L’an deux mille vingt-quatre, le deuxième jour du mois de décembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 215ème séance plénière de la sixième législature relative :
- aux cérémonies d’ouverture de la session parlementaire ordinaire de décembre 2024 ;
- à l’adoption du programme des activités prévues pour la période du 02 au 17 décembre 2024.
En plus des sénateurs et hauts cadres du Sénat, la séance a vu la participation de beaucoup de convives comme l’Administrateur de la commune de Gitega, les Ambassadeurs et les Représentants des Corps Diplomatiques et Consulaires accrédités au Burundi, les Représentants des Commissions spécialisées, les Représentants des organisations internationales œuvrant au Burundi, les Représentants des instances judiciaires, les Représentants des Corps de Défense et de Sécurité, les chefs des services œuvrant à Gitega et les Représentants des médias. Cette séance qui était présidée par Très Honorable Emmanuel SINZOHAGERA, Président du Sénat, a débuté comme d’habitude par une prière à 10 heures 29 minutes.
Voici en intégralité le discours prononcé à cette occasion par le Président de cette séance :
- Mwubahwa Cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka;
- Mwubahwa Cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka;
- Bubahwa Bakenguzamateka;
- Bubahwa Bashikiranganji muri ngaha;
- Mwubahwa Buramatari w’intara ya Gitega;
- Bubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;
- Bubahwa muserukira amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu Burundi;
- Bubahwa mwaserukiye inzego z’ubutungane;
- Mwubahwa musitanteri wa komine Gitega;
- Bubahwa mwaserukiye inzego z’umutekano n’iz’ukwivuna abansi;
- Bubahwa bakozi bakuru bakuru murangurira imirimo mu Nama Nkenguzamateka;
- Bubahwa mwaserukiye ibisata bitandukanye bikorera hano ku murwa mukuru wa Poritike;
- Bubahwa bamenyeshamakuru;
- Bubahwa mwese, umwe wese mu cubahiro n’iteka Imana yamuhaye;
Tugire amahoro, ubumwe, iterambere n’ubutungane mu gihugu cacu ciza c’Uburundi!
- Ubwa mbere na mbere, mbanje gukengurukira vy’imvamutima Imana Mushoboravyose, yo yatuzigamye gushika kuri uno musi mwiza udasanzwe, aho mwashoboye kwitaba ubutumire twabahaye, mukaba mwashitse muri kino kibanza muri bazima. Tubasabe rero mudukundire, umwe wese mu kwemera kwiwe, tuyikurire ubwatsi mu kuyihunda amashi menshi cane!
- Turabahaye ikaze kandi tuboneyeho akanya ko kubashimira kubona mwemeye guheba iyindi mirimo musanzwe mujejewe mukaza kudufasha bino birori vyo kwugurura isasa risanzwe rya Kigarama 2024. Kwitaba ibikorwa vyacu, biradutera intege kuko duca tubona ko mudufise ku muzirikanyi kandi ko tudatamba twirorera; na twebwe tukaba tubemereye kuzokwama dukorana umwete n’ubwira kugira tugumane ubwizigirwa mudufiseko.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
- Tugarutse mu bikorwa vy’isasa risanzwe rya Kigarama tuvuye mu karuhuko ku kwezi aho Abubahwa Abakenguzamateka bahora gukorera mu ntara batowemwo hisunzwe ingingo y’ijana na mirongo icenda (190) y’Ibwirizwa Shingiro.
- Muri ico kiringo, Abakenguzamateka bose baciye baja gusangira ikivi no kwumviriza imyitwarariko y’abenegihugu, kugira ngo baze bayishikane ku nzego zibijejwe. Tuboneyeho rero akaryo ko kubashimira ko mwakoze neza igikorwa mwatorewe.
- Tuboneyeho aka kanya ko gushimira cane umurwi w’Abakenguzamateka bagendeye intara za Muyinga, Kirundo, Cibitoke, Bubanza, Bujumbura, Bururi, Rumonge na Makamba, kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika ku rya 22 Munyonyo, aho baganiriye n’imirwi ijejwe umutekano hamwe n’indongozi z’izo ntara, mu ntumbero yo guhimiriza abenegihugu ngo babandanye guteramira umutekano muri iki kiringo c’imbere y’amatora kuko musanzwe muzi ko umutekano ari karahara mu ruganda ntibacura.
