L’an deux mille vingt et un, le deuxième jour du mois d’août, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 50ème séance plénière de la sixième législature pour procéder aux cérémonies d’ouverture de la session ordinaire d’août 2021.
Les travaux de la séance qui étaient dirigés par Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Emmanuel SINZOHAGERA, ont débuté par une prière à 10 h 41 minutes et ont vu la participation de 37 sénateurs et d’ un nombre important d’invités à savoir le Président de la CNIDH, certains représentants des corps diplomatiques et des organisations internationales œuvrant au Burundi, le gouverneur de la province Gitega, l’administrateur de la commune Gitega et d’autres invités.
Voici l’intégralité du discours prononcé à cette occasion, en Kirundi par le Président de la séance :
Nyakwubahwa Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka;
Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;
Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare Ntahinyuzwa ;
Banyakwubahwa Bashikiranganji ;
Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ;
Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe gucungera amatungo ya Reta;
Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Republika;
Nyakwubahwa urongoye umurwi w’Igihugu ujejwe gutunganya amatora;
Nyakwubahwa Buramatari w’intara ya Gitega;
Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;
Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi;
Nyakubahwa Musitanteri wa komine Gitega
Banyakwubahwa mwese mwitavye ibi bikorwa vy’uyu musi ;
Batumire bahire;
- Imbere y’uko tuduga kw’ijambo nagire mfate kano kanya nshimire Imana umuremyi w’ijuru n’isi yadushikanye uyu munsi tukiri bazima, igateramira igihugu cacu kikaba gitekanye, Ikongera ikaba yarabanye n’abubahwa abakenguzamateka mu kiringo c’ukwezi kwose twari tumaze mu karuhuko, ariko ikadushoboza kurangura ibikorwa bitari bike bijanye n’ukwegera abenegihugu. Reka ndabasabe muntize amaboko dukomere amashi iyo Mana yacu.
- Kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi umwaka w’2021, igihe twasozera ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ndamukiza, twarabamenyesheje y’uko tuzosubira guhurira muri ino ngoro kuri uno munsi kugira dutanguze icese ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Mukakaro, nk’uko Ibwirizwa Shingiro ribitegekanya zaryo z’i 179 n’190
- Kw’izina ry’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi no kw’izina ryacu nyene, turabahaye ikaze. Turabakengurukiye kubona mwaretse amabanga n’imirimo mwari mufise kugira ngo muze kudufasha runo rubanza, naho tuzi ko mwari mufise imirimo myinshi itandukanye.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire
- Muri buno buruhuko twahoramwo:
- Abagize i biro vy’Inama Nkenguzamateka baregendeye intara za Ruyigi, Cankuzo, Karusi, Bubanza, Mwaro, Cibitoke, Kayanza, Ngozi, Igisagara ca Bujumbura, n’Intara ya Bujumbura. Aho hose tukaba twarifadikanije n’abenegihugu mu bikorwa bitandukanye bariko bararangura mu kwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu.
- Twararemesheje Inama aho twasiguriye abenegihugu intumbero y’Inama Nkenguzamateka mu gutunganya ibikorwa bijanye no kumenya ukuri ku bwicanyi bwakozwe 1972, n’ukumenya izina bwokitwa.
- Inyuma y’ugushikiriza intumbero y’Inama Nkenguzamateka, abenegihugu barashinze intahe haba abari mu burongozi bw’ico gihe n’abacitse kw’icumu. Bose barerekanye y’uko n’ubwo hari intumbero yari yatanzwe yo kumara abantu, hibonekeje abantu bafise umutima w’ubuntu bakanyegeza abariko barahirwa.
- Twarasavye abenegihugu bafise ivyo babonye gushinga intahe ata gushikuza, kwegera umurwi ujejwe kumenya ukuri n’ukunywanisha kugira ngo boroherwe kurangura igikorwa cabo co kunywanisha abarundi.
