BIBLIOTHEQUE DU SENAT IKIGANIRO IKINYAMAKURU
Secrétariat Général +257 22-40-50-08
Siège Gitega +257 22-40-50-23
Email info@senat.bi
E-SENAT
ITANGAZO RISOZERA INYIGISHO ZATUNGANIJWE N’INAMA NKENGUZAMATEKA, RISHIKIRIJWE N’ABITAVYE INAMA.

ITANGAZO RISOZERA INYIGISHO ZATUNGANIJWE N’INAMA NKENGUZAMATEKA, RISHIKIRIJWE N’ABITAVYE INAMA.

I

ITANGAZO RISOZERA INYIGISHO ZATUNGANIJWE N’INAMA NKENGUZAMATEKA, RISHIKIRIJWE N’ABITAVYE INAMA.

2 visiteurs sur cet article

Kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2024, Inama Nkenguzamateka yatunganije inyigisho ku baserukira amadini, amashengero n’ubutungane ku civugo “URUHARA RW’AMADINI N’AMASHENGERO MU GUTSIMBATAZA UBUTUNGANE MU BURUNDI.”

Ibikorwa vyatanguye igihe c’isaha zitatu n’igice z’igitondo ku murwa mukuru  w’ubutunzi BUJUMBURA mu nyubakwa za Royal Palace.

 Mw’ijambo ryo kwugurura ibibikorwa, Nyeniteka Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yamenyesheje ko:

  • Inama Nkenguzamateka y’Uburundi, nk’urwego ruserukira abenegihugu, irarajwe ishinga n’ibibazo biri mu gisata c’Ubutungane.
  • Ikibabaje kurusha ibindi rero, ni uko abo bose bariko bararenganya abenegihugu tubasanga bose mu madini n’ amashengero atandukanye. Bikaba vyumvikana ko abo bose bari mu ntoke z’abarongoye amashengero n’amadini.
  • Ni muri iyo ntumbero Urwego rw’Inama Nkenguzamateka rwashimye kubatumira muri kino kiganiro ku civugo: “Uruhara rw’amadini n’amashengero mu gutsimbataza ubutungane mu Burundi”
  • Bibabaje cane ingene abacamanza baza mu masengero canke mu misigiti bagasengeshwa ariko bukeye bamwe bamwe bakarenganya ataco binona, ukamenga ntibazi ko ivyo bikwega umuvumo ku gihugu no ku miryango yabo.

Hatanzwe ivyigwa bikurikira:

  1. Uruhara rw’ubutungane mw’iterambere.
  2. Uruhara rw’amadini n’amashengero mu gutsimbataza ubutungane mu gihugu.

Abitavye inama bamaze guhanahana ivyiyumviro, bapfunditse ibi bikurikira bavyerekeza:

  1. KURI RETA

 Kugwiza imigambi ngwizatunga mu ntumbero yo kugwiza ubuzi n’umwimbu mu benegihugu;

  • Gushiraho abantu b’imboneza kandi b’abaziranenge bahagararira amategeko n’ubutungane ;
  • Gutsimbataza hose amahoro n’umutekano ;
  • Gushiraho amategeko n’ubutungane bitunganiriza bose;
  • Gusubiramwo gutunganya neza ibijanye n’agahembo ku bakozi bo mu rwego rw’ubutungane;
  • Guhimiriza abenegihugu mu kubigisha amategeko cane cane ayajanye n’amatati afatiye ku matongo, ku ngo n’imiryango,
  1. KU NAMA NKENGUZAMATEKA

 Kubandanya gutunganya inama nk’iyi mu tundi turere tw’igihugu ku ndongozi z’amadini n’amashengero ;

