- INTANGAMARARA
Kw’igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2025, Inama Nkenguzamateka ifadikanije n’ishirahamwe International Christian Ministries(ICM) yatunganije uruganda ku bijanye n’inyifato ibereye ku matati ashobora kwaduka mu gihe c’amatora.
- Abitavye inama
Iyo nama yatumiwemwo imirwi itandukanye. Aha twovuga abashingamateka n’abakenguzamateka, Urwego rw’Umuhuza w’abarundi, Umurwi w’igihugu ujejwe amatora, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi n’ubujejwe umutekano, Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH), Umurwi w’igihugu ujejwe kumenyesha amakuru(CNC); abakozi bakuru bakuru bo mu nama Nkenguzamateka, ba Buramatari na ba Musitanteri; abaserukira amadini n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike; abaserukira imigambwe, inani z’imigambwe hamwe n’abigenga bazohiganwa mu matora ariko aratunganywa, n’abandi begwa n’amatora.
- Ibikorwa vy’uruganda
Inyuma y’ijambo ry’ikaze ryashikirijwe na Nyakubahwa Buramatari w’Intara ya Gitega n’ijambo ryo kwugurura Uruganda ryashikirijwe na Nyeniteka Emmanuel SINZOHAGERA, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, haciye hakurikira ibiganiro vyashikirijwe n’abahinga.
Ivyo na vyo ni ibi:
- Gutatura amatati ajanye n’amatora cashikirijwe na Komiseri NYANDWI Sylvestre;
- Amahoro soko ya vyose cashikirijwe na Patiri NIYIBIZI Dieudonné;
- Kuba inararibonye mu burongozi cashikirijwe na Pasitori ASHCRAFT David;
- Kwubaka umuco wo kubisikanya mu burongozi, Pasitori MANIRAKIZA nesphore
- Ivyapfunditswe
Abitavye uruganda bamaze guhanahana ivyiyumviro kuvyashikirijwe batanze intumbero zikurikira bazerekeza ku mirwi yitavye iyo nama uku gukurikira:
- Ku migambwe
- Kwirinda imvugo zicanishamwo canke zirimwo ibitutsi, maze bakubahiriza amategeko agenga amatora hamwe n’ukwemera ico abenegihugu bazoba bahisemwo mu gutora ;
- Gushira aho intahe ishize mu gihe hadutse amatati ajanye n’amatora;
- Kwirinda ingendo yotuma abantu bamana intekera ku mutwe;
- Kumenya gutora ukuri mu vyo umuntu avuga no kutubakira ku kinyoma;
- Guhimiriza abanywanyi kwitwararika ico bajejwe kugira birinde agasuzuguro k’ababasubiriye;
- Kwirinda kwizigira intsinzi kandi uzi neza ko utagira abanywanyi ari vyo biteza umutekano muke;
- Kwirinda umwiheburo mu kiringo c’ihiganwa mu matora;
- Guhimiriza indorerezi n’inderetsi z’amatora kugira ngo bazokurikirane indinganizo y’amatora;
- Gusonera ibimenyetso vy’imigambwe itandukanye aho biri hose.
- Ku baserukira amadini
- Gusenga bemanga ivyo bavuga kugira umuco ube kuri bose;
- Kwigisha ko umuntu agirwa n’uwundi ;
- Kwirinda amatati n’igikenye mw’ibisikanya mu mabanga ;
- Guhimiriza abarundi kwirinda gushamirana kubadahuje ivyiyumviro mu bisata vyose
- Ku Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka
- Kubandanya gutunganya inyigisho zo gukarihiriza ubwenge indongozi zibategurira gukunda igihugu, itunga rusangi no kwitegurira kubisikana n’ababasubiriye;
- Gushiraho amategeko aha agateka indongozi zatewe iteka mu mabanga ahambaye y’igihugu kugira bakorane umutima mu nda. Hotunganywa karitiye yakira abo bubahwa barangije ayo mabanga.
- Ku mashirahamwe yigenga adaharanira ivyicaro vya poritike
- Kuba umuntu aharanira amahoro aho umuntu ari hose;
- Gukingira agateka ka zina muntu;
- Guharanira ko abantu babana neza n’abandi, amatati akarwanywa;
- Guhimiriza abarundi kwirinda gushamirana kubadahuje ivyiyumviro mu bisata vyose
- Ku ndongozi
- Kudahengamira ku ruhande na rumwe mu matora no kwisunga amategeko zitibagiye no guhanura aho bizoba bikenewe hose;
- Gutunganiriza abantu bose;
- Kumenya ico umuntu akora;
- Kwitwararika ko inyuma yo kuba indongozi uzogaruka kuba mubo urongoye;
- Kwitwararika kwubaka iragi canke izina bazokwita canke uko bazokuvuga utakiriho ;
- Kwitegurira gusohoka mu mabanga urimwo nk’umurongozi w’icubahiro n’inararibonye ;
- Gukora ibitazotuma ugira ibigumbagumba mu kubisikanya n’uwagusubiriye ;
- Kwirinda gutangura imigambi itazoba irahera imbere yo kubisikanya n’abazogusubirira ;
- Kuziganya ibishobora kugufasha mu kiringo uzoba uvuye mu mabanga ;
- Kwigisha indongozi itunganywa ry’ubutunzi baronka mu kiringo bari mu mabanga
- Gukuraho intambamyi ijanye n’ikena ry’igitoro
- Gufata ingingo zose zishoboka kugira umutekano ubungabungwe mu gihugu
- Guhimiriza abenegihugu kwitabira amatora batekanye kandi babandanya imirimo yabo bakanabumbatira amahoro
- Ku murwi w’igihugu ujejwe amatora
- Gufata kumwe abahiganwa bose, kwubahiriza amategeko no gufata ingingo mu mwanya ubereye ata ka mwana wa mama;
- Kugwiza ibiganiro kubegwa n’amatora bose no kumenyesha ku mwanya aho indinganizo y’amatora igeze;
- Guhana ikibiriraho ivyaha bijanye n’amatora
- Ku bamenyeshamakuru
- Gushikiriza amakuru ajanye n’amatora ata gushikuza kandi ata guca ivutu
- Kwirinda gushikiriza ivyavuye mu matora ivyegeranyo bitarashirwa ahabona n’inzego zibifitiye ububasha