



L’an deux mille vingt-cinq, le premier jour du mois de décembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 19ème séance plénière de la septième législature relative aux cérémonies d’ouverture de la session parlementaire ordinaire de décembre 2025.
En plus des sénateurs et hauts cadres du Sénat, la séance a vu la participation des invités comme le Chef de Cabinet du Gouverneur de la Province de Gitega, l’Administrateur de la Commune de Gitega, le Représentant de la Commission Electorale Nationale Indépendante (CENI), le Secrétaire du parti CNDD-FDD en Province de Gitega, les Ambassadeurs et les représentants des Corps Diplomatiques et consulaires, le Représentant de la CNIDH, les Représentants des organisations internationales œuvrant au Burundi, les Représentants des instances judiciaires, les Représentants des Corps de Défense et de Sécurité, les chefs des services œuvrant à Gitega ainsi que les médias. Ces cérémonies qui étaient présidée par Très Honorable Gervais NDIRAKOBUCA, Président du Sénat, ont débuté à 11 heures par une prière.
Voici en intégralité le discours prononcé à cette occasion par le Président de cette séance :
Tugire amahoro, Ubumwe, iterambere n’Umutekano mu gihugu cacu ciza c’Uburundi!
Ubwa mbere na mbere, tubanze dushimire Imana Muremyi wa vyose yemeye yuko tuvyuka turi bazima tukaza muri ibi bikorwa vy’uyu musi, ndetse ikaba yaraturinze no mu kiringo c’ukwezi twari tumaze turi mu karuhuko. Bivanye nuko uwushima adasinzikara kuko Imana imuhora hafi, reka tubasabe rero mudufashe, umwe wese mu kwemera kwiwe, dukurire ubwatsi iyo Mana yacu mu kuyihunda amashi menshi cane!
Ba Nyakwubahwa mwese, batumire bahire, turabahaye ikaze hano mu Nama Nkenguzamateka. Tuboneyeho kandi kubashimira kuba mwitavye ibirori vyaho turiko twugurura isasa risanzwe rya kigarama 2025. Turazi yuko mwari mufise iyindi mirimo ariko vyose mwabishize ku ruhande muraza kwifatanya natwe muri ibi birori. Kwama mwatwitavye ni ikimenyetso ntabesha yuko mudufise ku mutima kandi mutwitwararitse kuko akuzuye ntikamurikwa. Bashitsi bacu, aha mu Nama Nkenguzamateka turazirikana ko imiti ikora ikoranye, ko umwe wese mu rwego yaserukiye ari kirumara mu bikorwa vyacu. Tukaba dushigikiye yuko imigenderanire yacu yobandanya ku neza y’abenegihugu.
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, batumire bahire, akaruhuko twahoramwo, ntiwari umwanya wo kwicara mu miryango, ahubwo kabaye akaryo ko guhindura ibikorwa tukaja kwegera abenegihugu badutumye kubaserukira kuko turazi yuko naho inyundo ikura itaruta iyayujuje.
Ku bitwerekeye, twashaka rero dukeze abakenguzamateka ku bikorwa vy’iteka baranguye mu karuhuko, aho basanze ku kivi abenegihugu bakabatera intege mu bikorwa vy’iterambere barimwo, bakongera bakumviriza imyitwarariko yabo yo mu buzima bwa misi yose. Mu karuhuko twahoramwo, abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka twaragendeye intara za Bujumbura, Gitega na Burunga. Muri izo ntara tukaba twaba tujanywe no kwifatanya n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere barimwo canke tugiye kuganira na bo, kugira ngo tubahe impanuro ku bijanye no gukunda igihugu mu kugwiza umwimbu, kubumbatira amahoro n’umutekano, kuvyara ku rugero, gukorera mu makoperative, gutanga amakori, kubungabunga ibidukikije hamwe n’izindi mpanuro zotuma babaho bamerewe neza.
Kuva kw’igenekerezo rya 11 gushika ku rya 13 Munyonyo, icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ari kumwe n’abashingamateka batanu batowe mu ntara ya Gitega, yaratunganije ibiganiro vyamushikanye mu mazone atatu (3) yo mu makomine ya Shombo na Karusi. Intumbero y’ivyo biganiro, kwari ukumviriza ibibazo bihanze abenegihugu mu bisata bitandukanye harimwo ubutungane, ubutunzi, isuku n’umutekano. Tukiri aho nyene, icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaragiranye ibiganiro n’abaserukira abenegihugu bo muri zone ya Mugera ya komine Bugendana yo muri iyo ntara nyene ya Gitega, kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo uno mwaka.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka na we, kw’igenekerezo rya 8 Munyonyo, yarifadikanije n’abenegihugu bo muri zone Kajondi, komine Bururi, mu ntara ya Burunga, mu bikorwa vyo gusibura imiserege y’ibarabara rihuza ibarabara ry’ikaburimbo RN7 n’ikigo ca Reta kijejwe kurwiza imbuto, ISABU. Kuri uwo musi nyene, yarongeye arashikiriza, ku giti ciwe, ingabire y’imashini n’imipira yo gukina yari yaremereye abagendana ubumuga bo mu Kigo co ku mutumba Gakwende, zone Nyakuguma ya komine Rutana, mu ntara ya Burunga.
Kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo 2025 na ho, ari kumwe n’abashingamateka b’imvukira za komine Bururi yo mu ntara ya Burunga, icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaragiranye inama n’abakuru b’imitumba, abaserukira ubuzi butandukanye muri komine no mu mazone, abaserukira amashengero n’abadandaza bo muri zone Muzenga ya komine Bururi mu ntara ya Burunga. Iyo nama yari ifise intumbero yo kwumviriza ibibazo n’imyitwarariko vy’abenegihugu. Imbere y’iyo nama hari habanje kuba ibikorwa vyo kwubaka impome zo gukomeza no gushigikira ikiraro gihuza amazone ya Muzenga na Bamba yo muri iyo komine.
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, batumire bahire, twisunze ingingo ya 190 y’Ibwirizwa Shingiro, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, abakeguzamateka baravuye mu karuhuko barimwo, bitaba isasa ridasanzwe ryatumweko na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, kugira bemeze amazina ya abo mu gisata c’Ubutungane, kugira ngo bizerwe mu mabanga atandukanye yo muri ico gisata harimwo n’Umushikirizamanza Mukuru wa Repuburika.
Mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire y’Inama Nkenguzamateka n’izindi nzego, kw’igenekerezo rya 06 Munyonyo, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ari kumwe n’ivyegera vyiwe, yarahaye umubonano Uwuserukira Umugambi Mpuzamakungu ujejwe Iterambere (PNUD). Yarongeye kandi aha umubonano Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi yari aje kumusezera. Muri iyo mibonano, ibiyago vyashimikiye ku gukomeza imigenderanire n’ugufashanya hagati y’Inama Nkenguzamateka n’Ishirahamwe PNUD hamwe n’igihugu c’Ubushinwa.
Mu gutsimbataza ubucuti n’izindi Nama Nkenguzamateka na Nshingamateka, Nyakwubahwa Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye inama igira 20 ihuza abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka bo mu Muryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC) yabaye kw’igenekerezo rya 14 Munyonyo 2025. Abitavye iyo nama, barahanahanye ivyiyumviro ku bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ivyo basezeranye mu nama yaheruka, imyiteguro y’inkino zihuza abashingamateka n’abakenguzamateka bo mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko (EAC), ibibazo biri mu Nama Nshingamateka y’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, ibijanye no gutanga intererano, n’ibindi.
Vyongeye, kw’igenekerezo rya 3 Munyonyo 2025, abashingamateka n’abakenguzamateka batanu b’abarundi bararahiye kugira ngo binjire mu bikorwa vy’Inama Nshingamateka ya Afrika (PAP), mu gihe c’ibikorwa vy’isasa rigira 6 ry’ikiringo ca 6 c’urwo Rwego, vyabereye mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Muri abo barahiye, harimwo abakenguzamateka Léocadie NDACAYISABA na Jean Baptiste BARANYIZIGIYE.
Si ivyo gusa, intumwa z’Inama Nkenguzamateka zigizwe n’abakenguzamateka Imelde SABUSHIMIKE na Ferdinand NDAYISAVYE zaritavye ibikorwa vy’inama igira 84 ya Komite Nshingwabikorwa y’Ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka za Afrika (UPA), yabereye i Kinshasa, mu gihugu ca Repuburika iharanira Demokrasi ya Kongo (RDC), kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika ku rya 22 Munyonyo 2025. Mu vyihwejwe muri iyo nama, harimwo ibijanye no gutsimbataza ubwigenge bw’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika kugira ngo bishikire iterambere rirama hamwe n’intambamyi zihagaze ku bukene bw’amasoko ntanganguvu n’ingene yotezwa imbere muri Afrika.
Mu bijanye no gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abakozi, kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika ku rya 5 Munyonyo 2025, mu gisagara ca Bujumbura, kw’Ihoteri Royal Palace, haratunganijwe inyigisho nkarishabwenge zahawe abashingamateka n’abakenguzamateka hamwe na bamwe mu bakozi bo mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka, ku bijanye no kugenzura ibikorwa vya Reta no gutunganya uburyo hisunzwe imigambi yategekanijwe.
Mu kwifatanya n’abandi barundi mu manza Inama Nkenguzamateka itumirwamwo, ku magenekerezo ya 20 na 21 Munyonyo 2025, ivyegera vy’Umukuru w’Inama NKenguzamateka, bamwe mu bakenguzamateka b’abakenyezi n’abakozi bakuru bakuru b’abakenyezi bo muri urwo Rwego, barifadikanije n’izindi ndongozi mu kwitaba ibikorwa vy’Ihuriro rigira gatandatu rihuza abakenyezi b’Imboneza bo ku rwego rwo hejuru. Ivyo biganiro vyari bihagarariwe na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’Umutambukanyi wiwe vyatunganijwe ku civugo: « Twiteho amagara n’ubuzima vy’ibibondo kuva bakiri bato kugera bashike mu buyabaga kugira ngo bazoshobore kwiteza imbere no guteza imbere Uburundi ».