  • Gutunganya inyigisho no mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu mu gushigikira imbonakazoza y’uko Uburundi bwoba buri mu bihugu vyifashe mu mwaka wa 2040 no mu bihugu biteye imbere mu mwaka wa 2060 ;
  • Kugenzura ko amategeko atowe n’urwo rwego adasasira indava ikinyoma canke agahotoro.
  1. K’UBUSHIKIRANGANJI BW’UBUTUNGANE

 Gutunganya inyigisho zihimiriza abakorera mu gisata c’ubutungane guhindura ingendo bibaye ngombwa bakikora kuri ICM (International Christian Ministries) rikabunganira;

  • Gutuza ingeso mbi icibonekeza yo kwaka ibiturire bituma abari mu kuri badatunganirizwa;
  • Guha akazi abafise ubumenyi bukwiye kugira ivyo kwitwaza ko habaye ukwihenda kw’umucamaza mu guhengeka imanza bituzwe mu rwego rw’ubutungane ;
  • Gukingira uburenganzira bwo gutunga ibintu vy’agaciro (propriété privée) n’ubwo kwungukira mu bikorwa mvabwenge (propriété intellectuelle) ;
  • Guhimiriza abacamanza guca imanza mu mwanya ubereye kandi zigasomwa no gushirwa mu ngiro mu gihe kibereye.
  1. KU BITAVYE INAMA

 Guhinduka, kwubaha Imana no gukurikiza amabwirizwa yayo;

  • Guhagararira umuntu wese tutitayeho ico ari ;
  • Kuvavanura n’imyibutsa idaha agaciro ubutungane bw’Imana ;
  • Kuzirikana ko bafise uruhara runini mu kwubaka igihugu giteye imbere ;
  • Kugira umwete wo kuba abizigirwa mu vyo Imana yabatumye ;
  • Kwigisha no kwegera abo barongoye mu gutanga impanuro zijanye n’ugutsimbataza ubutungane aho baherereye ;
  • Gusengera inzego zose z’ubutungane kugira buhinduke bukorere neza abenegihugu ;
  • Guhagararira ko ukwemera kugaragarira mu bikorwa n’iterambere ry’abayoboke bajejwe kurongora;
  • Kwigisha abemera ko Imana idashimishwa n’amashikanwa avuye mu biturire no mu zindi nzira zose zidatunganye;
  • Kuba abahagarikizi beza mu gukurikiranira hafi abemera b’amadini n’amashengero barongoye;
  • Kugaruka ku mabwirizwa y’Imana kuko hari abamaze kuyibagira ;
  • Gushimikira ku nyigisho ziri mu bitabo vyeranda no kugaruka ku ndero runtu yo ku ziko;
  • Kwigisha urwaruka gukurana imico y’ubutungane n’ubuziranenge ;
  • Guhindura ingendo ku ndongozi zimwe zimwe vyanse zigahanwa ;
  • Kwigisha urukundo abemera mu madini n’amashengero n’imiryango yacu kugira bakunde igihugu.

Inama ikaba irangiye m’umutekano n’ituze ntangere.

Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 12/03/2024

Révérend Sylvestre BIZIMANA

 

Activités

Articles à savoir

Sélection établie d’après vos lectures sur ce site

Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau Dieu n’abandonnera point ses enfants Activités du Bureau · 23 juin 2025 Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau La population de Nyabihanga appelée à s’atteler aux différents travaux pour leur développement Activités du Bureau · 3 mai 2025 Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau Le Président du Sénat appelle les députés nouvellement élus à bien représenter la population Activités du Bureau · 15 juin 2025 Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau Cérémonie d’ouverture solennelle de la campagne électorale des élections de 2025 Activités du Bureau · 9 mai 2025 Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau Les fidèles de l’Eglise Méthodiste Unie exhortés à tenir fermement aux promesses de Dieu Activités du Bureau · 30 juin 2025 Selon vos centres d’intérêt : Activités du Bureau Les fidèles de l’Église Méthodiste Unie exhortés à supplier Dieu pour qu’Il change leurs saisons Activités du Bureau · 1 juin 2025