- Twarongeye kandi turasaba abenegihugu gufasha kumenya amazina y’abahitanywe n’ico kiza tunasaba y’uko n’abo bafashije mu kurokora ubuzima bw’abantu bomenyekana kugira urwaruka rutazi ivyabaye baze bamenye ko naho inabi ikorwa hariho ineza yamye yitangira imbere.
- Twarasavye amakoperative yashinzwe ku mitumba itandukanye y’igihugu yokurikiranwa neza kugira ngo ntihabe ugukoresha nabi uburyo butangwa, kuko ari intinzo atari ingabire, ategerezwa kuzosubizwa. Turashimiye amakoperative yamaze gusubiza ingurane ndetse hakaba n’abamaze kwigira inama yo guhingura ivyo birimira, kugira bagire akarusho.
- Twaranibukije kandi uruhara rw’abatowe mu bijanye no gukomeza intwaro kuva ku nzego zo hasi. Uwatowe ategerezwa gukora ibishoboka vyose kugira na ntaryo yame atera imbere, kugira amaneye ubuhinga bumwe bumwe bukenewe kugira aho asanzwe akorera harangwe iterambere. Vyongeye uwatowe ategerezwa kwamiza ku muzirikanyi ko afise ivyo afise ivyo abazwa n’abenegihugu hamwe n’abamukurira mu banga.
- Twarasavye indongozi ko zobandanya guhimiriza abenegihugu kuguma na ntaryo birinda ikiza corona mu gukurikiza impanuro z’abajejwe amagara y’abantu.
- Kubijanye no gukomeza imigenderanire y’Inama Nkenguzamateka n’izindi nzego mpuzamagakungu twarakiriye Uwuserukira Igihugu ca Nigeria ngaha mu Burundi, tukaba twaganiye kubijanye n’ugufashanya hagati y’ibihugu vyacu uko ari bibiri.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire
- Muri kino kiringo c’isasa risanzwe ry’ukwezi kwa myandagaro gitanguye uno munsi, twisunze ingingo y’163 y’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi, tuzokwihweza integuro z’amabwirizwa icumi na zine ziri ku rutonde Reta yaturungikiye. Izo na zo ni izi zikurikira:
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano ahindura ubwa kabiri Amasezerano y’ugufashanya hagati y’ibihugu vya Afirika, amazinga ya Caraïbes na Pacifique ku ruhande rumwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya n’ibihugu bigize iryo Shirahamwe ku rundi ruhande yashiriweko umukono i Cotonou ku wa 23 Ruheshi 2000, akaba yahinduriwe ubwa mbere i Luxembourg ku wa 25 Ruheshi 2005 ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano y’ugushiraho Inteko ziteguriye guhagararira amahoro muri Afirika yo mu Buseruko ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyinjira rya Repuburika y’Uburundi mu Masezerano yo mu 1954 yerekeye abantu batagira ubwenegihugu buzwi ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyinjira rya Repuburika y’Uburundi mu Masezerano yo mu 1961 yerekeye ukugabanya ko haba abantu benshi batagira ubwenegihugu buzwi ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye ukugura n’ukugurisha biciye mu buhinga bwa none ;
- Integuro y’ibwirizwa rishinga amategeko agenga abinjira n’abasohoka mu Burundi;
- Integuro y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rishinga imirimo y’Inama nkuru ishinzwe umutekano mu gihugu, abayigize, ingene itunganijwe n’ingene ikora ;
- Integuro y’ibwirizwa rishinga Ikigo OBR, ingene gitunganijwe n’ingene gikora ;
- Integuro y’ibwirizwa rishiraho igitabu cerekana ubusumbasumbane bw’ibibanza vy’icubahiro mu Burundi ;
- Integuro y’ibwirizwa ritunganya Igisata c’ivyerekeye imigenderanire y’Uburundi n’amakungu ;
- Integuro y’ibwirizwa risubiramwo Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro inomero 1/03 ryo ku wa 20 Ruhuhuma 2017 rishinga imirimo y’Igiporisi c’Uburundi, ingene gitunganijwe n’ingene gikora ;
