L’an deux mille vingt et un, le premier jour du mois d’avril, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 31ème séance de la sixième législature sous la présidence du Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Emmanuel SINZOHAGERA, pour procéder aux cérémonies d’ouverture de la session parlementaire ordinaire d’Avril 2021.
En plus des sénateurs et hauts cadres du Sénat, la séance a vu la participation de beaucoup de convives comme l’Administrateur de la Commune de Gitega, les représentants du corps diplomatique et consulaire accrédités à Bujumbura, le Président de la Commission Vérité Réconciliation, les représentants des organisations internationales œuvrant au Burundi, les représentants de la magistrature de la localité de la ville de Gitega, le Président de la CNDH, etc. Cette séance qui était présidée par Très honorable Président du Sénat a débuté à 10 heures 30 minutes par une prière.
Voici l’intégralité du discours prononcé à cette occasion, en kirundi, par le Président de cette séance :
IJAMBO RYO KWUGURURA IBIKORWA VY’ISASA RISANZWE RYA NDAMUKIZA VY’INAMA NKENGUZAMATEKA MU MWAKA 2021 RISHIKIRIJWE NA NYENITEKA Emmanuel SINZOHAGERA; UMUKURU W’INAMA NKENGUZAMATEKA Y’UBURUNDI
Bujumbura,kuwa 01Ndamukiza 2021
Nyakwubahwa Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;
Ba Nyakwubahwa muri mu bagize Reta y’Uburundi
Nyakubahwa urongoye Sentare Nkuru ya Gitega;
Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Republika mu Ntara ya Gitega ;
Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare y’akazi mu Ntara ya Gitega
Nyakwubahwa Bulamatari w’Intara nziza ya Gitega
Nyakubahwa Musitanteri w’Ikomine nziza ya Gitega,
Ba Nyakubahwa mujejwe inzego z’Umutekano n’ukwivuna umwansi
Ba Nyakubahwa mujejwe Inzego z’ubutungane mu ntara ya Gitega;
Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;
Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi;
Namwe ba nyakwubahwa mwese mwitavye ibi birori vy’uyu musi
Banyakubahwa batumire Bahire,
1. Nagomba Kw’izina ry’abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, no kw’ Izina ryanje nyene Nshimire Imana Mushobora vyose yo yatuzigamye mu kiringo c’ukwezi twari tumaze mu karuhuko tukaba dusubiye guhurira muri ino ngoro y’amakoraniro twese dukwiye kandi turi bazima ndabasabe mu vyubahiro vyanyu mu ntize amashi tuyikengurukire. Nubwo biri ukwo, iki kiringo gishitse duhejeje kubura Incuti, Umugenzi w’Uburundi, incuti ishika Nyenicubahiro uwahoze arongoye iguhugu ca Tanzaniya Dr Jonh Pombe Joseph Magufuli, ndabasabe tumwibuke mu munota umwe w’agacerere……. Murakoze.