- Ntitwokwibagira kandi gukenguruka ko kuva kw’igenekerezo rya 12 gushika ku rya 15 Munyonyo, hari uwundi murwi w’Abakenguzamateka wari wagendeye intara za Kayanza na Kirundo, bajanywe no guhanahana ivyiyumviro n’urwaruka rurimwo abigeme kugira ngo babahimirize ku bijanye no kwirinda gusama inda z’indaro. Impanuro batanze turizera ko zizotuma urwaruka rwacu rwicungera kandi rwirinde kuko benshi bazira ukutamenya; vyongeye, Uja mu kibira utazi, ugaca inkoni utazi.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
- Mu karuhuko twahoramwo, abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka na twebwe ntitwicaye kuko twaragendeye intara za Bujumbura, Karusi, Cibitoke, Rutana na Mwaro. Muri izo ntara hamwe twaba tugiye kwifatanya n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi ahandi naho, twaba twishikiye ku kivi kwirabira ingene abenegihugu babayeho n’uko bariko bariteza imbere.
- Ku bijanye n’ingendo twakoze hanze y’igihugu, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibikorwa vy’Inama igira 18 y’Ibiro vy’Abakuru b’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’ibihugu bigize Umuryango wa Africa y’Ubuseruko, yabereye i Nairobi, mu gihugu ca Kenya, ku wa 13 Munyonyo, 2024.
- Muri iyo nama twaritavye ibikorwa vyo gutora abagize ibiro bashasha twongera turashikiriza zimwe mu ngorane duhamagariwe gutorera umuti, zihanze uyo muryango, nk’ibijanye n’indyane zibonekeza muri bimwe mu bihugu biwugize, inkurikizi zijanye n’ihindagurika ry’ibihe, ivyerekeye ibiza n’isibe hamwe n’ivyerekeye indimi zikoreshwa mu bikorwa vy’umuryango, na cane cane ko hari ibihugu bisanzwe vyarasavye ko indimi z’igifaransa n’igiswahiri na zo zokoreshwa iruhande y’icongereza.
- Twarihweje kandi aho igihugu ca Kenya kigejeje mu kwitegurira kwakira inkino zihuza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’ibihugu bigize uwo muryango zizobera i Mombasa, kuva ku wa 6 gushika ku wa 18 Kigarama uno mwaka.
- Twararonse kandi akaryo ko gushikiriza icipfuzo ko ibihugu biri muri uyo muryango bifise ibirarane vy’intererano ko vyoriha mu mashilingi ya Tanzania. Vyongeye, harapfunditswe ko Uburundi buzokwakira inama nk’iyo muri Munyonyo 2025, bwongere butunganye n’inkino zizohuza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’ibihugu bigize uwo muryango, muri uwo mwaka nyene.
- Ni umunezero rero ntangere kubona dukoranye muri bino birori, ivyo bisabo twashikirije vyaraye bitorewe umuti n’inama y’abakuru b’ibihugu bigize uno muryango wa Afirika y’Ubuseruko. Akanama karaye gafashe ingingo yuko ibihugu bigiye kuza biratanga intererano yavyo mu mafaranga yabo. Vyumvikana ko Uburundi buzoza buratanga intererano mu mahera y’amarundi. Ikindi na co ni uko ako kanama kemeje ko indimi z’igiswahiri n’igifaransa zigiye gukoreshwa muri uno muryango mu kurindira ko amategeko agenga umuryango asubirwamwo.
- Turashimiye Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu ingene tumaze kumushikiriza ivyakozwe muri urwo rugendo, yitwararitse gukurikirana ivyo bisabo gushika bigiye mu ngiro. Mw’izina ry’Inama Nkenguzamateka turamukeje, Imana ibandanye kumukoresha ivy’ubuhizi.
- Nkuko bayamaze ko agafuni kabagara ubumwe ari akarenge, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye kandi ibikorwa vy’inama y’ishirahamwe rijejwe kwunga ubucuti hagati y’Ubushinwa n’ibindi bihungu, APCAE (Association du Peuple Chinois pour l’Amitié avec l’Etranger). Iyo nama yabaye kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika ku rya 20 Munyonyo, mu gisagara ca Kunming co mu ntara ya Yunnan ku civugo: «iterambere rusangi, kazoza gasangiwe na bose».
