ni kw’ikaburimbi ashaka 12 millions par are. Urumva rero baracari ko bararondera. Batubaza bati rero mwipfuza ko twoja hamwe tukagira équipe, twobivuga hakiri kare kugira ngo bazoturonderere hamwe nk’uko twabigize l’année passée. Canke ngo twipfuza kurondera ukwacu na vyo bituvako. Mugabo ni uko bavuze yuko bobo à partir du 1er juillet umenga bashaka ko batangura kubakata. Bazoba batoye site kugira ngo Banque de l’Habitat Urbain izoce itangura kubakata. Ni iyo information twaronse Nyeniteka.
Hanyuma turababaza duti ni kubera iki ko mu myaka iheze twabigirira hamwe batabajije muri administration iwacu kugira ngo twumve ko na twebwe batoba babikeneye? Mugabo nibaza ko ce n’est pas trop tard tubikeneye twobabwira bakadushiramwo.
Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Sinzi ubwanje navuga nti borondera aha Reta kuko urumva umu privé nta co umuntu yopfuma agenda wenyene akigurira. Nta valeur ajoutée mbona yoba irimwo kugura are imiriyoni zitandatu. Ça c’est mon point de vu. Birazimvye vy’ukuri. Igihe hatoboneka site ya Reta, numva umengo ico twohava tugiheba.
Hanyuma sinumva nka twebwe turi ng’aha ngo ugende i Gihanga, qu’est-ce que tu vas faire à Gihanga? Ni mu mazi. Oui, Honorable.
Umukenguzamateka BISABWIMANA Antoine
Murakoze Très Honorable kumpa akajambo. Mubisanzwe hariho instruction yuko d’ abord ata viabilisation izosubira kuba, ko twogira politique y’ama logements sociaux, hanyuma abenegihugu bakagura amazu. Rero sinzi yuko iyo ntumbero yoba yahindutse. Kuko yari intumbero yo kuri Sokuru kandi ndazi ko na Nyenicubahiro na we nyene iyo ntumbero arayifise. Iyo ni yo observation ya mbere.
Deuxième observation ni uko kuri côté Gihanga à partir de Maramvya, c’est vrai hariho des litiges mugabo bavuga ko hose ba bahareka comme une zone agricole. Na ho nyene sinzi ko iyo ntumbero izohava ihinduka.
Troisième observation ni uko ama parcelles azoba azimvye cane kandi uravye uburyo bw’abakenguzamateka aujourd’hui n’ama engagements dufise, sinzi ko kuriha parcelle à 6 Millions/ are sinzi ko vyokworoha. Vyogorana cane. Kuko gushika ubu site yitwa ko iri trop chère ni site ya Nkenga-Busoro iri kuri trois millions cinq centmille, na zirya abashingamateka n’abakenguzamateka bari baronse harya mu Gasenyi na zo nyene bari bazirishe kuri trois millions cinq cent mille kubera bari baguze itongo, hanyuma baragira viabilisation bonyene baritangira isoko.
Na ho nyene vyarahatswe kuduga bivanye n’arya mazi yateye harya mu Gasenyi kuko harageze igihe aravuga ati reka bongereko amahera kugira bagire ikanare (canal) correcteur itwara amazi, yayatwara muri Gikoma. Yarabaye discutions kuko abenegihugu baridoga cane. Rero numva umengo aujourd’hui kugira ngo tugure parcelle kuri 6 millions, kuri 12 millions birateye ubwoba. Murakoze.
Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Oui, Honorable Fabrice.
Umukenguzamateka Fabrice NKURUNZIZA
Murakoze Nyeniteka kumpa akanya. Twebwe muri commission Finance twari twavuganye n’Umushikiranganji ajejwe ivy’amatongo, aratubwira yuko ico kibazo na bo bakiriko kubera ko no muri Reta ngo barakeneye ama parcelles. Ati rero turiko turagikorera hamwe kugira ngo turabe yuko aho tuzoronka n’aba Parlementaires boca baronka. Yaratubwiye yuko bigoye, ati mugabo turiko turaraba iruhande y’ ahazokwubakwa Parlement mu matongo y’abantu ati mugabo ico kibazo turashobora kuzocigira hamwe. Rero nibaza y’uko ikibazo mwogifata mukagitumbereza ku Mushikiranganji araba ivya agriculture mukamubaza aho abigejeje kugira turabe yuko ico kibanza kizoboneka.
Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Atari vraiment muri site ya Reta sinoshigikira y’uko muja muri ivyo vy’ imiriyoni zitandatu, cumi na zibiri hatari na viabilisé. Kugura ni kimwe, ariko kwubaka ni ikindi. Urumva déjà umaze kuzimbwa mu kugura, kwubaka na vyo bica biba uwundi muzigo. Reka tuze dukurikirane auprès ya Ministère de l’Agriculture twumve yuko bobishira hamwe n’abandi. Ce n’est pas facile.
Avec iyi politiques y’ama logements sociaux na yo ni iyindi. Ni uko ntazi superficie ya zirya nzu, mugabo aho bigeze mbona abantu bopfuma bagura izo nzu hakuja mu vyo kwubaka. Wopfuma ufata ideni ryo kugura inzu ihagaze hakuja mu vyo kugura parcelle hanyuma ukubaka. Mugabo uguze parcelle ushobora kwiyubakira akazu ushaka, ari chambre imwe ukubaka iyo nyene, ari chambre zibiri ukubaka ako nyene. Izindi ni uko uca usanga ziri ku ma standards. Ariko reka ico kibazo tuze tugikurikirane twumve yuko bishoboka. Hari ikindi imbere yuko turangiza ? Nta wundi ? Turarangije rero. Reka dusabe Honorable Rénilde adushire mu maboko y’ Imana.
La séance qui s’est déroulée dans un climat d’entente et de parfaite harmonie a été clôturée à 11 heures 50 minutes.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.