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, batumire bahire, mu karuhuko turangije twarashoboye kwibonera no kumviriza ibibazo bitandukanye bihanze abenegihugu badutoye canecane mu bisata vy’uburimyi, amagara y’abantu n’indero. Dufashe aka kanya rero kugira ngo dusabe ubushikiranganji bubijejwe burushirizeho kuba hafi abenegihugu ivyo bibazo bitore inyishu.
Mu gisata c’ibidukikije, twasanze ahenshi isi ndimwa iriko itwarwa n’inkukura. Kugira ngo dukingire isi ndimwa, duhamagariye abenegihugu, babifashijwemwo n’ibisata vya Reta bijejwe ibidukikije, kwijukira gutera ibiti ku mitumba no guca imikobeko.
Tugarutse mu gisata c’uburimyi, turateye intege abenegihugu bafashe iya mbere mu kwijukira gutera ibiterwa njabukamazi harimwo ikawa n’ivoka, ivyo bikazotuma mu misi iri imbere babukura mu cibo, Reta na yo iharonkere amafaranga mvamakungu.
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, batumire bahire, ni vyo twahora mu karuhuko, ariko twisunze impanuro za ba sokuru bacu ko isuka yama irima itarwa ingese, reka dutangurane iri sasa turiko turugurura n’inguvu hamwe n’umurindi bishasha kubera yuko abenegihugu badutumye batwitezeko vyinshi kandi bishasha duhamagariwe kubarangurira. Muze rero ejo aho bukera duce tuja ku kivi vuba na bwango, kuko uwushaka umuce acika ijoro.
Mutwemerere rero, tubamenyeshe yuko muri rino sasa risanzwe rya Kigarama 2025, uretse iyindi mirimo duhamagariwe kuzorangura, Inama Nkenguzamateka izokwihweza integuro z’amabwirizwa 6 twarungikiwe na Reta. Izo na zo zikaba ari izi zikurikira:
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka, batumire bahire, hampande y’izo nteguro z’amabwirizwa, tuzokwongera tubandanye twitaho gutora inyishu z’ibibazo bihanze abenegihugu, tubahimirize kubumbatira amahoro n’umutekano hamwe no kubandanya bahurumbira ibikorwa vyo kwiteza imbere. Nkuko dusanzwe tumenyereye gukorana n’abatowe mu makomine, tuze tubandanye tubahimiriza kwama basize imbere ineza y’umwenegihugu mu vyo bakora vyose, tutibagiye no kubaha impanuro zotuma mu mitumba haba ituze n’umunezero.
Reka kandi twongere twibutse abakenguzamateka yuko twebwe twatowe, dutegerezwa kuba ijisho n’ugutwi vy’abenegihugu muri vyose na hose. Duhamagariwe rero kuba akarorero keza mu kwitaba ibikorwa vy’iterambere rusangi bitunganywa mu ntara n’amakomine twatowemwo. Twame tuzirikana yuko akazi kacu atari ukwemeza integuro z’amabwirizwa gusa, ahubwo yuko dufise umwitwarariko w’ineza y’abenegihugu bose.
Tubashikirize kandi yuko tuzobandanya gutunganya ingendo n’inama zitandukanye hagati mu gihugu mu ntumbero yo gutsimbataza umugambi wa Reta wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu no gukurikirana ubuzima bw’amakomine. Tuzobandanya kandi ibijanye no gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abakozi bo mu Nama Nkenguzamateka kugira ngo bibafashe kurushirizaho kurangura neza imirimo bajejwe.
Mu ntumbero yo gutsimbataza ubucuti n’imigenderanire myiza hagati y’ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, tubamenyeshe yuko tuzokwitaba inkino zihuza abashingamateka n’abakenguzamateka bo muri uwo Muryango. Tuzokwitaba kandi n’ibindi bikorwa mpuzamakungu vyerekeye abashingamateka n’abakenguzamateka.
Imbere yo kurangiza, twashaka gukeza Reta Mvyeyi-Reta Nkozi ku kigoro iriko iragira mu kworohereza abenegihugu mu kubaronsa ivya nkenerwa harimwo igitoro n’ibindi bidandazwa nkenerwa, ikaba kandi iriko irafata n’ingingo zibereye mu bisata bitandukanye zituma ikigega ca Reta kibomboka. Turakeje vy’imvamutima Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu, ku gikorwa c’iteka ariko arakora mu guteza imbere igisata c’ubutare, ivyo na vyo bikaba biriko bituma ubutunzi bw’igihugu cacu bwisununura.
Tukaba turangije twongera tubashimira ku kugene mwitavye ibirori vy’uno musi. Ni no kuri aya majambo dutangaje icese iyugururwa ry’ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Kigarama 2025. Murakoze, Imana ibahezagire !
Cette séance qui s’est déroulée dans une atmosphère bien détendue a été clôturée à 11heures 40 minutes par une prière.