2. Kuri uyu munsi wa kane igenekerezo rya mbere ndamukiza umwaka w’2021, Inama Nkenguzamateka iramutse yugurura icese ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ndamukiza ikiringo kigira gatatu kikaba n’icanyuma c’umwaka nk’uko bitegekanywa n’ingingingo y’190 y’ibwirizwa nshingiro itegekanya ibiringo vy’isasa risanzwe ry’Inama Nkenguzamateka. Tukaba tuboneyeho akanya ko kubashimira mwebwe mwese mwashoboye gusiga imirimo yanyu mukaza kudufasha bino birori twongera tubaha n’ikaze muri ino ngoro dusanzwe turanguriramwo ibikorwa abenegihugu badutumye
3. Mu Kiringo c’ukwezi kw’akaruhuko, kabaye akaryo keza ko kwegera abanenegihugu, gukorana n’abo no kubumviriza twongera tubashikiriza bimwe mu nyishu z’imyitwarariko bari bafise twashoboye kwegeranya inyuma y’aho dutumiyeko abaserukira leta bamwe bamwe ngo buduhe umuco. Twaranongeye kandi turihweza ishirwa mu ngiro ry’amategeko Reta iba yashinze nk’uko biri mu ngingo y’192. Tukaba turindiriye ivyegeranyo bizoshikirizwa na Ba Nyakubahwa Abakenguzamateka mu minsi iri imbere. Twaranasangiye ikiyago n’ikivi, tuributsa uruhara rw’abatowe n’ico abenegihugu babarindiriyeko na cane cane uruhara rw’umukuru w’umutumba mw’iterambere ry’igihugu. Twaranongeye turitaba ibirori vy’umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi ku wa 8 Ntwarante ku civugo kivuga kiti “Ubuserukizi bw’umukenyezi niryo soko ry’iterambere kuri bose”
Ba Nyakubahwa Bakenguzamateka
Batumire Bahire,
4. Nko mu ntara twishikiyemwo hari intara za Bujumbura, Bubanza, na Rumonge, aho tukaba twarasangiye ibikorwa vy’iterambere twongera tunabashigikira mu ntererano zituma ivyo bariko barangura bitera bija imbere, twaranasangiye ibikorwa vyo gusarura mu ma koperative ari mu ntara ya Bubanza, twongera turanahamagarira abenegihugu kuziganya umwimbu na kare “inda ntuyibwira ico yarariye uyibwira ico wayirarije”.
5. Nk’abandi bakenguzamateka bose, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, barishikiye mu ntara baturukamwo gusangira ijambo n’ibikorwa n’abenegihugu.
Aka kandi yarifadikanije n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka mu rugendo rwo rwo kugendera abenegihugu bahurikiye mu makoperative ari mu ntara ya Ruyigi aho babateye intege bongera babatekerera n’impanuro, eka mbere bakaba barifadikanije n’abenegihugu mu bikorwa vyo kwubaka inyubakwa rusangi. Baranatanze impanuro zihagaze mu gukomeza amahoro n’umutekano n’ukwurwanya ubenebwe kugira biteho ibikorwa vy’iterambere mu gukorera hamwe.
6. Mu ntumbero yo kwungura ubumenyi, Abakenguzamateka n’abandi bakozi bo mu nama Nkenguzamateka baritavye inama nkarishabwenge yerekeye ingene amafafaranga Reta ikoresha ategurwa akongera akirwa neza. Barongeye baritaba inyigisho zigenewe abakenguzamateka b’abakenyezi ku bijanye n’ugutunganya amategeko, hamwe n’itegurwa ry’uburyo bwo gukoresha amafaranga.
Ba Nyakubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire.
7. Kubijanye no Gukomeza imigenderanire hagati y’Inama Nkenguzamateka hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu duhurikiyemwo be n’izindi Nama Nkenguzamateka, Inama nkenguzamateka yaritavye ibikorwa vy’ihuriro ry’Inama Nshingamateka y’ibihugu vya Buraya n’Amana Nshingamateka yo ku mugabane wa Afrika, Karaibe na Pasifike bigira hamwe icokorwa kugira barandurane n’imizi ikiza KORONA VIRUS, haranatorwa ingingo ngenderwako zokwisungwa muri iki kiringo ibihugu vyo kw’Isi bihanganye n’ico kiza.
8. Twaritavye kandi Inama zatunganijwe n’ihwaniro ry’Amanama Nshingamateka kw’isi yose aho naho nyene twarabiye hamwe ingene Amareta Yokwitaho amagara y’abenegihugu bayo, bikava mu mvugo bikaja mu mategeko agenga ibihugu, twongera turanasigurirwa ingene ishirahamwe mpuzamakungu rigiye gusaba ko ibihugu bikenye vyoheberwa amadeni canke bigatezurirwa.
Ba Nyakubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire.