- Urwo rugendo rwo mu gihugu c’Ubushinwa, rwabaye akaryo ko gukomeza imigenderanire hagati y’ibihugu vyacu kuko twarabonanye n’indongozi zitandukanye turahanahana ivyiyumviro vy’ukungene ibisagara vyo muri ico gihugu vyovukanishwa n’ivy’aha iwacu mu Burundi.
- Ku rundi ruhande, kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo 2024, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka nawe, yaritavye ibikorwa vy’inama y’Abashingamateka n’Abakenguzamateka bo kw’isi (UIP) yabaye ku magenekerezo ya 16 na 17 Munyonyo uno mwaka, i Bakou muri Repuburika ya Azerbaidjan.
- Abitavye iyo nama yari yatunganijwe n’Ishirahamwe ry’Abashingamateka n’Abakenguzamateka bo kw’isi hamwe n’Inama Nshingamateka y’igihugu ca Azerbaïdjan bahanahanye ivyiyumviro ku bibazo bijanye n’ihindagurika ry’ibihe hamwe no kugerageza kubitorera umuti urama. Iyo nama kandi, kabaye akaryo ko gushimangira ko ari nkenerwa ko ibihugu biteye imbere vyubahiriza ivyo vyiyemeje mu gutanga uburyo bwo gufasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere mu kugwanya ihindagurika ry’ibihe.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
- Mudukundire kandi tubamenyeshe ko mu karuhuko twahoramwo, kw’igenekerezo rya 11 Munyonyo 2024, mw’isasa ridasanzwe rya Munyonyo, hisunzwe ingingo y’192 y’Ibwirizwa Shingiro, Abakenguzamateka bemeje izina ry’ uwugiye kurongora sentare ntahinyuzwa y’igihugu hamwe n’abagiye kurongora ibindi bisata bitandukanye vy’ubutungane.
- Mu vyerekeye kwitaba imisi mikuru y’igihugu, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ari kumwe n’ivyegera vyiwe, barifadikanije n’izindi ndongozi mu bikorwa vy’ukwugurura urumuri rw’amahoro ku ncuro ya cumi n’umunani, vyatangujwe icese na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ku civugo c’uyu mwaka kivuga kiti: “Abarundi twitorere indongozi zizodushikana ku mbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2024, buteye imbere mu 2060”. Ivyo birori vyabereye mu ntara ya Cibitoke, komine Buganda, ku wa 9 Munyonyo 2024. Vyongeye, abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka hamwe n’Abakenguzamateka baritavye ibikorwa vyo kwakira urumuri rw’amahoro mu ntara bavukamwo, bongera bifatanya n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere vyakozwe muri uwo mwanya wo kwakira urumuri rw’amahoro. Mwomenya kandi ko twitavye ibirori vyo gusozera ibikorwa vy’urumuri rw’amahoro vyabereye mu ntara ya Kayanza, kw’igenekerezo rya 30 Munyonyo 2024.
- Mu bijanye no gufatana mu nda, kw’igenekerezo rya 7 Munyonyo 2024, nk’ukwo abakera bayamaze ko incuti itari incuririzi uyibonera mu marushwa, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yarashikirije icese imfashanyo y’amabati 250 yo gusakara ibigega vyubatswe n’abenegihugu bo mu kibano, ku miryango 12 y’abenegihugu bafise amikoro make bo muri komine Bukemba y’intara ya Rutana.
Bubahwa mwese;
Batumire bahire;
- Turavuye mu karuhuko twahoramwo kandi nta nkeka ko tugarukanye inguvu nshasha zo gukorera igihugu no guserukira neza abadutoye. Turazi ko hari ibibazo vyinshi mwabonye kandi bitegerezwa gutorerwa umuti hakiri kare. Ni muze rero duce dukwakwanya tuje ku kivi tudatevye inyuma yo kwugurura iri sasa, dukore tutiziganya kuko umutamvyi wa neza umubona agikenyera.
