L’an deux mille vingt-quatre, le premier jour du mois d’avril, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 182ème séance plénière de la sixième législature relative :
En plus des sénateurs et hauts cadres du Sénat, la séance a vu la participation de beaucoup de convives comme le Gouverneur de la Province de Gitega, le Représentant de la commission Vérité et Réconciliation, le Représentant de la CENI, les Ambassadeurs et les Représentants des Corps Diplomatiques et Consulaires accrédités au Burundi, les Représentants des Commissions spécialisées, les Représentants des organisations internationales œuvrant au Burundi, les Représentants des instances judiciaires, les Représentants des Corps de Défenses et de Sécurités, le Secrétaire Provincial du Parti CNDD-FDD en province de Gitega, les chefs des services œuvrant à Gitega et les Représentants des médias. Cette séance qui était présidée par Très Honorable Emmanuel SINZOHAGERA, Président du Sénat, a débuté comme d’habitude à 10 heures 10 minutes par une prière.
Voici en intégralité le discours prononcé à cette occasion par le Président de cette séance :
2. Turabahaye rero ikaze hano mu Nama Nkenguzamateka twongera tubakengurukira ingene mwadusize ku muzirikanyi, mukareka ibikorwa bihambaye Imana yabajeje, mukitaba ubutumire bwacu, mukaza kwifatanya natwe muri ibi birori vyo kwugurura isasa risanzwe rya Ndamukiza 2024. Ibi vyerekana ko mukurikiranira hafi ibikorwa vyacu, ivyo na vyo bikadutera intege zo gukorana umwete n’ubwira kugira tugumane ubwizigirwa mudufiseko.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
Nk’uko bisanzwe biri, iyo isasa risanzwe rirangiye, harategekanijwe akaruhuko k’ukwezi aho Abakenguzamateka bose baja mu ntara batowemwo. Muri ico kiringo, Abakenguzamateka bose baca baja kwumviriza imyitwarariko y’abenegihugu mu ntumbero yo kuzoyishikana ku nzego zibijejwe kugira ngo hatorwe umuti urama. Mu gihe c’akaruhuko kandi, Abakenguzamateka bararonka akaryo keza ko kwegera abenegihugu babatoye, bagahanahana ivyiyumviro ku bigoye igihugu, bakongera bagasangira ikivi kuko imiti ikora ikoranye kandi ibigiye inama bigira Imana.
Tuboneyeho rero akanya ko gukeza Abakenguzamateka mwese ku bikorwa mwaranguye muri aka karuhuko kuko bizotuma ababizeye ngo mubabere ijisho babamiza ku muzirikanyi kuko mwasubiye iwanyu mukabereka ko mutegera wa mwibutsa uvuga ngo: «Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki».
3. Mu karuhuko twahoramwo, abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka baragendeye intara za Bururi, Muyinga, Makamba, Rutana, Bujumbura, Mwaro, Bubanza, Cibitoke, Rumonge, hamwe n’igisagara ca Bujumbura. Muri izo ntara tukaba hamwe twaba tugiye kwifatanya n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi ahandi na ho, twaba twishikiye ku kivi kwirabira ingene amakomine ariko ashira mu ngiro imigambi yiyemeje kurangura.
4. Ku bijanye n’ingendo twakoze twihweza ingene amakomine ariko arangura imigambi yishinze, twasanze menshi muri yo afise ingorane z’amikoro ku buryo twahamagariye Inama z’amakomine gutegura imigambi bashoboye kurangiza mu gihe bishinze bafatiye ku buryo bafise. Ni muri iyo ntumbero kandi tumaze kubona ubukene bw’amakomine butuma adashobora guheraheza inyubako rusangi zayo, dusavye Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ko yosubira gufashisha amakomine ibikoresho vyo kwubaka kuko na kare inyana imenywa na nyina mu mwijima. Tuboneyeho kandi gukebura ikigo FONIC kuza kiranyarutsa kuronsa uburyo kiba cemereye amakomine kugira ngo ibikorwa bireke kudindira kanatsinda basokuru barayamaze bati: uwo uri buheke ntumwicisha urume.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
5. Mudukundire kandi tubamenyeshe ko mu karuhuko twahoramwo, kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante ry’uyu mwaka, Inama Nkenguzamateka yakoranije abarongoye amadini n’amashengero ku civugo «Uruhara rw’amadini n’amashengero mu gutsimbataza ubutungane mu Burundi». Ivyo biganiro vyabereye mu gisagara ca Bujumbura kandi Inama Nkenguzamateka itegekanya kuzobitunganya no mu tundi turere tw’igihugu c’Uburundi mu misi ya vuba.