9. Turakengurukiye abenegihugu bariko baritegurira ishirwa mu ngiro y’itegeko ryo kuragirira ibitungwa vyabo mu mpongore, rizotangura gushirwa mu ngiro icese mu kwezi kwa Gitugutu uyu mwaka, tugatera akamo n’abandi ko bonyarutsa kuba baritegura kugira ngo aho bukera ibitungwa vyabo bize bironke ico bigaburirwa n’aho birara hameze neza ku buryo bazoshobora kuronka intabire ikwiriye, bakongera bagacungura umwanya bahora bamara baragiye bakawukoresha ibindi bikorwa.
10. Turashimiye Reta ingene yitayeho ineza y’umwenegihugu murimyi na cane cane abarimyi b’ibibigori ku kuntu yashinze ikiguzi giha akarusho umwenegihugu, tugasaba abenegihugu kuraba ko co kiguzi cubahirizwa. Ntihagire ababaca mu ryahumye ngo babitware ku kiguzi kitazwi na leta gurtyo umurimyi nawe ashobore kwikenura. Tugasaba kandi ko n’ibindi biterwa bishobora kuzanira akarusho abenegihigu, vyorwizwa kugira ngo abenegihugu bashobore kuharonkera akayoko.
Banyakwubahwa bakenguzamateka
Batumire bahire,
11. Iri sasa risanzwe rya Ndamukiza, Reta yaraturungikiye integero z’amabwirizwa tuzokwiga zigera kuri 10 nk’uko bitegekanywa mu ngingo yayo y’193 Izo nteguro z’ayo mabwirizwa nizo z’izi ;
1. Integuro y’Ibwirizwa rishinga amafaranga yose Reta itegekanya gukoresha mu mwaka w’ibikorwa 2021/2022 ;
2. Integuro y’Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro riha izindi sentare ububasha Sentare irwanya igiturire na Paraki nkuru iyikukira vyahorana rigasubiramwo itunganywa ry’Igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya igiturire ;
3. Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano yerekeye ukworohereza n’ugukingira mu buryo magiriranire abashinga imitahe mu Burundi bo muri Repuburika ya Guinée Equatoriale;
4. Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo amategeko agenga ishingwa ry’imitahe mu Burundi;
5. Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano y’ubudandaji hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
6. Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano y’ugufashanya mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu mu mazi no ku bivuko hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
7. Integuro y’Ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje Amasezerano y’ukudasaba uruhusha rw’ukwinjira mu gihugu ku buryo magiriranire ku bafise ibitabu vy’inzira vy’abanyacubahiro n’ivy’akazi hagati ya Reta y’Uburundi na Reta ya Guinée Equatoriale;
8. Integuro y’Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rishinga imirimo y’Inama nkuru ishinzwe umutekano, abayigize, ingene itunganijwe n’ingene ikora;
9. Integuro y’Ibwirizwa rihindura Ibwirizwa inomero 1/06 ryo ku wa 10 Ntwarante 2020 rishinga ikidari rikongera rikagena Umukuru w’Igihugu NKURUNZIZA Petero kuba Imboneza nkuru mu kuzirikana, mu gukunda no gukundisha igihugu;
10. Integuro y’Ibwirizwa risubiramwo Igitabu c’amategeko agenga ibidukikije mu Burundi.
Banyakwubahwa bakenguzamateka
Batumire bahire,
12. Tuzokomeza Ingendo mu ma komine yose nkuko twahora tubikora, kugira ngo duhimirize abenegihugu gukunda ibikorwa, gutyo wa mugambi wa Nyenicubahiro wa Nyenicubahiro Gen Maj Evariste Ndayishimiye, w’uko umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura n’umufuko wose ukaronka amahera ushirwe mu ngiro. Maze abarundi bose batere imbere.
Banyakwubahwa Bakenguzamateka
Batumire bahire,
13. Imbere yo gusozera, tukaba dusubiye ku bakengurukira ku kuntu mwaje kudushigikira muri kino kigorwa, twizera ko mu zobandanya mu dushigikira igihe cose tuzobatera akamo kugira ngo namwe muze muriyumvira ivyo turarungurira abenegihugu.
