L’an deux mille vingt-cinq, le seizième jour du mois de septembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 8ème séance plénière de la septième législature pour :
- adoption du programme modifié pour la période du 3 au 16 septembre 2025 ;
- analyse et adoption du projet de programme des activités prévues du 17 au 30 septembre 2025.
Cette séance qui était dirigée par Très Honorable Gervais NDIRAKOBUCA, Président du Sénat, a vu la participation de 11 sénateurs et a débuté comme d’habitude par une prière à 11 heures 01 minute.
Voici en intégralité le déroulement de la séance:
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka,
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka murongoye imigwi yamaho,
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka,
Ba Nyakwubahwa bakozi mukorera mu Nama Nkenguzamateka,
Dukoraniye ngaha kugira turabire hamwe ibikorwa tugiye kurangura muri izi ndwi zibiri. Ariko, imbere yuko tubirabira hamwe, ni ukubanza kuraba yuko amategeko akurikijwe. Amategeko rero atonze neza, igikorwa kiratanguye.
Igikorwa c’uno musi rero duhera kuri amendement ya calendrier y’ibikorwa twari twiyemeje mu ndwi zibiri ziheze, aho twari twemeje yuko ku musi wa kabiri itariki 09/09/2025 tuzogira atelier d’échange sur la procédure législative au Burundi, hamwe na contrôle de l’action gouvernementale, à Ngozi.
Twari twiyemeje yuko ku wa gatatu na ho nyene, ko tuzogira ico gikorwa, tukigira hamwe n’ibijanye na Privilèges et immunités des sénateurs hamwe na Guide d’Ethique et Déontologie des fonctionnaires du Parlement. Ibi ni vyo twari twiyemeje gukora mugabo imyanya yagiye igorana. Ibi bikorwa ntivyabaye ku wa kabiri no ku wa gatatu, vyaciye bikorwa ku wa kane no ku wa gatanu. Naho nyene bikorwa moyennant des modifications, aho ivyari gukorwa ku wa kabiri twabikoze ku wa kane, duca twongerako un autre thème, duca tugira: Procédure législative au Burundi, contrôle de l’action gouvernementale, le rôle du sénateur dans la Politique Nationale de la Décentralisation.
Ku wa gatanu, duca turabira hamwe ivyari bitegekanijwe ku munsi wa gatatu, bijanye na privilèges et immunités des sénateurs, Ethique et Déontologie parlementaire et des fonctionnaires du Parlement. Aha rero tugira ajustement ya calendrier twisunze izi modifications. Mubinkundiye rero, twokwemeza la modification du calendrier du 03 au 16/ 09/2025.
Ikindi gikorwa gikurikira, ni ukurabira hamwe calendrier izotugenga kuva ejo italike 17 gushika italike 30/09/2025.
Ivyo dufise kuri projet de calendrier :
Mercredi le 17/09/2025 gushika lundi le 22/9/2025, baduhaye travaux en commissions.
Mardi, le 23/09/2025, analyse et adoption du projet de loi portant modification de la loi n°1/04 du 05/01/ 2011 portant création de la Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme, iyo ni séance plénière.
Mercredi, le 24/09/2025, analyse et adoption du projet de loi portant ratification par la République du Burundi, de l’Accord de prêt pour le projet d’aménagement de la route nationale n° 16 phase II.
Jeudi, le 25/09/2025, les travaux en commissions.
Vendredi, le 26/09/2025, les travaux en commissions.
Lundi, le 29/09/2025, les travaux en commissions.
Mardi, le 30/9/2025, hazoba réunion du Bureau élargi et analyse et adoption du projet de programme pour la période du 01 au 15/10/2025.
Hariho ikintu atadushiriyemwo. Ni la saisine dukora uyu musi nyene aho tuja gusezisa (saisir) la commission permanente chargée des questions économiques, des finances, du budget, de l’environnement, des questions sociales, de la jeunesse, des sports et de la culture ku bijanye na analyse du rapport de mise en œuvre du Plan de Travail du Budget Annuel du Gouvernement (PTBA) pour le second semestre 2024-2025.
Uno musi ni ho baca baza gushirako cette saisine kugira ngo la commission ice ija ku kivi, idukorere ico gikorwa, hanyuma duce turindira kugira bagenzi bacu bo mu Nama Nshingamateka ko baduhamagara kugira tugire Congrès pour l’analyse de ce rapport du 2ème semestre. Sinzi yuko hariho uwubona ikindi kintu coba kitariko kugira tucongeremwo hanyuma twemeze le projet de calendrier.
Bambwiye ko Honorable Réverien yatumye Deuxième Vice-Président kumuserukira. Ata kindi rero mubona twohinyanyura, twemeze iyi projet de calendrier. Turayemeje. Igikorwa cacu c’uno musi cari iki.
Nkuko Inama Nkenguzamateka ihamagarirwa kwiga ibwirizwa, hanyuma ikongera igakenguza les amendements de l’Assemblée nationale, duhamagarire rero abarongoye ama commissions permanentes n’abasanzwe babafasha b’abahinga baje ku kivi kugira ngo izi séances ziteguwe le 23 et le 24 mbere n’iyi ya saisine duhejeje gukora, ababijejwe babitegure, kugira ngo hazogere plénière ibintu bitonze neza.
Murakoze rero, ndabashimire nongera ndabipfuriza akazi keza. La séance est levée.
Inama ya bose yabaye mu mwumvikano ntangere, isozerwa n’igisabisho igihe c’isaha zitanu n’iminota cumi n’umwe.