- Integuro y’ibwirizwa rishinga Amategeko agenga Intwazangabo z’Igiporisi c’Uburundi ;
- Integuro y’ibwirizwa rishinga Amategeko agengaAbabirigadiye b’Igiporisi c’Uburundi ;
- Integuro y’ibwirizwa rishinga Amategeko agenga Abaporisi batobato b’Igiporisi c’Uburundi.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire
- Muri kino kiringo c’isasa risanzwe ry’ukwezi kwa Myandagaro
- tuzobandanya igikorwa co gusuzuma ko amabwirizwa twemeje, hamwe n’ingingo zitandukanye twapfunditse ko biriko birashirwa mu ngiro;
- tuzobandanya kandi tugendera abenegihugu kugira igikorwa c’Umurwi CVR kibandanye kigenda neza kugira ukuri kwose kuvyabaye mu mwaka w ‘1972 bimenyekane
- Tuzobandanya twibutsa abenegihugu ko ibwirizwa ritegeka aborozi kutaragira ibitungwa vyabo ku misozi ko rizotangura gushirwa mu ngiro kuva kw’igenekerezo rya 4 Gitugutu umwaka w’2021 ko ikiringo co kuragirira ibitungwa ku misozi bisa n’ivyaheze.
- Tuzoguma kandi twakira imyitwarariko y’abenegihugu bashikirije Umurwi udasanzwe kugira nabo babishikirize inzego zibijejwe abenegihugu batunganirwe.
- Mu kurangiza,Twagomba dutangaze ko dutanguje icese ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Myandagaro kuri uwu munsi w’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2021, tukaba twifurije Abubahwa Abakenguzamateka kurangura neza ibikorwa bijanye n’iri sasa, twongera twifuriza mwebwe mwaje kudufasha runo rubanza gusubira mu mirimo yanyu amarembe.
Nihahangame Uburundi n’incuti z’Uburundi
Imana ibazigame yongere izigame Uburundi
MURAKOZE IMANA IBAHEZAGIRE.
Après les cérémonies d’ouverture de la session, le Président du Sénat a informé les honorables sénateurs qu’ils vont passer à l’inscription dans les différentes commissions permanentes et l’analyse et adoption du programme des activités dans l’après-midi.
A 11 heures 4 minutes la séance a été suspendue pour reprendre à 13 heures 52 minutes.
La séance s’est poursuivie avec l’analyse et l’adoption du projet de programme des activités pour la période du 02 au 13 août 2021 qui était libellé comme suit :
– Lundi le 2 août 2021 à 10 heures, il y a eu les cérémonies d’ouverture de la session parlementaire ordinaire d’août 2021. Le même jour à 13 heures, il s’est tenu une séance plénière relative à l’inscription des sénateurs dans les commissions permanentes, suivie par une réunion du Bureau, la mise en place des bureaux des commissions permanentes, une réunion du Bureau élargi et en fin ; a eu lieu une séance plénière pour l’analyse et adoption du programme des activités pour la période du 02 au 13 août 2021 ;
– les journées de mardi, mercredi, jeudi, vendredi avant midi, lundi et mardi, respectivement le 03, 04, 05, 06, 09 et 10 août 2021 seront consacrées aux travaux en commissions ;
– les journées de mercredi et jeudi, soit le 11 et 12 août 2021 ; il y aura les séances de renforcement de capacité des sénateurs en informatique (Microsoft Word, Excel et internet.) ;
– vendredi le 13 août 2021 avant midi, les sénateurs s’occuperont des travaux en commissions.
En rapport avec l’inscription des sénateurs dans les différentes commissions permanentes, les sénateurs se sont convenus de rester dans leurs commissions respectives.
Après avoir adopté ce programme dans l’unanimité de tous les sénateurs présents, la séance a été levée à 14h 14 minutes.