14. Tukaba dutangaje icese ko Twuguruye ikiringo c’isasa risanzwe rya Ndamukiza kuri kuri iri genekerezo rya 1 Ndamukiza umwaka wa 2021. Murakoze
Imana Ibahezagire
A la fin de ce mot d’ouverture, la séance a été suspendue pour reprendre à partir de 11 heures 40 minutes après la réunion du bureau élargi pour analyse et adoption du programme des activités pour la période du 1er au 16 Avril 2021 qui était libellé comme suit :
-jeudi le 01 avril 2021 à 10 heures, il y a eu les cérémonies d’ouverture de la session parlementaire ordinaire d’Avril 2021 ; par la suite, il est tenu une réunion du bureau à 10heures 30 minutes ; celle du bureau élargi à 11heures et une séance plénière relative à l’analyse et adoption du programme des activités pour la période du 1er au 16 Avril 2021 à 11 heures 30 minutes ainsi que les travaux en commissions dans l’après-midi ;
-vendredi le 02 Avril 2021, les sénateurs s’occuperont des travaux en commissions avant-midi et les activités sportives après-midi à partir de 15 heures ;
-lundi le 05 Avril 2021, il y aura des travaux en commissions pour toute la journée ;
-mardi le 06 Avril 2021, étant journée fériée, il est prévu la participation des sénateurs membres du bureau du Sénat et les Présidents des commissions permanentes ainsi que le Président de la Commission spéciale, aux cérémonies de commémoration de l’assassinat du Président Cyprien NTARYAMIRA en Mairie de Bujumbura.
-mercredi et jeudi les 07et 08 Avril pour toutes les journées, les sénateurs travailleront dans leurs commissions respectives ;
-Vendredi 09 Avril 2021, il aura des travaux en commissions dans l’avant- midi et les activités sportives dans l’après- midi ;
-lundi 12 Avril 2021 à partir de 09 heures , il est prévu une conférence des Présidents pour la présentation du rapport annuel du collège des Questeurs pour l’exercice 2019-2020 par le 1er Questeur ainsi que le rapport de la commission spéciale chargée du suivi des recommandations formulées par le Sénat et du recueil des doléances de la population, par le Président de la commission spéciale. Par la suite, il est organisé une séance plénière relative à la présentation du rapport annuel du collège des questeurs, exercice 2019-2020, par le 1er Questeur ; la présentation du rapport de la commission spéciale chargée du suivi des recommandations formulées par le Sénat et du recueil des doléances de la population, par le Président de la commission spéciale ainsi que l’élection des membres du bureau de la commission I sous la supervision de l’Honorable 2ème Vice-président du Sénat à partir de 11 heures ;
-mardi 13 Avril 2021 à partir de 10 heures, il y aura une séance plénière relative à l’analyse et adoption de trois Projets de loi à savoir : Projet de loi portant réorganisation du système statistique au Burundi, le projet de loi portant ratification par la République du Burundi du protocole de mise en place de l’assistance financière entre le Gouvernement de la République de Turquie et le Gouvernement de la République du Burundi ainsi que le Projet de loi portant modification du Code de l’environnement de la République du Burundi ;
-mercredi 14 Avril 2021 à partir de 09 heures, il est prévu une question orale avec débat adressée au Ministre de la justice ainsi que les travaux en commissions dans l’après- midi ;
-jeudi 15 Avril 2021 pour toute la journée, il y aura des travaux en commissions;
-vendredi 16 avril 2021, les sénateurs s’occuperont des travaux en commissions dans l’avant-midi et les activités sportives dans l’après-midi à partir de 15 heures.
Ce projet de programme de deux semaines a été adopté à l’unanimité des 35 sénateurs présents.
En marge des points inscrits à l’ordre du jour, deux communications ont eu lieu notamment celle relative aux véhicules pour les sénateurs de la sixième législature ainsi que celle en rapport avec les mesures de prévention du Covid-19 pour les sénateurs et le personnel du Sénat.
Après ces échanges fructueux, la séance qui s’est déroulée dans un climat d’entente mutuelle a été clôturée par une prière à 12 heures 20 minutes.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.