Muri iyo nama, twareretse abatumire bacu ko Inama Nkenguzamateka, nk’urwego ruserukira abenegihugu, irajwe ishinga ingendo mbi y’abacamanza bamwe bamwe bo mu gisata c’Ubutungane.
Muri ivyo biyago, twarahimirije abari bitavye iyo nama kubandanya bigisha abo bajejwe na cane cane abacamanza kuko uwutosora ifuku yamiza agati mu jisho kandi akagumye bagumako.
6. Kw’igenekerezo rya 8 Ntwarante na ho, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, abakozi bakuru bakuru n’abakenyezi bakora muri urwo rwego, barifadikanije n’abandi barundi mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe agateka k’umukenyezi vyari bihagarariwe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu, ku murwa mukuru w’intara ya Gitega. Inyuma y’ivyo birori, twararonse akanya ko kuganira no gutekerera impanuro abakenyezi bo mu Nama Nkenguzamateka tubasaba kwubahiriza amasaha y’akazi, kuba abizigirwa no gukorana ubwira.
7. Mu bijanye n’imigenderanire, nk’uko abakera bayamaze ko incuti itari incuririzi uyibonera mu marushwa, inyuma y’aho igihugu kibanyi kikaba kigenzi ca Tanzaniya kibuze uwahoze akirongoye, Nyenicubahiro Ali Hassan Mwinyi, kw’izina ry’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibirori vyo gushingurana iteka uwo munyacubahiro, vyabereye ku kibuga c’inkino New Amani Complex c’i Zanzibar kw’igenekerezo rya 2 Ntwarante 2024. Muri urwo rugendo, kabaye n’akaryo ko gushikiriza ubutumwa bwo guhoza Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya hamwe n’Umukuru w’amazinga ya Zanzibar.
8. Mu ntumbero yo gutsimbataza ubucuti n’izindi Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka, Umwubahwa Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibikorwa vy’Inama igira 148 y’Ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vyo kw’Isi (Union Interparlementaire) yabereye i Genève mu gihugu c’Ubuswisi kuva kw’igenekerezo rya 23 gushika ku rya 27 Ntwarante 2024.
9. Vyongeye, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaratanguje icese ibikorwa vy’Ishirahamwe Nyafrika ry’Abashingamateka n’Abakenguzamateka ryiyemeje kurwanya ibiturire n’itozwa ry’amatagisi ridakurikije amategeko(African Parliamentary Network on Illicit Financial Flows and Tax Justice-APNIFFT). Ivyo bikorwa bikaba vyabereye mu Gisagara ca Bujumbura, kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2024.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
10. Akaruhuko twahoramwo ko karangiye rero, twizere tudakekeranya ko tuzananye inguvu nshasha zo gukorera igihugu no guserukira abadutoye. Turazi ko muje mufise vyinshi mwabonye bihanze abenegihugu, muze rero duce tuja ku kivi kuva mu ntango z’iri sasa turiko turugurura, dukore bishimwe, kanatsinda umutamvyi wa neza umubona agikenyera.
11. Iruhande y’iyindi mirimo twemerewe n’Ibwirizwa Shingiro tuzorangura muri iri sasa, mudukundire rero tubamenyeshe ko muri rino sasa rya Ndamukiza, Inama Nkenguzamateka izokwihweza integuro z’amabwirizwa 13 zarungitswe na Reta y’Uburundi. izo nteguro z’amabwirizwa na zo ni izi zikurikira:
1) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye ingurane inomero 5/812 hagati ya Repuburika y’Uburundi n’Ikigega ca Reta ya Sawudiya kijejwe iterambere, ajanye n’uguha imfashanyo umugambi wo kunagura no guha ibikoresho Ibitaro vyo mu KAMENGE vy’Ishure Kaminuza;
2) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye ingurane hagati ya Repuburika y’Uburundi n’Ibanki y’Abarabu ijejwe ivyerekeye iterambere ry’ubutunzi muri Afirika, ajanye n’uguha imfashanyo umugambi wo kunagura no guha ibikoresho Ibitaro vyo mu KAMENGE vy’Ishure Kaminuza, yashiriweko umukono i Marrakech muri Maroc, ku wa 13 Gitugutu 2023;
3) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye imfashanyo inomero E2820-BI hagati ya Repuburika y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze iterambere (IDA), ajanye n’uguha uburyo Amashirahamwe yishinze gushikana ubuhinga ngurukanabumenyi aho butarashika neza (PAFEN) bwiyongera ku bwo ryari ryatanze; yashiriweko umukono i Bujumbura, ku wa 25 Nzero 2024;
4) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye imfashanyo inomero E2910-BI hagati ya Repuburika y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze iterambere (IDA) ajanye n’ugushigikira umugambi w’ugutanga imfashanyo mu vy’ukwinjiza mu gihugu ibidandazwa ngirakamaro, yashiriweko umukono i Bujumbura, ku wa 25 Nzero 2024;
5) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye imfashanyo inomero E2840-BI hagati ya Repuburika y’Uburundi n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze iterambere (IDA) ajanye n’uguha uburyo Umugambi w’ukwubaka ingomero z’umuyagankuba za Jiji na Murembwe, bwiyongera ku bwo ryari ryatanze, yashiriweko umukono i Bujumbura, ku wa 15 Ruhuhuma 2024 ;
6) Integuro y’ibwirizwa rihindura Ibwirizwa inomero 1/19 ryo ku wa 14 Nyakanga 2018 rihindura Ibwirizwa inomero 1/15 ryo ku wa 9 Rusama 2015 rigenga ivyerekeye ukumenyesha amakuru mu Burundi;
7) Integuro y’ibwirizwa rihindura amategeko agenga Ibisata n’Amashirahamwe vya Reta mu Burundi
8) Integuro y’ibwirizwa rihindura amategeko akurikizwa n’Ibisata vya Reta vyitunganiriza ibijanye n’intwaro hamwe n’ikigega;
9) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye ugufashanya mu bijanye n’abakozi hagati y’Urwego Nshingwabikorwa rwa Repuburika y’Uburundi n’Urwego Nshingwabikorwa rwa Repuburika ya Gabon, yashiriweko umukono i Libreville, ku wa 16 Nzero 2024 ;
10) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano y’ukwunga imigenderanire hagati ya Repuburika y’Uburundi na Repuburika ya Gabon, yashiriweko umukono i Libreville, ku wa 16 Nzero 2024 ;
11) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye ugufashanya mu vy’ubudandaji hagati y’Urwego Nshingwabikorwa rwa Repuburika y’Uburundi n’Urwego Nshingwabikorwa rwa Repuburika ya Gabon, yashiriweko umukono i Libreville, ku wa 16 Nzero 2024.
12) Integuro y’ibwirizwa ryunganira ibwirizwa shingiro risubiramwo Ibwirizwa ryunganira ibwirizwa shingiro inomero 1/14 ryo ku wa 19 Ruhuhuma 2020 ryerekeye iringanizwa ry’intwaro mw’Ikomine.
13) Integuro y’ibwirizwa ryunganira ibwirizwa shingiro risubiramwo ibwirizwa ryunganira ibwirizwa shingiro inomero 01/11 ryo ku wa 20 Rusama 2019 ryerekeye Igitabu c’amategeko agenga amatora.
Bubahwa mwese ;
Batumire bahire ;
12. Mu kurangiza, twashaka gusaba imirwi yamaho kuja ku kivi kugira ngo muri rino sasa tuze dushobore kwiga hakiri kare izo nteguro twamaze kurungikirwa na Reta. Twame tuzirikina kandi ko twebwe twatowe, dutegerezwa guharanira iteka n’itekane ry’abenegihugu batwizigiye ngo tubaserukire tutibagiye kubashigikira mu migambi itujana kuri rya hangiro ry’igihugu cifashe mu 2040, kikaba n’igihugu giteye imbere mu 2060.
13. Ikindi dukwiye kumenya, ni uko iryo hangiro ridashoboka mu gihe ubutungane bukigoyagoya. Muramaze kwiyumvira namwe ko igisata c’Ubutungane kiri mu bintu Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu yahagurukiye kuko ari wo mushinge nyawo w’iterambere rirama.
Muze rero tumushigikire muri urwo rugamba rwo gusubiza iteka n’itekane abarundi mu kunagura ico gisata c’Ubutungane.
Tukaba turangije twongera kubashimira ku kungene mwigoye mugaheba iyindi mirimo mukitaba ibirori vy’uno musi.
Ni no kuri ayo majambo yo gushima dutangaje icese iyugururwa ry’ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ndamukiza 2024.
Murakoze !
Imana ibahezagire !
Après les cérémonies, la séance a été suspendue à 10 heures 37 minutes pour reprendre à 11 heures 36 minutes avec l’analyse et l’adoption du calendrier des activités proposées par le bureau élargi, pour la période du 1er au 12 avril 2024. Ce dernier a été alors adopté à l’unanimité des honorables sénateurs présents.
La séance qui s’est déroulée dans un climat d’ambiance parfaite, s’est terminée à 11 heures 45 minutes par une prière.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.