- Impande y’ibindi bikorwa tuzokora twemerewe n’Ibwirizwa Shingiro, muri iri sasa risanzwe rya Kigarama 2024, twashaka mudukundire tubamenyeshe ko Inama Nkenguzamateka izokwihweza integuro z’amabwirizwa 8 zarungitswe na Reta y’Uburundi. Izo nteguro z’amabwirizwa na zo ni izi zikurikira:
- Integuro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa inomero 1/09 ryo ku wa 13 Munyonyo 2020 ritunganya intwaro mu gihugu ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye ukurwanya ibijanye n’ukunyegeza inkomoko y’amatungo yaronswe mu buryo butabereye, n’ugutanga uburyo mu bikorwa vy’iterabwoba;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano y’Umuryango w’ibihugu bigize akarere ka Afirika y’Ubuseruko yerekeye imihora y’uguhanahana amakuru mu buhinga bwa none yashizweko umukono ku wa 23 Myandagaro 2013 i Kigali ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano y’ukurwanya ifatwa ridaciye mu mategeko ry’ibigendajuru (Amasezerano y’i La Haye yo mu 1970) ;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano y’ugufashanya hagati ya Reta y’igihugu ca Zambiya na Reta Y’Uburundi yashizweko umukono i Lusaka ku wa 14 Ruheshi 2024 ;
- Integuro y’ibwirizwa rigenga iyemezwa ry’amasezerano y’ugufashanya hagati ya Reta ya Tchad na Reta y’Uburundi;
- Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano y’ukudasaba uruhusha(viza) ku bafise ibitabu vy’inzira vy’icubahiro hagati ya Reta ya Zambiya na Reta y’Uburundi, yashizweko umukono i Lusaka ku wa 14 Ruheshi 2024 ;
- Integuro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa inomero 1/02 ryo ku wa 03 Ntwarante 2016 rihindura amakori n’amatagisi atozwa n’amakomine mu Burundi.
Bubahwa mwese ;
Batumire bahire ;
- Mu kurangiza, twashaka twibutse abakenguzamateka ko twatowe kugira ngo dukorere abenegihugu mu kiringo c’imyaka itanu. Ntitwihende rero ngo tudebukirwe kuko twamaze kwinjira mu mwaka wa nyuma w’ikiringo twatorewe. Muze uhubwo twongereze inguvu twahorana mu gukora tutiziganya kuko iherezo ry’ikintu risumba itanguriro ryaco. Na kare ntawurya inzoka ngo ananirwe n’umurizo.
- Muri iki gihe c’imbere y’amatora twame duhimiriza abenegihugu kudasamazwa n’ivy’amatora, babumbatire amahoro n’umutekano bongere bagume ku kivi kuko inyuma y’amatora ubuzima burabandanya. Tuzirikane rero ko akazi kacu atari ukwemeza integuro z’amabwirizwa gusa, ahubwo ko dukwiye kuba hafi barya badutoye ngo tubaserukire kuko ari bo baduha amanota dukwiranye.
- Ikindi dukwiye kwamiza ku mutima ni uko abarundi duhamagariwe kuzotora indongozi zizodushikana ku mbonakazoza y’Uburundi bwifashe mu 2040, buteye imbere mu 2060. Iryo hangiro ntiryoshoboka mu gihe hari abarundi bareze amaboko. Muze rero dushigikize iyo mbonakazoza y’Uburundi ibikorwa, umwe wese aho ari arabe ko hari ico ariko arafasha kugira ngo dushike kuri iryo hangiro.
- Mu kurangiza, twashaka tubipfurize imisi mikuru myiza ya Noweri n’Umwaka mushasha. Munyemerere mbe ndabipfuriza Umwaka mwiza w’2025. Uzobabere umwaka w’amagara meza, w’amata n’ubuki. Umugisha w’Imana uzosage imiryango yanyu.
Ni no kuri ayo majambo dutangaje icese iyugururwa ry’ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Kigarama 2024.
MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE.
Après les cérémonies, la séance a été suspendue à partir de 10 heures 53 minutes pour reprendre à 11 heures 56 minutes avec l’analyse et l’adoption du calendrier des activités à réaliser pour la période du 02 au 17 décembre 2024. Ce dernier a été adopté à l’unanimité tel que présenté.
Après l’adoption, la séance s’est poursuivie à huis clos à partir de 12 heures 03 minutes.